Kenya yabujije abanyamahanga gukora urudandazwa rubayabaye

Perezida wa Kenya William Ruto

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Perezida William Ruto wa Kenya yategetse ko abadandaza bato bato n'abatembereza ibidandazwa mw'ibarabara b'abanyamahanga batongera gukora iyo mirimo kuva ku wa mbere itariki 7 Nyakanga(9), 2026.

Yabivugiye mu nama yagiranye n'ibigo bito bito n'ibibayabaye vy'ubugwizatunga, inama yabereye ku kirimba c'umukuru w'igihugu kuri uyu wa gatatu.

''Twaragize utwigoro two guteza imbere ubutunzi... ntitwabikoze kugira twongereze icizere c'abanyamitahe kugira abatembereza ibidandazwa mw'ibarabara baze muri Kenya'', ni ko Ruto yabwiye abari muri iyo nama bavyakiriye mu kumukomera amashi menshi cane.

Ruto yababwiye ko hari integuro iri imbere y'inama nshingamateka yo gutomora urutonde rw'urudandazwa abanyamahanga batemerewe gukora ariko yabwiye abari muri iyo nama ko batorurindira.

''kuva ku wa mbere [7 ukwezi kw'icenda] urwo rudandazwa murukorereko'', ni ko yabwiye abari muri iyo nama.

Uretse Ubushinwa yatanzeko akarorero avuga ati "Ntibikwiye ko umuntu ava mu Bushinwa ngo aze gutembereza ibidandazwa mw'ibarabara canke ngo yuguruze ibutike muri Kenya'', perezida Ruto yagize ati ''reka ndeke kuvuga ivyo bihugu'' abo banyamahanga bavamwo.

Kenya isanzwe irimwo abantu benshi bava mu bihugu vy'akarere nk'Uburundi, Urwanda, Uganda na Congo bakora imirimo mito mito itandukanye.

Hari abatembereza ivyo kurya nk'amagi ahiye, ikaranga, ibitumbura, icayi n'ikawa. Abandi bakora mu mazu yo kumwa no gusuka imishatsi, abandi mu bwubatsi. Hari n'abatembereza impuzu za kombokombo muri Kenya zizwi nka mitumba, abandi bagakora ikinyezamu muri Kenya kizwi nk'ubusoruja (soldier).

Mu minsi iheze, hari abanya-Kenya – barimwo n'uwahoze ari umushingamateka – bashize mu majwi abo banyamahanga bavuga ko bobuzwa gukora iyo mirimo bagataha iwabo.

Imvugo itashimishije bose inatuma haba uguterana amajambo ku mbuga hwaniro.

Abatari bake muri abo banyamahanga bava mu bihugu vy'akarere bivugwa ko ata mpapuro zo kuba canke zo gukora muri Kenya baba bafise, abandi na bo ngo zikaba zarataye igihe. Ni na vyo bituma bigora kumenya igitigiri cabo uko kingana.