"Umuganga abaga yibagiriye isashe mu nda yanje"

Tom Hadrys
Insiguro y'isanamu, Tom Hadrys yabwiye BBC ko ivyo yaciyemwo mu 2016 vyagize ingaruka ku buzima bwiwe igihe kirekire
    • Umwanditsi, Joe Pike et Charlotte Rowles
    • Igikorwa, BBC

Mu bwongereza, umugabo umwe yasanze bibagiriye agasashe karimwo ibipimo vyo kwa muganga mu nda yiwe inyuma yo kumubaga.

Umuganga yari yabaze uwo muntu mu 2016 ku bitaro vya Royal Sussex County vy'i Brighton yasizeyo kandi igice c'amara ya Tom Hadrys yari yakase kugira agikuremwo igihe yariko aramubaga.

Nk'uko biri mu cegeranyo co kwa muganga BBC yabonye, uwo muganga yagiye kubona amakosa yakoze amaze gushika muhira iwe.

Igipolisi ca Sussex kiriko kigira amatohoza ku bintu 105 vyerekana ko habaye ugusamara mu buvuzi ku migwi ibaga abagwayi mu bitaro vya kaminuza ya Sussex, bigize NHS, igisata c'amagara y'abantu mu Bwongereza.

NHS ivuga ko igikorwa c'imigwi y'abaganga babaga "kiguma gikurikiranirwa hagufi" kandi ko " mu gihe umusaruro uri hasi ku wari witezwe , ingingo zihuta zica zifatwa ubwo nyene."

Agarutse avuye mu kibanza babagiramwo ariko akimeze nk'uwusinziriye, Tom Hadrys w'imyaka 63, umu 'ingénieur' ari mu karuhuko k'iza bukuru, aribuka ko hari umuganga yamuvugishije.

"Ubwenge bwari bwagarutse numva uwo nibaza ko ari umuganga abaga anyongorera mu gutwi. Yambwiye 'urambabarira', nibaza ko kandi yambariye 'Twagize ikosa, ntegerezwa kugusubiza mu cumba tubagiramwo".

Hadrys yagiye kumenya mu nyuma ko mu gutaha muhira iwe ahejeje kubagwa, uwo muganga yagiye aribuka ido n'ido ry'ingene ico gikorwa cagenze, aho yaca yibuka amakosa yakoze.

Hadrys yagize ati: "Yaciye ahindukira agaruka ku bitaro".

Umuganga ariko aratambuka mu bitaro

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibitaro vyarasavye ikigongwe Hadrys, binamuha indishi y'akababaro y'amapawundi 15.000
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uwo muganga yarasubiriye kumubaga ubwa kabiri kugira akuremwo iyo sashe n'igice c'amara yari yakase akacibagiriramwo igihe yariko aramubaga ubwa mbere.

Ni ikintu cafashwe n'inama nyobozi y'ibitaro "nk'ikintu kitari bwigere kiba - ikintu kitari gikwiye gushika'' - kiriko kiragirwako amatohoza nk'ikosa rikomeye cane.

NHS igenzura ivyo bitaro yaremeye amakosa yo kubaga yabaye nk'ivyashikiye Hadrys yatumye umugwayi amara musego ku musego igihe gusumba icari gitegekanijwe. Mu 2020, NHS yarasavye ikigongwe, iranemera guha indishi y'akababaro uwo mugwayi ingana 15.000 vy'amapawundi (£15.000).

Ariko uwo muganga - BBC idashobora kuvuga izina kubera impamvu zijanye n'amategeko - yabandanije kubaga abantu no gukorera NHS. Mu nyuma yaragenywe mu mugwi w'abahinga, n'aho bamwe mubo bakorana bari bavyiyamirije, kuko bamufata nk'uwudafise ubushobozi bukwiye.

Ibindi "bibazo bijanye n'ubushobozi" bw'uwo muganga vyaragaragaye mu butumwa bwahanahanywe hagati y'abarongoye abandi n'abaganga bari baherutse guheza amashure, nk'aho bavuga "ukwiyongera kw'abantu bapfa uravye imyaka imwe imwe."

Katie Urch, umurongozi mu vy'ubuvuzi ku bitaro vya kaminuza ya Sussex NHS Foundation Trust, yaremeje ko "umugwi w'abaganga babaga biyemeza gukora neza kandi mu buryo butabangamira umugwayi, rimwe na rimwe mu bihe bigoye".

Yongeyeko ko, kubera kubaga abagwayi bamwe bamwe bamwe bitaba vyoroshe, ko hashobora kuba ingorane vyama vyitezwe misi yose, n'aho imigwi ikora ako kazi iba ifise ubushobozi bwo ku rwego rwo hejuru.

Urch yavuze ko" ivyashitsweko biriko birakurikiranirwa hagufi - haba mu bitaro canke hanze - kandi igihe cose bigiye hasi ugereranije n'uko vyari bitegekanijwe, ingingo zihuta zica zifatwa ubwo nyene mu kwirinda amakosa no kuryohora uko bikorwa."

Abaganga bari mu gikorwa co kubaga

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abantu imiriyo n'imiriyoni bari ku rutonde rwo kurindirira ko bavurwa mu Bwongereza

NHS, igisata c'amagara y'abantu mu Bwongereza, caratewe igitsure muri iyi myaka iheze, kirarengerwa n'ibintu vyinshi, nk'akamangu k'inyoni, kwegeranya uburyo, ibura ry'abakozi, yegereyegere y'abakozi bo muvyo amagara y'abantu basaba kwongerwa umushahara, vyatumye akazi kaba kenshi bigaca bigira ingaruka ku kungene abagwayi bavurwa. Benshi n'abarindiriye amezi n'amezi, mbere n'imyaka, kugira bashobore kuvurwa.

BBC imaze amezi atandatu igira amatohoza ku mutekano w'abagwayi mu bitaro vya Sussex University Hospitals NHS Foundation Trust.

Mu 2023, twararonse inkuru zivuga ko abagwayi bapfa bazize ubusa, mu gihe abandi "baguma bacibwa ibihimba". Kuba hariho umugenzo wo "gutunganya imirimo mu manyanga" na vyo vyaravuzwe.

NHS ivuga ko igikorwa cayo ca mbere ari "kuvura abantu neza kandi bagakira", ko ibiharuro bidahura n'ivyagiriji ko hari abapfa bazize ubusa kandi ko ata vyemezo bihari ko hari umugenzo wo gutunganya imirimo mu manyanga.

Imyaka umunani inyuma yo kubagwa Tom Hadrys yabwiye BBC ko akibabazwa n'ivyamushikiye.

Agira ati: "Nta nkeka ko nkibabara. Vyarangizeko ingaruka. Aha musi y'umukondo nta nguvu kandi sinshobora guterura ikintu kiremereye".