Austria: Umuganga yaciwe ihadabu kubera ukwihenda agaca umurwayi ukuguru kutariko

A file photo shows surgeons at work

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ikosa ryabonywe haheze iminsi ibiri ukugura guciwe

Umuganga abaga muri Autriche (Austria) yaciwe ihadabu kubera yaciye ukuguru kutariko umurwayi mu munsi iheze.

Ukuguru kw'i buryo k'uwo murwayi ageze mu za bukuru kwaraciwe kandi yagomba gucibwa ukw'i bubamfu, ikosa rija kubonwa haheze iminsi vyabaye.

Ku wa gatatu, sentare yo muri Linz yasanze uwo muganga w'imyaka 43 yagize ikosa ryo gufata ibintu minenerwe cane aca acibwa ihadabu ry'ama dorari hafi 3000 (hafi miriyoni 6 z'amafaranga y'Uburundi).

Umupfakazi w'uwo murwayi, yapfuye imbere y'uko urubanza rushika muri sentare, yanahawe amadorari ashika hafi 6.000 y'indishi.

Uwo murwayi yagiye muri ivyo bitaro vyo muri Freistadt mu kwezi kwa Rusama (ukwezi kwa gatanu) kugira acibwe ukuguru ariko umuganga yashize ikimenyetso ku kuguru kwo gucibwa kutariko, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru AfFP.

Iryo kosa ryagiye kugaragara mu gikorwa ca minsi yose co guhindura pansuma hanyuma umurwayi aca abwirwa ko n'ukundi kuguru gutegerezwa gucibwa.

Ico gihe, ibitaro vyari vyavuze ko iryo kosa ryari ryabaye "biturutse ku rukurikirane rw'ivyashitse bibabaje". Umuyobozi wavyo yarasavye imbabazi icese mu kiganiro n'abamenyeshamakuru.

Muri sentare, uwo muganga abaga yavuze ko habaye ikosa ku murongo w'ingene hahererekanywa ivyo gukora mu cumba co kubaga.

Abajijwe igituma yashize ikimenyetso ku kuguru kw'i buryo aho kugishira ku kuguru kw'i bubamfu, uwo muganga w'umugore yavuze yavuze ati "Ntavyo nzi".

Kuva ivyo bibaye, uwo muganga yimukiye mu bindi bitaro. Iigice c'amafaranga y'ihadabu yaciwe yarahagaritswe.

Amakosa nkayo ntakunze gushika ariko vyari bimaze kuba muri kahise.

Mu 1995, umuganga wo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yamenye agejeje hagati kubaga ko yariko araca ukuguru kutariko umuntu yari arwaye diabete. Vyabaye ngombwa ko abandanya kuko yari amaze guhimbura ibitari bike.