Cameroun: Ibohero ririko riramenyekana cane kubera rifise inzu yaryo bwite itunganya umuziki

    • Umwanditsi, Wedaeli Chibelushi
    • Umwanditsi, Tom Brook
    • Igikorwa, Films parlants
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 5

New Bell, ibohero risanzwe rizwi cane mu bintu bitari vyiza rikaba riri i Douala muri Cameroun, ni nk'igisagara kiri mu kindi.

Iri bohero ririfitiye ico bita ama "taxis" yaryo bwite (abanyororo bagenda n'amaguru bakanyuragiranwa imbere muri ico kigo, gisanzwe kirimwo abantu benshi, bajanye ubutmwa ku muntu buba bugenewe), rifise abajejwe umutekano baryo bwite (abanyororo b'indyamunyu bafise n'amaboko yumutse bafasha inzego zibijejwe gucungera umutekano).

Mbere rirafise n'isoko ryatunganirijwe n'ibibanza canke utuzu vyo kudandarizamwo. Abanyororo bashobora kugurisha canke bakagura ibintu bitandukanye bakeneye nk'imyumbati ikaranze nk'amafiriti, ibitumbura, n'ibindi.

Mu yandi majambo, abanyororo bo muri New Bell barashoboye kwungukira mu kudakurikizwa neza kw'amategeko agenga amabohero. Akarorero kagaragara cane ni Jail Time Records, inzu ifata amajwi ikongera igatunganya umuziki iri imbere muri iryo bohero, ikaba mbere iriko iramenyekanisha abaririmvyi b'abanyororo bafise impano idasanzwe.

Ururirimbo rw'amashusho rwa Empereur, umwe mu bayobozi b'imirwi y'inkozi z'ikibi (gangs) atinywa cane imbere no hanze y'iri bohero, rumaze kurabwa n'abantu barenga 24.000 kuri YouTube, ayo mashusho yose akaba yafatiwe muri iryo bohero.

Indirimbo z'abo banyororo zarakunzwe gushika muri Afrika y'Epfo, Reta Zunze Ubumwe za Amerika no muri Argentine. Mu ntango z'uyu mwaka, Jail Time Records yaranatunganije igiteramo kinini c'abanyororo imbere muri ico kigo ca New Bell.

Steve Happi, yahoze apfungiwe muri iryo bohero akaba ari umwe mu bashinze Jail Time Records, yabwiye ikiganiro Talking Movies ca BBC ati: "Ubu ni bwo buryo bwo kwiha agaciro no kwihagararako... aho dushobora gusangiza abandi urukundo, uburwaneza, kandi amajwi yacu akumvikana."

Yongerako ati: "Ntituba tukiguma twiyumvira za nkuta zine zidukikuje. Twiyumva nk'abaronse umwidegemvyo."

Studio ya Jail Time Records irasanzwe cane: igizwe n'akazu gatoyi gafatirwamwo amajwi kadafise n'ubuhinga bwo gukwega akayaga, imbere muri ko harashuha cane, kandi kari iruhande y'ikindi cumba kirimwo imashini nyabwonko (ordinateur) imwe rudende.

Ariko kandi, ni ahantu abantu basohorera ivyiyumviro bibaremereye kandi bagashiramwo ubuhinga n'impano vyabo, nk'uko bigaragazwa na 'documentaire' iherutse gusohoka kandi yakunzwe cane, ikaba yahawe izina ry'iyo studio nyene.

Iyo 'documentaire' yakozwe na Happi hamwe n'umunyempano w'Umutaliyanokazi Dione Roach, umwe mu bashinze Jail Time Records. Yafatiwe mw'ibohero rya New Bell mu kiringo c'imyaka itandatu.

Mu kwezi guheze, iyo documentaire yaronse ubushimwe butatu harimwo agashimwe ka documentaire ndende nziza kuruta izindi, mw'isabukuru y'amareresi y'i Tribeca i New York.

Muri iyo documentaire, umunyororo yitwa Stone agaragara ariko aririmba mu mudiho wa 'rap', ari kuri micro y'imbere muri iyo studio, agira ati: "Umutima wanje waratimvye, ni intambara. Amarangamutima yanje acika ubunywenywe nk'ikirahuri camenetse."

"Nk'umuryango w'icumba c'ibohero, ndugaye kandi sinuguruka. Ntaronse ico nishimikiza, nyerera nk'urufi."

Stone, yahoze ari umusirikare wo mu murwi ucungera umukuru w'igihugu wa Cameroun, yakatiwe gupfungwa imyaka 10 ku vyaha vy'ubusuma no gutunga inkoho atabifitiye uburenganzira. Apfungiwe mw'ibohero rya New Bell. Ariko we avuga ko ata caha yakoze.

Iyo documentaire imwerekana ariko aragerageza incuro nyinshi – rimwe rimwe ntibinashoboke – guterefona umukobwa wiwe muto yitwa Maira.

Mu butumwa bw'ijwi yasigiye umwe mu bo mu muryango wiwe, inyuma yo gusubira kunanirwa gutora Maira kuri terefone, yagize ati: "Haraciye igihe kinini. Arakeneye kuja arumva ijwi ryanje rimwe rimwe kugira ntazohave yibagira ko ndi se."

Amashusho y'ururirimbo "Heart of Stone" arerekana neza uburyo Jail Time Records ikora. Ni umuziki wateguwe neza, ubutumwa burimwo buranyura gose, kandi abanyororo benshi baragaragaramwo nk'abafasha, nk'abafisemwo uruhara canke nk'abahinga mu gutunganya amashusho n'amajwi.

Taika Waititi, umuhinyanyuzi wa documentaire wo muri Nouvelle-Zélande yaronse agashimwe kitwa Oscar, hamwe n'umugore wiwe, umuririmvyi Rita Ora, bari mu baterereye gutunganya documentaire Jail Time Records.

Yavuze ati: "Umuziki uhakorerwa usohoka neza mu buryo butangaje."

Yongerako ati: "N'ubwo umuntu yoba yaraciriwe urubanza, impano n'umuziki birashobora kumufasha kwubaka gushasha ubuzima bwiwe no guhinduka, agasubira kuronka agateka akanashikiriza ivyiyumviro. Guha umuntu akaryo ko gushikiriza akari ku mutima ni ikintu gihambaye cane kandi c'ubuntu".

Jail Time Records yashinzwe mu 2018, igihe Dione Roach yari umukorerabushake mw'ishirahamwe ridaharanira inyungu ryategura ibikorwa bitandukanye imbere mw'ibohero rya New Bell.

Umusi umwe, igihe hariko haratangwa icigwa c'ugutamba ku bagore bapfungiwe muri iri bohero, umurwi w'abaririmvyi b'umudiho wa rap warafashe micro utangura kuririmba ukoresheje amajambo ufondeye aho nyene. Roach yaratangajwe n'ubuhinga bwabo, aca asaba ubuyobozi bw'ibohero uruhusha rwo kuhubaka studio ishobora gufata amajwi.

Abayobozi b'iryo bohero baremeye ico gisabo. Roach aca aha akazi Steve Happi kugira arongore iyo studio nk'umuhinyanyuzi w'umuziki n'umuhinga mu gufata no gutunganya amajwi.

Nk'uko Steve Happi abivuga, yapfungiwe mw'ibohero rya New Bell inyuma y'uko agiranye amatati n'abo mu muryango wiwe ku co bokoza ikiziga ca se yari yapfuye.

Avuga ko senge wiwe, yari umucamanza muri sentare nkuru, ari we yateguye ko apfungwa, amwagiriza kwica se wiwe. Ariko rero, inyuma y'imyaka ibiri, yarejejwe nk'uko inyandiko zo mw'ibohero zibigaragaza.

Mu 2022, Happi, Roach n'abanyororo basohoye urukurikirane rw'indirimbo rwitwa Jail Time Vol 1. Nk'uko bisanzwe bikorwa muri Jail Time Records, igice c'inyungu ziva ku kugurisha urwo rukurikirane cahawe abaririmvyi, ikindi na co gisubizwa muri iyo nzu y'umuziki kugira ibandanye gukora.

Kubaho kw'iyo studio ni ikintu gihambaye cane ku baririmvyi benshi, cane cane kubera ubuzima bugoye mw'ibohero rya New Bell.

Mu 2022, ishirahamwe Human Rights Watch ryavuze ko ibohero rya New Bell ryari rifise abanyororo bashika ku 4.700, kandi ari incuro zine z'igitigiri ryagenewe kwakira. Hambavu y'ivyo, n'inyubakwa zirashaje.

Nk'uko amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu abivuga, ubwinshi bw'abanyororo n'isuku rike vyatumye ikiza ca kolera gikwiragira ningoga mu myaka ine iheze. Nimiburiburi, abanyororo batandatu barahitanywe n'iyo ndwara.

Ibohero rya New Bell rizwi kandi nk'ikibanza c'intureka n'ihohoterwa. Mu 2008, igihe bamwe mu bapfunzwe bagerageza gutoroka, abacungera ibohero barashemwo abanyororo 16.

Abanyororo na bo nyene baratotezanya hagati yabo bakanagiriranira nabi - iyo documentaire yerekana Empereur, asanzwe ariko arangiza igihano c'imyaka 10 yakatiwe kubera ivyaha bitandukanye, ariko yaka umunyororo akiri muto atagira inguvu umugufu n'ibirato vy'isandale.

Abajijwe nimba umugambi wa Jail Time Records utazohava ushingira inkigi ukanashimira Empereur, umuhungu w'umutware kama wo muri Douala, hamwe n'abandi bakoze ivyaha vy'ubwicanyi n'ubundi bugizi bwa nabi, Dione Roach yabwiye BBC ati:

"Uburyo dukoramwo bushingiye ahanini ku gusubiza abantu mu buzima busanzwe no kubafasha guhinduka."

Ashimangira ati: "Iyo turiko turakorana n'abanyororo, ubwa mbere ntitubafata nk'abagizi ba nabi. Tubakira nk'abantu basanzwe hama tukabaha akaryo ko gusohora impano zabo. Ku bwacu, ni bwo buryo bwiza bwo kubafasha no kubarokora."

Asozera agira ati: "Umuziki, nk'ubundi buryo bwose bwo gusohora impano, ni inzira yo kwimenya ico uri, kwinegura, kwemera amakosa wakoze muri kahise, no kugerageza kuba umuntu mwiza kurushiriza."