Uganda: Bituye sentare kubera bahawe udukingirizo tudakomeye tugatabuka mu mibonano

Ahavuye isanamu, Thinkstock
Abaganda batatu bitwariye ikigo kijejwe kugenzura imiti mu gihugu hamwe n'ishirahamwe Marie Stoppes, bakavuga ko babahaye udukingirizo tubadokeme twabateye kwandura umugera wa SIDA no gusama inda batipfuza.
Umwe muri abo bagabo avuga ko yakoresheje udukingirizo twitwa Life Guard, ariko tukaba twarapasutse mu gihe yariko agira imibonano mpuzabitsina, vyatumye yandura umugera wa SIDA, mu gihe uwundi nawe yanduye agashangaza (blennorragie).
Uwundi mugore nawe avuga ko yasamye inda kandi yakoresheje ako gakingirizo.
Mu kwa cumi na rimwe 2019, abategetsi ba Uganda barategetse ko udukingirizo twari tumaze gutangwa incuro zibiri n'iryo shirahamwe Marie Stopes Uganda rijejwe irondoka rijanye n'amagara meza dukurwa kw'isoko.
Urwandiko rwabo ruvuga ko utwo dukingirizo tutapimwe kugira twemezwe ko dukwije ibisabwa n'amategeko imbere y'uko duhabwa abanyagihugu.
Ishirahamwe Marie Stoppes yatanze udukingirizo tungana n'imiliyoni zibiri ku kwezi mu gihugu.
Muri urwo rubanza, abitwaye basaba ko uruhusha rwo kwinjiza no gutanga utwo dukingirizo ruhagarikwa.
Basaba ko ikigo kijejwe imiti mu gihugu, ari naco gitegerezwa gupima imiti yose n'ibindi vyose bikoreshwa mu buvuzi imbere y'uko bishirwa kw'isoko, ko cemera ko cananiwe mu mabanga yaco.
Utwo dukingirizo tungana n'umuliyoni twavanywe kw'isoko na leta mu kwa cumi na rimwe 2019, kubera imyidogo y'abanyagihugu.
Ico gihe ikigo kijejwe imiti muri Uganda (NDA) cari giherutse gusohora urwandiko kivuga ko ibipimo vyerekana "udutoboro n'ibimenyetso bigaragaza ko utwo dukingirizo dushobora guturika".
Ariko kuva ico gihe, hari bwinshi bwari bumaze kugurishwa, ubugera ku bice 70% bwonyene bukaba ari bwo bwonyene bwavanywe kw'isoko.
Abagabo babiri bitwariye ishirahamwe Marie Stoppes mu rubanza rundi bari bunguruje mu kwa kabiri uno mwaka, basaba indishi y'akababaro.










