Iowa – US : Abantu batandatu 'bo mu muryango umwe' bishwe barashwe mu matati yo mu muryango

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igipolisi co muri reta ya Iowa, muri Reta zunze Ubumwe za Amerika, catangaje ko abantu batandatu bishwe muri iyo reta, inyuma y'uruhererekane rw'amasasu rwatewe n'amatati yo mu muryango.
Uwukekwa kurasa abo bantu na we nyene yasanzwe yapfuye inyuma yo kwirasa, nk'uko igipolisi co mu gisagara ca Muscatine, muri Iowa, cabitangaje.
Nk’uko ico gipolisi kibivuga, vyibazwa ko abishwe ari abo mu muryango w'uwo akekwa kubarasa, yamenyekanye kw’izina rya Ryan Willis McFarland, imyaka 52, akaba yaba i Muscatine.
Umukuru w’igipolisi c’i Muscatine, Anthony Kies, yadondoye urwo rukurikirane rwo kurasa rwabereye ahantu hatandukanye, ku wa mbere, nk’ "igikorwa c’ubugome."
Abapolisi baronse amakuru avuga ko hari amasasu yarashwe ku wa mbere, inyuma gato ya sasita. Bageze mu nzu imwe, bahasanze abantu bane barashwe. Abo bose vyemejwe ko bapfiriye aho nyene.
McFarland yari yavuye muri iyo nzu imbere y’uko abapolisi bahashika. Ariko inyuma y’igihe gito, bamusanze ku nzira iri ku nkengera z'uruzi hafi y'ikiraro c'abagenda n'amaguru.
Abapolisi bavuga ko yari yirashe, kandi ko bagerageje kumuha ubutabazi. Yamara, vyahavuye vyemezwa ko yapfiriye aho bamusanze.
Mu nyuma, abahinga mu gutohoza basanze uwundi mugabo yapfiriye mu yindi nzu, na we nyene bikekwa ko yari yarashwe.

Babandanije amatohoza, barashitse ku kibanza c'ubudandaji, aho basanze uwundi muntu yapfuye, na we nyene bigakekwa ko yari yarashwe.
Mw’itangazo, igipolisi cavuze kiti:
"Ibimenyetso vya mbere vyerekana ko urwo rukurikirane rwo kurasa rwatewe n'amatati yo mu muryango”.
“Abishwe bose vyibazwa ko ari abo mu muryango wa nyakwigendera akekwa kubarasa."
Anthony Kies ntatanga amazina canke imyaka y'abishwe, ariko avuga ko amatohoza akibandanya.
Izindi nkuru wosoma:




