Koweït ivuga ko ubuhinga bwayo bwo gucungera ikirere buriko buhangana n'ibitero vya misire na 'drone' vy'umwansi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igisirikare ca Koweït catangaje ko kuri uwu wa kane ubuhinga bwaco bwo kwirinda ibitero vyo mu kirere bwariko buratangira ibitero vy’ama misire n’ama ‘drones’ vy'umwansi, nk'uko itororokanirizo ry'amakuru Reuters ribitangaza, ariko nticatomoye iyo vyazananye.
Ico gisirikare cavuze ko amajwi y’uguturika yumvikanye mu gihugu yaturutse kuri ubwo buhinga bwariko buratangira ivyo bitero, gica gisaba abanyagihugu gukurikiza amabwirizwa y’umutekano no kwikingira yatanzwe n’abategetsi.
Iri tangazo ryasohotse inyuma y’ibitero Amerika yagavye kare ku vyo yavuze ko ari ibikorwa vy’ama ‘drones’ vya Iran bishobora gushira mu kaga abasirikare bayo hamwe n’uruja n’uruza rw’amato mu muhora wa Hormuz.

Iran yemanze ico gitero kuri Amerika aho yavuze ko yarashe ku kibuga c'indege za gisirikare ca Amerika, igihe c’isaha cumi zo mu gitondo n’iminota 50 (4:50). Ntiyavuze aho ico kibuga c'indege za gisirikare za Amerika giherereye.
Iran ivuga ko ibi yabikoze inyuma y’ico yasobanuye ko ari igitero ca Amerika cagabwe mu gitondo ca kare hafi y’ikibuga c’indege ca Bandar Abbas.
Koweït, igihugu kirimwo ikibuga c'indege za gisirikare ca Amerika, ntiyatomoye nimba ivyo bitero vyaturutse muri Iran.
Ibihugu vyo mu kigobe, harimwo Koweït, vyarahuye n’ibitero vy’ama misire n’ama ‘drones’ mu gihe c’intambara Amerika na Israel vyashoje kuri Iran.
N’ubwo ibikorwa vy’intambara vyagabanutse kuva agahengwe gatanguye gukurikizwa mu kwezi kwa kane, ama ‘drones’ yo yabandanije arungikwa mu bihugu vyo mu kigobe, harimwo Arabie Saoudite na Koweït, avuye muri Iraq.
Izindi nkuru wosoma:






