Ibanki Standard Chartered yagenye imiliyaridi $2.33 ku mugambi wa gariyamoshi wa Tanzania
Ibanki Standard Chartered yegeranije amafaranga angana n’imiriyaridi 2.33 z’amadorari y’Amerika yo gufasha umugambi w’ibarabara rya gariyamoshi ryo mu bwoko bwa “Standard Gauge Railway”(SGR) muri Tanzania, nk'uko bitangazwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.
Ayo mafaranga azokoreshwa mu kwubaka ibice bibiri vy’umurongo wa gariyamoshi ufise uburebure bw’ibirometero 1,219, uhuza umurwa mukuru w’ubudandaji Dar es Salaam n’igisagara ca Mwanza co ku nkengera y’ikiyaga.
Ishirahamwe ryo muri Turukiya Yapi Merkezi hamwe n’iryo mu Bushinwa rikorera mu bw’ivy'ubwubatsi ryitwa “China Civil Engineering Construction Corporation" ni yo azokora ivyo bikorwa, nk'uko iyo banki yabivuze.
Yongeyeko ko ayo mafaranga yabonetse biciye mu bigo bitanga ingurane, amabanki y'ubudandaji hamwe n'ibigo vy'iterambere.
Standard Chartered yavuze ko uwo murongo wa gariyamoshi uzofasha gutwara abantu n’ibidandazwa neza, ugahuza ikivuko ca Dar es Salaam n’uturere tw’iterambere two mu burengero bwa Tanzania hamwe n’ibihugu bibanyi.
Ivyo vyitezwe gufasha mu guteza imbere ubutunzi mu gihugu hagati.
Tanzania ifise intumbero yo kwubaka inzira ya gariyamoshi igezweho y'ibilometero 2,561, ihuza n'ibihugu bibanyi bidakora ku mazi birimwo u Rwanda, Uburundi, Uganda na Republika ya Demokarasi ya Congo.
Izindi nkuru wosoma :