Prezida wa Mali avuga ko reta ifise ibintu mu minwe inyuma y’ibitero vyo mu ndwi iheze

Ahavuye isanamu, Presidence du Mali
Umukuru w’ubutegetsi bwa gisirikare muri Mali, Assimi Goïta, ku wa kabiri yaragiye ahabona ku ncuro ya mbere kuva habaye ibitero vyabereye ica rimwe mu duce dutandukanye tw’ico gihugu.
Mw’ijambo yashikirije abicishije ku mboneshakure, uwo mutegetsi yatangaje ko reta yiwe “izotsinda” ababigize.
Ishami rya Al Qaeda ryo muri Afrika hamwe n’umugwi witwaje ibigwanisho wiganjemwo aba Tuareg, ku musi wa gatandatu, bagavye ibitero ku kigo gikuru ca gisirikare ca Mali no ku karere kegereye ikibuga c’indege co ku mugwa mukuru Bamako.
Mu bahitanywe n’izo ntambara, harimwo umushikiranganji wa Mali wo kwivuna abasi Sadio Camara.
Jenerali Goïta yabonetse kandi asura umuryango wa Camara awihanganisha inyuma y'ivashitse.
Iyo migwi yitwaje ibigwanisho yarashoboye kandi kwirukana mu gisagara gikomeye ca Kidal co mu buraruko, abasirikare b’abarusiya bafasha reta ya Mali.
Mu butumwa bwa video yashize ahabona kuri uwu wa kabiri, umuvugizi wa Jama'at Nusrat al-Islam wal-Muslimin (JNIM), ishami rikukira al Qaeda, yashimagije intureka zo ku musi wa gatandatu. Yashimangiye ko kwari ukwihora ku bitero vy’ama drone bigirwa n’ingabo za Mali.
Umuvugizi, Bina Diarra, yakangishije kandi ko bashobora kwugariza no gukikuza Bamako ku buryo ibura isaganirizo. Uwo mugwa mukuru usanzwe ubamwo abantu bagera kuri miriyoni zine.
Ibitero vyagabwe n’imigwi yitwaje ibigwanisho muri Mali mu mpera z’indwi iheze, vyatumye haba uguhiganirwa gufata uduce dutandukanye tw’ubugararwa bunini buherereye mu buraruko bwa Mali.
Abahinga bavuga ko ibi vyongereje umwitwarariko ko iyo migwi, isanzwe imaze kwerekana ugushaka kudasanzwe kwo gutera ibihugu bibanyi, ishobora gutera intambwe ikomeye.
Ku bw’abo bahinga, iyi migwi ishobora no kwagura intumbero yayo irabisha ku bindi bihugu biri kure kurushiriza.
Izindi nkuru wasoma:








