Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Ebola: Abanyamahanga baherutse guca muri DR Congo babujijwe kwinjira mu Rwanda

Minisiteri y’ubuzima y’u Rwanda yatangaje ingamba nshya zo kwirinda ikwirakwira rya Ebola ivuga ko zitangira kubahirizwa kuva aka kanya.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana, Gildas Yihundimpundu na Samba Cyuzuzo

  1. Aha nigo dusoreje aya makuru y'ikibiriraho yuyu munsi, wakoze kubana natwe.

  2. Inyigisho z'amasengesho yo kuwa gatanu zatanzwe mu misigiti ya Iran zatanze umuburo kuri Amerika na Israel

    Mu nyigisho z'amasengesho yo mu misigiti yo kuwa gatanu zatanzwe uyu munsi mu mijyi itandukanye ya Irani, abaimamu(Abayobora amasengesho ya Islam) baburiye Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Israel ku ikindi gitero.

    I Tehran, Mohammad Javad Hajj Ali Akbari, akaba ari Imamu w’agateganyo w’amasengesho yo kuwa gatanu mu murwa mukuru Tehran, yabwiye Amerika na Israel ati: "Nukora ibitabapfu, kuri iyi nshuro uzabona indi Iran, kandi tuzagerageza ibisasu bishya utarigeze utekereza."

    Ahmad Alam-ul-Huda yanatanze umuburo kuri Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Israel, avuga ko kimwe mu byagaragaye ku ntambara iherutse kuba ari uko ikoranabuhanga rya Iran rihendutse ry'i ndege za drones na misile ryashoboye guhangana n'ikoranabuhanga rihenze ry'Abanyamerika, avuga ko Irani ubu yabaye kimwe mu bihugu bikomeye bya gisirikare ku isi.

    Abdul Hossein Ghobishawi, imamu w'umusigiti uri i Abadan, umwe mu mijyi ikomeye ya peteroli muri Iran, yagize ati "Ingabo ntizubaha imipaka iyo ari yo yose nihavuka indi ntambara mu gihugu."

    Mohammad Nabi Mousavifard, imamu wa Ahvaz, umurwa mukuru w'intara ya Khuzestan, yatanze umuburo ukomeye, avuga ko hashobora kuvuka indi ntambara:

    "Tuzasenya Arabiya Sawudite, Ibihugu by'Abarabu, Koweti na Bahrain."

    Mojtaba Mirdamadi nawe yagize ati: “Ejo hazaza hi kigobe cya Perse hazaba hatabayemo Leta Zunze Ubumwe za Amerika, kandi nta mwanya bafite mu kigobe keretse munsi y’amazi yacyo.”

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Ebola: Abanyamahanga baherutse guca muri DR Congo babujijwe kwinjira mu Rwanda

    Minisiteri y’ubuzima y’u Rwanda yatangaje ingamba nshya zo kwirinda ikwirakwira rya Ebola ivuga ko zitangira kubahirizwa kuva aka kanya.

    “Abanyamahanga bose” bagiye cyangwa baciye muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo mu minsi 30 ishize mbere y’uko baza cyangwa bifuza kuza mu Rwanda “ntibazemererwa kwinjira”, nk’uko itangazo ry’iyi minisiteri ribivuga.

    Abanyarwanda n’abanyamahanga bafite uburenganzira bwo gutura mu Rwanda bo bazemererwa kwinjira, nk’uko iryo tangazo ribivuga.

    Mu Rwanda nta ndwara ya Ebola irahaboneka nk’uko iyi minisiteri ibivuga.

    Gusa iyi virus ya Ebola nshya bahaye izina rya Bundibugyo yabonetse mu mujyi wa Goma muri RD Congo, ubusanzwe usa n’ufatanye kandi uhahirana cyane n’uwa Gisenyi mu Rwanda.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Ubwato 35 bwaciye mu muhora wa Hormuz mu masaha 24 buhawe inzira n’igisirikare ca Iran

    Ishami ry’igisirikare ca Iran rijejwe gukingira ubutegetsi bwa kislam bwa Iran, IRGC, ryavuze ko ku bugenzuzi bw’igisirikare caryo co mu mazi, “mu masaha 24 aheze, ubwato burenga 35, harimwo ubutwara igitoro, ubutwara amakontenere hamwe n’ubundi bw’ubudandaji, bwaciye mu muhora wa Hormuz buhawe uruhusha”.

    Mw’itangazo ryashizwe ahabona, IRGC yavuze ko “Igisirikare cashizeho inzira itekanye yo mu mazi kugira ubwato burengane neza gutyo n’urudandaza mpuzamakungu rubandanye.”

    Kuri uwu wa kane, ubuyobozi bujejwe gucunga inzira y’amazi yo mu kiyaga mu kigobe c’aba Peresi bwashinzwe na Republika ya Kiislamu ya Iran, bwasohoye ikarata yerekana agace Iran ivuga ko igenzura mu muhora wa Hormuz.

    Nk'uko biri mw’itangazo, ako karere kashinzwe kuva ku “murongo uhuza Umusozi Mubarak muri Irani n’ubumanuko bwa Fujairah muri Emirats zunze Ubumwe z’Abarabu (UAE) mu buseruko bw’uwo muhora”, gushika ku “murongo uhuza impera y’ikiyaga ca Qeshm muri Irani na Umm Al Quwain muri UAE mu burengero bw’umuhora.”

    Iyugarwa ry'umuhora wa Hormuz ryagize ingaruka zikomeye ku giciro c'igitoro kw'isi hose, ivyateye kuduga kw'ibiciro vy'ibindi vyangombwa nkenerwa ku masoko mu bihugu byinshi.

    Uwo muhora ubusanzwe ucamwo ibishika kuri 20% y'ibitoro bija kw'isoko ry'isi vyimburwa mu bihugu vyo mu kigobe.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Cristiano Ronaldo yegukanye igikombe ca mbere ca shampiyona ya Saudi Pro League kuva ashitse muri Al-Nassr

    Ni ishusho y’imbonekarimwe. Cristiano Ronaldo agaragara ateruye igikombe c’ihiganwa ry’umupira w’amaguru ryo muri Arabie Saoudite rizwi nka Saudi Pro League, akaba yaraye acegukanye ku ncuro ya mbere.

    Umugwi Al-Nassr wasinyishije uyu mukinyi rurangiranwa mu kwezi kwa 12 mu 2022, inyuma yo kuva muri Manchester United, mu ntumbero yo kugerageza bishasha no gushira Arabie Saoudite ku rwego mpuzamakungu mu bijanye n’inkino.

    Ariko hari na bamwe vyari vyatangaje kubona uwo mukinyi w’imyaka 41 amara imyaka irenga itatu ata gikombe gikomeye yari bwegukane muri ico gihugu.

    Rero ivyo kumunegura vyarangiye ku wa kane. Ronaldo yatsinze ibitego bibiri mu ntsinzi ya Al-Nassr y’ibitsindo bine kuri kimwe (4-1) batsinze Damac ku munsi wa nyuma w’ihiganwa.

    Iyo ntsinzi yatumye benurira Al-Hilal isanzwe ari umukeba akomeye wa Al-Nassr, gutyo begukana igikombe ku ncuro ya mbere kuva mu mwaka wa 2019.

    Ronaldo, yaheruka kwinjiza igitsindo kigira 100 mw'ihiganwa rya Saudi Pro League, yinjirije Al-Nassr ibitsindo 129 mu mahiganwa yose, ariko iri higanwa ni ryo yari yaguriwe kwegukana.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. DR Congo: Harimo kuba 'imirwano ikomeye' hafi ya Rubaya

    Mu gitondo cyo kuri uyu wa gatanu haramutse ‘imirwano ikomeye’ hagati y’umutwe wa M23 n’ingabo za leta zifatanyije na Wazalendo mu duce turi hafi ya Rubaya muri teritwari ya Masisi, nk’uko abari muri ako gace babitangaza.

    Ramadhani Kakule umwe mu bagize sosiyete sivile ya teritwari ya Masisi mu ntara ya Kivu ya Ruguru yabwiye BBC mu butumwa bwanditse ko “imirwano ikomeye yubuye kuva kare uyu munsi i Kinigi na Kavuta”.

    Utwo ni uduce turi mu ntera igera kuri 30 km mu burengerazuba bwa centre ya Rubaya izwi cyane ku bucukuzi mu birombe byinshi by’amabuye y’agaciro yiganjemo coltan.

    Kakule avuga ko iyo mirwano idatangiye uyu munsi kuko “urebye imaze ibyumweru barwana basubika, bakongera bakarwana”.

    Avuga ko abantu ibihumbi bamaze guhunga utwo duce kandi “twiteze ko n’abandi benshi bari buze guhunga uyu munsi”.

    Muri iki cyumweru amakuru amwe yavuze ko ingabo za leta na Wazalendo bakuye abarwanyi ba M23 mu gace ka Kinigi, ariko nta ruhande na rumwe muri izi rwabyemeje.

    Imirwano ya hato na hato - irimo gukoresha n’indege z’intambara na drones - yakomeje kuvugwa hagati y’impande zombi mu duce dutandukanye tw’intara za Kivu ya Ruguru na Kivu y’Epfo. Imirwano yateye imfu z’abasivile no guhunga.

    Impande zombi zishinjanya kurenga ku masezerano yo guhagarika imirwano, buri ruhande rukavuga ko ari rwo rwatewe mbere n’urundi.

    Ingabo za leta zivuga ko zirimo kurwana n’ingabo z’u Rwanda zifatanyije n’umutwe wa M23, uruhande rw’u Rwanda ruvuga ko ingabo za Kinshasa zifatanya n’umutwe wa FDLR urwanya ubutegetsi bwa Kigali.

    Ibyo impande zombi zishinjanya byemejwe n’inzobere za ONU muri raporo zabo zitandukanye zo mu myaka ishize.

    Izindi nkuru wasoma:

  7. Peru: Umugabo wo muri Australia yapfuye inyuma yo kugwa mu kimanga aduga umusozi

    Abategetsi bo muri ako karere bavuze ko uwo mugabo yariko aca mu nzira yo ku musozi igana i Machu Picchu, muri Peru imbere yo guhanuka mu kimanga.

    Abagize umugwi wo gutabara mu misozi miremire bo mu gisagara ca Cusco batoye ikiziga ca Matthew Cameron Paton, w’imyaka 53, ku wa kane, kiri nko ku metero 300 munsi y’umusozi muremure, hafi y’ahitwa “50 Gradas” kuri iyo nzira.

    Amakuru atangwa n’igipolisi avuga ko Paton, yatangajwe nk’uwabuzwe ku musi wa gatatu, hari haciye imisi 12 ashitse i Cusco ari kumwe n’umugore wiwe.

    Igipolisi kibandanya kivuga ko amakuru ajanye n’ukubura kwiwe cayahawe inyuma y’aho akorotse aciye mu ruzitiro rwari rwarononekaye, igihe yariko aduga muri iyo nzira izwi cane yo mu misozi ya Peru ari kumwe n’umugwi w’abakerarugendo hamwe n’umuyobozi wabo.

    Abategetsi bazokora itohoza ku cateye ukwo gukoroka, kandi bitegekanijwe ko ikiziga ca Paton kijanwa mu gisagara kiri hafi.

    Umuyobozi mukuru w’akarere k’igipolisi i Cusco, General Virgilio Velasquez, yavuze ko ibikorwa vyo kurondera no gutabara vyatanguye ku wa gatatu inyuma yo kuronka amakuru avuga ko uwo mugabo yari yabuzwe.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Intara ya Alberta igiye gukora 'referendum' ku kwigenga cyangwa kuguma mu zigize Canada

    Intara ya Alberta izakora amatora ya kamarampaka (referendum) yo kwemeza inzira zo kwigenga cyangwa se gukomeza kuba intara ya Canada, bikaba ari ubwa mbere mu myaka irenga 30 iki gihugu kigiye mu kigeragezo ku bumwe bwacyo.

    Umukuru w’iriya ntara Premier Danielle Smith yatangaje ku wa kane icyo cyemezo nyuma y’uko ubusabe bw’abaturage bifuza kwigenga kw’iyo ntara burengeje imikono 300,000 naho ubusabe bw’abifuza ko iguma kuri Canada bukarenga imikono 400,000.

    Inkubiri y’abasaba kwigenga kw’iyo ntara - ikungahaye cyane ku bitoro - yakomeje kugira imbaraga, yubakiye ku gitekerezo kimaze igihe kirekire ko Alberta yirengagizwa n’abafata ibyemezo mu murwa mukuru Ottawa.

    Gusa, amakusanyabitekerezo yerekana ko benshi mu batuye Alberta bashobora gutora banga ko yivana kuri Canada.

    Ayo matora ya kamarampaka yashyizwe tariki 19 Ukwakira(10), nk’uko byatangajwe n’umukuru w’iyo ntara mu ijambo kuri televiziyo.

    Danielle Smith we yavuze ko ubwe azatora ko Alberta ikomeza kuba intara ya Canada, ariko ko yakubaha amahitamo y’ababona ibintu ukundi.

    Ubumwe bwa Canada si ubwa mbere bugeragejwe. Biheruka mu 1995 ubwo intara ya Quebec yakoraga amatora nk’aya ya kamarampaka ubwo bamwe bifuzaga ko iba igihugu cyigenga.

    Ayo matora yarangiye ku itandukaniro rito cyane aho 49% bagatoye ko yakwigenga naho 50% batora ko Quebec iguma kuba intara ya Canada.

    Izindi nkuru wasoma:

  9. Trump avuga ko Amerika igiye kohereza abandi basirikare 5,000 muri Pologne

    Perezida Donald Trump yavuze ko Amerika izohereza abandi basirikare 5,000 b’inyongera muri Pologne, nyuma y’icyumweru ibiro bikuru by’ingabo z’Amerika (Pentagon) biburijemo iyoherezwa ryari riteganyijwe ry’abagera ku 4,000 muri icyo gihugu.

    Mu butumwa yatangaje ku rubuga Truth Social, Trump yavuze ko icyo cyemezo cyashingiwe ku mubano Amerika ifitanye na Perezida Karol Nawrocki wa Pologne, yashyigikiye mu matora ya perezida yabaye mu mwaka ushize.

    Trump nta yandi makuru yatanze ku kumenya niba abo basirikare b’inyongera bari muri ya gahunda yari iteganyijwe mbere cyangwa niba bagiye mu gikorwa cya gisirikare gitandukanye.

    Mu byumweru bya vuba aha bishize, ibiro bya perezida w’Amerika – byitwa White House – byaciye amarenga ko biteganya kugabanya ingano rusange y’abasirikare b’Amerika bari ku mugabane w’Uburayi, bijyanye na gahunda y’ubutegetsi bw’Amerika yo gushyira imbere inyungu z’Amerika, yitwa “America First”, cyangwa “Amerika mbere na mbere”, ugenekereje mu Kinyarwanda.

    Mbere yaho muri uku kwezi, Amerika yanatangaje ko izakura abasirikare 5,000 mu Budage nyuma y’ubushyamirane hagati ya Trump n’umutegetsi (Chancellor) w’Ubudage Friedrich Merz kubera intambara na Iran.

    Mbere, Trump yanenze Merz kubera ko yumvikanishije ko Amerika “yakojejwe isoni” n’intumwa za Iran mu biganiro.

    Ntibisobanutse niba abo basirikare b’inyongera Amerika izohereza muri Pologne bari muri abo irimo gukura mu Budage cyangwa niba ari abo mu rindi tsinda.

    Trump yananenze inshuti z’Amerika zo mu muryango wo gutabarana w’Uburayi n’Amerika (OTAN/NATO) kubera kutagira ubushake bwo kwifatanya n’Amerika mu kotsa igitutu Iran ngo ifungure umuhora wa Hormuz.

    Izindi nkuru wasoma:

  10. Ebola: Uganda yahagaritse ibiterane by’abantu n’ingendo z’indege hagati yayo na DR Congo

    Abategetsi ba Uganda bahagaritse ingendo z’indege hagati y’iki gihugu n’icya DR Congo, ndetse bashyiraho amabwiriza akomeye abuza guterana kw’abantu benshi nk’amasoko mu duce two mu burengerazuba bw’igihugu mu rwego rwo kwirinda ikwirakwira rya Ebola.

    Abashinzwe ubuzima muri Uganda bahagaritse igendo zo mu mazi mu ruzi rwa Semliki ruri hagati y’iki gihugu na DR Congo rukaba ingenzi cyane mu kwambutsa ibicuruzwa n’abantu hagati y’ibihugu byombi.

    Mu bice by’uburengerazuba bwa Uganda ibiterane by’abantu benshi, nk’amasoko n’amasengesho rusange n’ibindi birabujijwe mu rwego rwo kwirinda ikiza Ebola Bundibugyo.

    Minisiteri y’ubuzima ya Uganda ivuga ko izi ari ingamba z’agateganyo “zigamije kurinda ikwirakwira ryambukiranya imipaka” ry’iriya virus yica.

    Iyi minisiteri ivuga ko irushaho kandi gukaza ingamba mu kugenzura abinjira n’abasohoka ku mipaka y’ibihugu byombi.

    Minisiteri y’ubuzima ya Uganda ivuga ko kugeza ubu nta murwayi wa Ebola uri muri iki gihugu kandi uwari wayanduye ubu yasuzumwe bagasanga ntayo agifite.

    Umuntu umwe, ni we byemejwe ko yishwe n’iyi ndwara mu bitaro by'i Kampala mu cyumweru gishize.

  11. Rubio yavuze ko Cuba ibangamiye umutekano wa Amerika, mu gihe Havana imwagiriza 'ibinyoma'

    Umushikirangaji wa Amerika ajejwe imigenderanire n'amakungu Marco Rubio yavuze ko Cuba iteje “akaga ku mutekano w’igihugu” ca Amerika kandi ko amahirwe yo kugirana amasezerano y’amahoro “si menshi”.

    Aya majambo ayavuze umunsi umwe gusa inyuma y’uko Amerika yagirije uwahoze ari Perezida wa Cuba, Raúl Castro, icaha c’ubwicanyi kubera ikororwa ry’indege zibiri mu 1996, ivyatumye Abanyamerika bahasiga ubuzima.

    Rubio yavuze ko ico Amerika yipfuza ari “umuti biciye mu nzira ya diplomasiya”, ariko aburira ko Perezida wa Amerika Donald Trump afise uburenganzira, ndetse abwirizwa, gukingira igihugu ciwe ikintu cose coza kikibangamira.

    Umushikiranganji w’imigenderanire wa Cuba, Bruno Rodríguez, yagiriza Marco Rubio “ibinyoma”. Vyongeye, avuga ko iri zinga ritigeze ribangamira Amerika.

    Mu kiganiro yagiranye n'abanyamakuru ku wa kane, Rubio yashimangiye ko inzira ya diplomasiya “iguma ari yo dushira imbere ku bijanye na Cuba”.

    Yamara, yongeyeko ati: “Ndababwije ukuri, amahirwe y’uko ivyo bishoboka, ukurikije abo turiko turakorana ubu, si menshi.”

    Rubio yabandanije yagiriza Cuba kuba “kimwe mu bihugu bitera inkunga cane iterabwoba muri aka karere kose”. Ibi, umushikiranganji w’imigenderanire wa Cuba, Rodríguez, yavyamiriye kure mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X.

    Uwo mushikiranganji wa Cuba yaneguye Rubio, aho yavuze ko ariko agerageza “gukokeza ubusotoranyi bwa gisirikare”. Yagiriza kandi reta ya Amerika gutera igihugu ciwe mu buryo “buteguwe kandi ata kinya”.

    Cuba iriko ihura n’ingorane zikomeye z’ikena ry’ibitoro, ryunyuwe n’ingingo ya Amerika yo kwugariza ico gihugu mu ntumbero yo kubuza ivyo bitoro gushikayo. Cuba iri ku gitutu c’ubutegetsi bwa Donald Trump kugira ngo yemere amasezerano.

    Abanyagihugu b’ico gihugu bamaze amezi menshi biziziwe n'icikagurika ry’umuyagankuba ry’igihe kirekire, bakugarizwa kandi n’ubukene bw’ibifungurwa.

    Marco Rubio yavuze ko ico gihugu cemeye kwakira imfashanyo ya Amerika ingana na miriyoni 100 z’amadolari.

    Izindi nkuru wosoma:

  12. Imbaga y'abantu barakaye batwitse amahema y'ibitaro bya Ebola muri DR Congo

    Imbaga y’abantu barakaye batwitse igice cy’ibitaro biri mu gace k’izingiro ry’ikiza cya Ebola mu burasirazuba bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC), nyuma yuko abo mu muryango hamwe n’inshuti z’umusore byibazwa ko yishwe n’iyo virusi bari babujijwe gutwara umurambo we ngo bajye kuwushyingura.

    Umunyapolitike wo muri ako gace, Luc Malembe Malembe, mu kuvuga ku byo yaboneye ku bitaro bikuru bya Rwampara, yabwiye BBC ati: “Batangiye kujugunya ibintu ku bitaro. Banatwitse amahema yari arimo gukoreshwa nk’ibyumba by’akato.”

    Muri ako kajagari, polisi yarashe amasasu mu kirere yo kuburira no gutatanya iyo mbaga.

    Umurambo w’umuntu wishwe na Ebola uranduza cyane ndetse abategetsi bacyenera gukora kuburyo ushyingurwa mu buryo butekanye mu rwego rwo guhagarika ikwirakwira ry’iyo virusi.

    Abakozi bo mu buvuzi bo ku bitaro bya Rwampara, biri hafi y’umujyi wa Bunia mu ntara ya Ituri, aho abantu hafi ya bose bacyekwaho kwandura Ebola batangajwe, bashyiriweho uburinzi bwa gisirikare, mu gihe abapolisi binjiraga mu bitaro kugira ngo bongereye gushyira ibintu ku murongo.

    Umukozi wo mu buvuzi yakomerekejwe n’abigaragambyaga bateraga amabuye, mbere yuko abashinzwe umutekano bahagoboka, nkuko umukozi wo ku bitaro yabibwiye ibiro ntaramakuru AFP.

    Jean Claude Mukendi, ushinzwe guhuza ibikorwa byo guhangana na Ebola mu ntara ya Ituri, yabwiye ibiro ntaramakuru Associated Press ko uwo mugabo wapfuye yari umuntu uzwi cyane muri ako gace ndetse ko abababajwe n’urupfu rwe “ntibasobanukiwe ukuri kw’iby’iyi ndwara”.

    Ababibonye babwiye ibiro ntaramakuru Reuters ko uwo musore yari umukinnyi w’umupira w’amaguru wari warakiniye amakipe menshi yo muri ako gace. Nyina yabwiye ibyo biro ntaramakuru ko yemera ko umuhungu we yishwe na tifoyide (typhoïde), ko atari Ebola.

    Malembe yavuze ko iyo mbaga y’abantu batemera ko iyi virusi, bicyekwa ko imaze kwica abantu 160 mu burasirazuba bwa DRC, ari ukuri.

    Izindi nkuru wasoma:

  13. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.