Imyambaro (maillot) myiza kuruta iyindi y'Igikombe c'Isi - n'igituma yamenyekanye cane

- Umwanditsi, Alex Bysouth
- Igikorwa, BBC Sport senior journalist
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 12
Hari abavuga ko ubuzima bw'umuntu bushobora gupimwa hisunzwe ibihe vy'Igikombe c'Isi. Buri myaka ine haba ikimenyetso ku murongo w'ubuzima, kuva ku mwana acugurura amaso, agakura akaba umuyabaga akunda umupira, gushika no mu myaka ikurikira.
Ni nk'urutonde rw'ivyibutso vy'umupira w'amaguru: imigwi wakunze, ibihangange wakunze, hamwe n'imyambaro (maillots) yambara yabaye akaranga k'ibihe.
Uyu musi, ni iyo myambaro turiko turagarukako. Imyambaro ivuga inkuru. Ibikorwa vy'agatangaza bidata agaciro uko imyaka ihera.
Ariko ni igiki gituma umwambaro uguma wibukwa kandi ugakomeza kugira ikibanza kidasanzwe mu mateka?
Matthew Wolff, umwe mu bazwi cane mu guhingura imyambaro y'imigwi y'umupira, ni we yakoze imyambaro yakunzwe cane ya Nigeria mu Gikombe c'Isi co mu 2018, hamwe n'iy'Ubufaransa, igihugu cahavuye gitwara ico gikombe.
Umunyamerika Wolff yarakoreye kandi imigwi nka Paris Saint-Germain, imigwi myinshi yo muri shampiyona ya Amerika, haba mu mupira w'abagabo canke uw'abagore.
Yaranafashije gushinga umugwi wa Vermont Green FC. Ni ukuvuga ko azi neza ico bisaba kugira ngo umwambaro ube uwudasanzwe.
Wolff avuga ati: "Imyambaro myinshi nkunda cane ni iyo nkiri umwana mu myaka ya 1990 no mu ntango ya 2000. Muri ico gihe, abakinyi wababona nk'intwari zidasanzwe, kandi imyambaro yabo yaboneka nk'iyifise akaranga n'ubwiza budasanzwe."
Yongerako ati: "Nkunda cane imyambaro ya Mexique yo mu 1998, iya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yo mu 1994, iy'Ubudagi yo mu 1990 na 1994, iy'Ubuyapani yo mu 1998, hamwe n'urutonde rwa Nike rwo mu 2002. Ndetse n'umwambaro wa Kameruni utagira amaboko wo mu 2002.
"Iyo yose ni imyambaro yambereye idasanzwe kubera ukuntu nayibona ari minini kandi itangaje nkiri umwana."
Avuga kandi ko umwambaro uba uw'akaranga k'amateka atari kubera gusa uko usa, ahubwo no kubera ivyabaye igihe wari wambawe.
"Umwambaro uba ikimenyetso c'amateka kubera ivyashitsweko igihe wari wambawe. Kandi uko imyaka igenda irahera, ni ko uburyo tuwubona n'agaciro tuwuha bihinduka."

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ariko Wolff yemera ko muri iki gihe bigoye kugera ku rwego ryarwo rw'umwambaro w''igitangaza.
Wolff avuga ati: "Isi y'umupira yarahindutse, kandi isoko mpuzamakungu ryuzuyemwo imyambaro myinshi cane.
"Ubu hari imigwi myinshi cane n'imyambaro mishasha myinshi cane isohoka buri mwaka , haba ku migwi isanzwe canke imigwi nserukiragihugu.
"Ni co gituma bigoye cane ko umwambaro umwe gusa ushobora kwigaragaza ugasumba iyindi yose."
Naho bishimisha kubona ibihugu vyerekana umuco wavyo, akaranga kavyo n'ubwiza bwavyo biciye mu gishushanyo c'imyambaro y'imigwi yavyo, biratera kandi ibibazo ku bijanye no gukunda kugura ibidandazwa birenze urugero.
Biratuma twibaza nimba iyo myambaro ari uburyo nyakuri bwo kwerekana umuco, canke nimba ari uburyo bwo kuguma basohora ibidandazwa bishasha kugira bagurishe.
Biratuma kandi twibaza ku muvuduko turiko turahingura, turagura, kandi turasubiriza iyo myambaro, aho hafi buri mwaka canke buri gihe hasohoka iyindi mishasha."
Urutonde rw'imyambaro 10 ya mbere yanditse amateka mu Gikombe c'Isi.
Eka dusubire inyuma mu mateka. Kandi igihe cose umuntu ariko aribuka imyambaro y'umupira, usanga haba harimwo agatima ko kwibuka gaherekejwe n'akanyamuneza k'ibihe vya kera — cane cane ukwibuka ibihe tukiri batoyi bigaruka bifise ubwiza budasanzwe.
Vyoshobora kutworohera guhitamwo gusa imyambaro y'imyaka ya 1990 n'iyo mu ntango za 2000, yarangwa n'ibishushanyo bitinyutse hamwe n'imyambaro minini minini, canke iyo mu mpera z'imyaka ya 1980 yasubiye gukundwa muri iki gihe nk'imideri y'ubuzima no mu buzima bwa misi yose.
Ariko kugira ngo ntitwicwe n'inyiyumvo zo gukunda cane imyambaro ya kera, twashizeho amategeko akurikira: nta mwambaro urenga umwe ku Gikombe c'Isi kimwe, kandi nta gihugu kirenza umwambaro umwe muri uru rutonde.
10. Umwambaro wo muhira wa Cameroun, 2002

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uyu mwambaro uratera impari gatoyi kuko mu vy'ukuri ntiwigeze wambarwa mu Gikombe c'Isi. Ariko ni co gituma wamamaye kandi uguma wibukwa gushika n'uyu munsi.
Cameroun yari yatanguye gukoresha umwambaro utagira amaboko mu gikombe ca Afrika (AFCON), ariko igihe Gikombe c'Isi co mu 2002 cari cegereje, FIFA ntiyavyemeye.
Uwahoze ari umukinyi wo hagati wa Cameroun, Eric Djemba-Djemba, yabwiye BBC Sport Africa ati: "Abantu bose bo muri Afrika bashaka kwambara uwo mwambaro."
N'umukinyi rurangiranwa wa tennis Serena Williams yarawukunze. Ico gihe nyene, yambara impuzu zisa n'uwo mwambaro wabujijwe igihe yariko arakina muri French Open.
Ariko abateguye iryo higanwa ntibemeye ko ashirako inomero yiwe y'amahirwe, ari yo 26, inyuma y'uwo mwambaro.
Kubera amategeko ya FIFA, igihe Cameroun yaja mu Gikombe c'Isi cabereye mu Buyapani no muri Koreya y'Epfo mu 2002, ishirahamwe ryahingura impuzu za siporo Puma ryategetswe kwongerako amaboko kuri uwo mwambaro.
Ariko ico si co gihe ca nyuma abahinga bategura imyambaro ya Cameroun bagiranye amatati na FIFA.
Inyuma y'imyaka ibiri gusa, basohoye uwundi mwambaro udasanzwe, aho ishati n'ikabutura vyari bifatanye bikaba impuzu imwe gusa. Na wo nyene warabujijwe n'urwego rw'isi rujejwe umupira w'amaguru, FIFA.

Ahavuye isanamu, Getty Images
9. Umwambaro w'Ubwongereza wo hanze (1966)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Biroroshe cane kuyimenya ukiyibona, kandi nta nkeka ko muri iri ci uzoyibona ahabera ibirori vyo gutekera hanze (barbecues) no mu bibanza vyo kunyweramwo inzoga hirya no hino mu Bwongereza.
Umwambaro utukura w'Ubwongereza uzwi nka "Three Lions"(intare zitatu) wabaye uw'akaranga kubera ico usobanura.
Ugereranywa n'intsinzi yonyene Ubwongereza bwigeze kugira mu Gikombe c'Isi, intsinzi ikomeye cane yabereye ku kibuga ca Wembley, ibitsindo bitatu vya Geoff Hurst, hamwe n'umupira bivugwa ko woba wararenze umurongo w'izamu canke utawurenze.
Uwo mwambaro uca wibutsa abantu ishusho y'uwari kapiteni Bobby Moore ariko aduza igikombe ca Jules Rimet Trophy ateruwe n'abo bakinana.
N'ubwo imyambaro yo mu 1982 no mu 1990 na yo yari mu yashobora kuja kuri uru rutonde, nimba hakenewe gutoranywa umwambaro umwe gusa w'Ubwongereza, ni uyu wo mu 1966 ukwiye guhabwa ico kibanza.

Ahavuye isanamu, Getty Images
8. Umwambaro w'Ubufaransa wo muhira (1982)

Ahavuye isanamu, Getty Images
"Urwo ni rwo rukino rwiza kuruta izindi zose nigeze gukina. Nta filime canke ikinamico vyoshobora gusubira kwerekana neza uko rwari rwuzuyemwo ibintu bitangaje, ibihushane n'ivyiyumviro bitandukanye. Rwari urukino rwuzuye. Rwari urw'agatangaza."
Ni ko Michel Platini, kapiteni w'Ubufaransa, yavuze ariko aribuka ukuntu "Les Bleus" (Umurwii nserukiragihugu w'ubufaransa) wasezerewe n'Ubudagi bw'Uburengero muri kimwe ca kabiri c'Igikombe c'Isi co mu 1982.
Urwo rukino rwaranzwe n'igitsindo gikomeye c'umunyezamu Harald Schumacher kuri Patrick Battiston, kunganya ibitsindo 3-3 inyuma y'iminota y'inyongera, hamwe n'uruhererekane rwa penaliti rwa mbere rwigeze gukoreshwa mu mateka y'Igikombe c'Isi.
Muri ubwo bushuhe burenze urugero bwo mu gisagara ca Seville, Ubufaransa bwasa n'ubwifashe neza kandi bukunzwe bidasanzwe kuva ku ntango gushika ku mpera z'urwo rukino.
Ivyo vyarushirije kwerekana ubwiza bw'uwo mwambaro wo muhira wo mu 1982, umwe mu myambaro myiza kandi yibukwa cane mu mateka y'umupira w'amaguru.
7. Umwambaro w'Ubuholandi wo muhira wa 1974

Ahavuye isanamu, Getty Images
Yari umugarariji , agoranana ariko kandi afise igikundiro kidasanzwe. Johan Cruyff ni we yari ikimenyetso c'ihinduka ry'umupira ryari rizwi nka "Total Football" ry'Ubuholandi.
Imbere yo gushika mu Gikombe c'Isi co mu 1974, Cruyff yari amaze gutwara ibikombe bitatu vya Buraya akinira Ajax, kandi yari amaze guhabwa incuro zibiri agashimwe ka Ballon d'Or. Ariko ico Gikombe c'Isi ni co cabayemwo kimwe mu bihe vyamugize rurangiranwa kuruta ibindi vyose.
Ni ho havukiye uburyo buzwi nka "Cruyff Turn", igihe Ubuholandi bwahura na Suwede ku kibuga ca Westfalenstadion i Dortmund. Ariko rero, uwo mukinyi yari yambaye umwambaro utandukanye n'uw'abo bakinana.
Mu gihe bagenziwe bari bambaye imyambaro ifise imirongo itatu ya Adidas ku maboko, uwiwe wari utandukanye.
Cruyff yari afitaniye amasezerano na Puma, kandi yari yaramaze kwanka kwambara ibirato vya Adidas.
Inyuma y'impari hagati y'ayo mashirahamwe abiri, abakinyi hamwe n'abarongozi b'umupira w'amaguru mu Buholandi, hafashwe ingingo y'uko umwambaro wa Cruyff ukurwako umurongo umwe.
Mu gitabu ciwe kivuga kahise k'ubuzima bwiwe, Cruyff yanditse ati: "Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ry'Ubuholandi (KNVB) ryari ryagiranye amasezerano na Adidas ritabanje kubimenyesha abakinyi.
Bibaza ko ata ngorane zirimwo kuko umwambaro wari uwabo. Nanje ndababwira nti: 'Ego, umwambaro ni uwanyu, ariko umutwe uwusohokamwo ni uwanje.'"
6. Umwambaro wa Croatie wo muhira wa 1998

Ahavuye isanamu, Getty Images
Davor Suker, Igikombe c'Isi co mu Bufaransa mu 1998, yambaye umwambaro wari ufise uducapo dutukura n'utwera ku bitugu. Wari umwambaro w'agatangaza.
Iyo mero y'utwo ducapo ni kimwe mu bimenyetso bikuru bigize akaranga k'igihugu ca Croatie, kandi ni co gituma abakinyi baco baca bamenyekana ubwo nyene bari ku kibuga.
Croatie yari yamaze kwerekana ko ifise umugwi ukomeye mu Gikombe ca Buraya co mu 1996, kandi no muri ico gihe yari ifise umwambaro mwiza cane. Ariko umwaka wa 1998 wari uw'agaciro kihariye kuri ico gihugu, kuko cari kiriko kirakina Igikombe c'Isi ca mbere kuva gitangaje ukwikukira kwaco imyaka indwi imbere y'aho.
Suker, afadikanije n'abandi bakinyi rurangiranwa nka Robert Jarni, Zvonimir Boban na Robert Prosinecki, bafashije Croatie gushika mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.
Muri uwo mukino, Suker, yari umusatirizi wa Real Madrid, ni we yabanje gutsindira Croatia igitsindo ca mbere mu rukino rwayihuje n'Ubufaransa bwari bwakiriye iryo higanwa.
Ariko Ubufaransa, buyobowe n'ukwitwara neza kwa Lilian Thuram, bwarashoboye guhindura ibintu buratahukana intsinzi.
Mu nyuma, Croatie yambaye umwambaro wayo w'ubururu wo hanze, na wo nyene wabaye rurangiranwa, maze itsinda Ubuholandi mu mukino wo guhiganira ikibanza ca gatatu, maze iza kurangiza iryo higanwa ry'Igikombe c'Isi iri mu kibanza ca gatatu.

Ahavuye isanamu, Getty Images
5. Umwambaro wa Nigeria wo muhira wa 2018

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umwambaro wa Nigeria wo mu 2018 wabaye ikintu kidasanzwe. Ni umwe mu myambaro mike cane yagiye kuba rurangiranwa atari kubera ivyo abakinyi bakoze ku kibuga, ahubwo kubera ukuntu yakunzwe cane mu mico, mu myambaro no mu buzima bwa misi yose.
Abantu barenga imiliyoni zitatu bari bamaze kuwutuma imbere y'uko usohoka ku mugaragaro, kandi igihe washirwa kw'isoko, abantu baratonda imirongo hanze y'iduka rikuru rya Nike i Londres kugira bawugure.
Uwawushushanije, Matthew Wolff, yavuze ati: "Twahereye kuri kahise k'imyambaro ya Nigeria ubwayo. Umwambaro wo mu 2002 waraduhimbaye— iryo bara ry'icatsi kibisi ryari ryiza cane kandi nashaka ko risubira kugaruka. Vyongeye, twarafatiye kandi ku mwambaro wo mu 1994-95.
Intumbero ntiyari uguhingura ikintu gishasha ata co gishingiyeko. Twashaka gufata ibintu vyari bisanzwe biri mu karanga k'umupira w'amaguru wa Nigeria tukabishira mu mwambaro mushasha.
Ico gihe cari ciza cane. Nigeria yari mu gihe c'iterambere rikomeye ry'umuco wayo ku rwego mpuzamakungu, haba mu myambaro, umuziki, ivyivugo, amafilime n'ibindi. Uwo mwambaro wasohotse muri ico gihe nyene, kandi abantu bawukunze kuko wahuye n'iyo ntambwe y'iterambere ry'umuco wa Nigeria.
Turashimira abagize umugwi wa Nike bose bagize uruhara muri uwo mushinge. Umwambaro ntuhinduka ikintu c'akaranga kubera umuntu umwe yawushushanije. Uhinduka rurangiranwa kubera igikorwa gikomeye c'abantu benshi bakora neza kandi bitonze."
4. Umwambaro wa Brezili wo muhira wa 1970

Ahavuye isanamu, Getty Images
Nta gihugu na kimwe, kumbure, gifitaniye isano rikomeye n'ibara rimwe mu mupira w'amaguru w'isi nka Brezili.
N'iyo uravye amasanamu ya kera atameze neza cane, imyambaro yabo y'umuhondo wa canari yo mu 1970 iracaraboneka ko yari yakaka kandi ikwegera amaso. Yari ibereye neza abakinyi badasanzwe bayambaye bariko bakina munsi y'izuba rya Mexique.
Pelé, Carlos Alberto, Rivellino, Jairzinho... Amasanamu yabo yama asubirwamwo igihe cose hageze Igikombe c'Isi, ku buryo wumva nk'aho wari uri ku kibuga ca Estadio Azteca ubona uko Brezili y'akaroruhore itsinda Ubutaliyano.
Uwo mwambaro woroshe w'umuhondo wari ufise ubwiza budasanzwe, ku buryo wahindutse kimwe mu bimenyetso bikomeye kandi ntibagiranwa muri kahise k'umupira w'amaguru.
3. Umwambaro wa Amerika wo hanze wa 1994

Ahavuye isanamu, Getty Images
"Hanze y'imbibe zacu, abantu benshi bakurikiranira hafi umupira w'amaguru kw'isi bari bafise amakenga menshi. Baribaza bati: 'Ni gute iki gihugu kitazwi cane mu mupira w'amaguru gishobora gutegura Igikombe c'Isi?'"
Ni ko vyibukwa na Alan Rothenberg, inyuma y'aho Reta Zunze Ubumwe za Amerika zironkeye uburenganzira bwo kwakira Igikombe c'Isi co mu 1994.
Abakinyi ba Amerika - benshi muri bo bari bafise amasezerano n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ry'igihugu aho kuba bakinira imigwi y'ababigize umwuga - ntibashaka kwiha amenyo y'abatwenzi.
Ariko igihe Adidas yashira ahabona imyambaro yateguwe kuri iryo higanwa, myugariro Alexi Lalas hamwe na bagenziwe babanje kwiyumvira ko hari uwari ariko arabakinisha
Inyenyeri nini nini zari zashushanijwe ku mwambaro umeze nk'uw'ipantaro ya jeans yari ikintu kigaragaza cane umuco w'Abanyamerika.
Ariko mu mupira w'amaguru, vyabonwa nk'ikintu gikaze kandi kidasanzwe cane, bituma abakinyi bagira ubwoba ko boshobora gutwengwa n'abakunzi b'umupira.
N'imiburiburi, uwundi mwambaro wari warategekanijwe ufise amabara avanze mu buryo bwa tie-dye ntiwigeze usohoka.
Ariko uko igihe cagiye kiragenda, uwo mwambaro warahindutse uw'akaranga. Warakundwa cane n'abakinyi bawambaye hamwe n'abakunzi b'umupira babakunda.
Ivyo vyafashijwe kandi n'ukuntu Amerika yitwaye neza muri ico Gikombe c'Isi, aho yasezerewe mu gice c'umunani gishira ica nyuma na Brazil, igihugu caciye gitwara ico gikombe.
Gushirwa mu bibanza bitatu vya mbere bishobora kuba vyatewe kandi n'uko Igikombe c'Isi kigiye gusubira kubera muri Amerika.
Ariko nta nkeka ko Igikombe c'Isi co mu 1994 cari kimwe mu mahiganwa yabayemwo imyambaro myiza kandi yibukwa cane muri kahise k'umupira w'amaguru.
2. Umwambaro wa Argentine wo hanze wa 1986

Ahavuye isanamu, Getty Images
Urukino rw'Igikombe c'Isi rwo mu gice ca kane gishira ica nyuma hagati ya Argentine n'Ubwongereza mu 1986 rwabonetstemwo ibitsindo bibiri ntibagiranwa muri kahise k'umupira w'amaguru: igitsindo c "Ukuboko kw'Imana" (Hand of God) hamwe n'igitsindo c'agatangaza aho Diego Maradona yaciye hagati y'abakinyi benshi atanguriye mu gice c'ikibuga ciwe.
Ariko inkuru y'umwambaro Argentine yambaye uwo musi na yo nyene iratangaje.
FIFA yari yabwiye Argentine ko itegerezwa kwambara umwambaro wayo w'ubururu wo hanze kugira ntuhure n'umwambaro wera w'Ubwongereza.
Ariko mu rukino bari baherutse gutsindamwo Uruguay, abakinyi bari babonye uwo mwambaro uremereye kandi ubatera ubushuhe bwinshi munsi y'izuba rikaze rya Mexique.
Ishirahamwe Le Coq Sportif, ryahingura iyo myambaro, ntiryari rifise uwundi mwambaro uteguye. Inkuru ivuga ko umumenyereza wa Argentine ico gihe, Carlos Bilardo, yaciye arungika abo bakorana mu gace ka Tepito i Ciudad de México, ahazwi cane mu kugurisha ibintu vyiganywe, kugira barondere iyindi myambaro.
Bavuga ko Maradona ari we yafashe ingingo ya nyuma ku myambaro bagarukanye. Amaze kuyibona yavuze amajambo yabandanije kumenyekana cane:
"Mbega umwambaro mwiza, Carlos! Dufise uyu mwambaro tuzotsinda Abongereza."
Abajejwe ibikoresho vy'umugwi bamaze amasaha 24 yose imbere y'urwo rukino bashona inomero hamwe n'ikimenyetso c'igihugu kuri iyo myambaro.
Inyuma y'imyaka 36, umukinyi wo hagati w'Ubwongereza Steve Hodge yahanye imyambaro na Maradona inyuma y'urwo rukino, yawushize mw'isoko ryo kuwudandaza.
Uwo mwambaro waguzwe amafaranga angana na miliyoni 7.1 z'amapawundi y'Abongereza, uca uba umwe mu myambaro y'umupira yagurishijwe amafaranga menshi kuruta iyindi muri kahise.

Ahavuye isanamu, Getty Images
1. Umwambaro w'Ubudagi bw'Uburengero wo muhira wa 1990

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ku kibanza ca mbere hari umwambaro wabaye akarorero kadasanzwe mu bijanye no gushona imyambaro y'umupira.
Ni umwe mu myambaro ikundwa cane n'abegeranya ibintu vy'agaciro vyo mu mupira w'amaguru, kandi benshi bawubona nk'uwatanguje igihe gishasha c'imero y'imyambaro. Ni umwambaro rurangiranwa w'Ubudagi bw'Uburengero mu Gikombe c'Isi co mu 1990.
John Blair, umwanditsi w'igitabu "A Culture of Kits", yabwiye BBC ati: "Utegerezwa kuwurabira mu bihe wasohokeyemwo. Imyambaro y'umupira ico gihe yari yoroshe cane kandi itagira ibishushanyo vyinshi. Uyu mwambaro waritandukanije n'iyindi yose yo muri ico gihe.
Wahuje ibintu bitatu nyamukuru: umwambaro udasanzwe, umugwi watwaye igikombe, hamwe n'intango y'igihe c'aho abahinga batangura gukora imyambaro ifise ibishushanyo n'ubwiza bwinshi."
Ariko uwo mwambaro wari hafi guheba gukoreshwa imbere y'uko Igikombe c'Isi co mu 1990 gitangura.
Wari watanguye kwambarwa mu Gikombe ca Buraya co mu 1988, aho Ubudagi bw'Uburengero, bwari bwakiriye ayo mahiganwa, bukaza gusezererwa mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.
Uwawushushanije, Ina Franzmann, yari yamaze gutangura gukora uwundi mwambaro mushasha.
Ariko umumenyereza mukuru Franz Beckenbauer yaravyinjiyemwo maze asaba ko baguma bakoresha uwo mwambaro wa mbere.
Iyo ngingo yarabaye nziza, kuko uwo mwambaro wahavuye uherekeza Ubudagi bw'Uburengero mu rugendo rwo gutwara Igikombe c'Isi co mu 1990, bituma uba umwe mu myambaro yabaye rurangiranwa kandi yibukwa cane mu mupira w'amaguru.
Ina Franzmann yashushanije uwo mwambaro yari yanakoreye Adidas mu guhingura imyambaro y'abakinyi ba tenis, kandi mu vy'ukuri ntiyari n'umukunzi w'umupira w'amaguru.
Ariko yari yahawe igikorwa co kuzana "impinduka ntoyi " mu mwambaro w'umugwi nserukiragihugu w'Ubudagi.
Franzmann yavuze ati: "Ni Horst Dassler ubwiwe, umuhungu w'uwashinze Adidas, ni we yazanye iciyumviro co kongeramwo amabara makeyi. Vyaciye bigaragara ko twokoresha amabara aserukira Ubudagi."
Ariko Dassler yitavye Imana mu 1987, imbere y'uko abona Ubudagi bw'Uburengero butwara Igikombe c'Isi co mu 1990 kandi uwo mwambaro ugahinduka ikimenyetso c'iryo higanwa ryabereye mu Butaliyano.
Kuri Franzmann, ico cari ikintu gikomeye cane. Ariko uwo mwambaro waje gishimwa inyuma y'imyaka myinshi.
Yavuze kandi ati: "Uwo mwambaro wahindutse igitangaza uko imyaka yagiye iragenda . Ndahimbarwa cane no kubona abantu benshi bawushima kandi bose bashaka kumenya inkuru yawo."
Uyu munsi, uwo mwambaro ufise imirongo y'amabara y'Ubudagi ku gikiriza ufatwa nk'umwe mu myambaro myiza kandi y'akaranga kuruta iyindi yose muri kahise k'Igikombe c'Isi.










