Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igitabu Papa Francis yandikamwo ivyo acamwo buri musi kigaragaza ibivugwa ko yabonye shetani incuro zitatu
- Umwanditsi, Emma Harrison
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Papa Francis yavuze ko mu buzima bwiwe yabonye shetani incuro zitatu, kandi ko yabonye n'"amarembo y'i kuzimu", nk'uko bigaragara mu gitabu ku vyo yabona canke yacamwo mu buzima bwiwe bwa buri musi.
Muri ico gitabu casohowe ku wa kabiri, harimwo ivyanditswe mu mwaka wa 2021 bivuga ko uwo Mwungere, atakiriho, yabonye shetani incuro zitatu: rimwe ari mu modoka, irindi ari "mu kibanza gitaramutse abaririmvyi baririmbiramwo [mw'isengero]", irya gatatu ari mu nama yagiranye n'abategetsi b'i Vatikano.
Yibuka ivyo yabonye, Papa Francis yanditse ati: "Sinshobora kwibagira urujwi rwayo [shetani] runini kandi rumeze nk'urusaraye."
Muri ico gitabu, canditswe hagati ya 1992 na 2024, agaragaza kandi ko yicuza urugendo yagiriye muri Chili mu 2018, aho yaneguwe ko yari yashingiye inkigi umusenyeri yagirizwa guhishira ihohotera rishingiye ku gitsina ryakozwe n'umupadiri.
Francis, yayoboye Ekleziya Katolika imyaka 12 gushika apfuye mu 2025, yahavuye asaba imbabazi, aca ahamagara abasenyeri b'ico gihugu kuza i Roma, aho bose bemeye gutanga imihoho.
Mu vyo yanditse mu 2021, Papa Francis yagize ati: "Ndashavujwe cane n'ivyabaye muri Chili."
"Vyangoye kwemera ivyabaye muri Chili; sinibaza ko ibintu vyari bikomeye ukuraho."
Ku bijanye n'ivyo yabonye, ivyo Papa Francis afata nk'uguhura na shetani, yavuze ko atoshobora kwibagira amaso "ateye ubwoba" ya shetani.
Avuga ku ncuro ya kabiri yemeza ko yabonye shetani, yanditse ati: "Yarandavye n'amaso asa n'ayariko yakamwo umuriro... yari akaze kurusha ayo nabonye ubwa mbere. Yasa n'urubeya rw'umuriro."
Yavuze ko ivyo vyabereye imbere mw'isengero rito (chepelle) ry'Abakarumeri, igihe yari arongoye diyoseze ya Buenos Aires muri Argentine.
Yavuze ko shetani yamukurikiye no mu ngendo ziwe, harimwo urwo yagiriye muri Chili igihe havugwa cane umusenyeri yagirizwa guhishira ihohotera rishingiye ku gitsina, hamwe no mu nama yagiranye n'abandi haciye imisi mike agarutse i Roma.
Yanditse ati: "Narabonye shetani, ndumva n'ijwi ryiwe, ryumvikana nk'iry'umuntu yishimiye intsinzi kandi afise ububasha ku bintu vyose."
Yongeyeko ati: "Umukama yarampaye akaryo ko kwikura muri ivyo twahuye."
Uwo mupapa atakiriho yavuze kandi ko, muri Ruheshi (6) 2018, igihe yariko yitegurira kuja kuryama, "yabonye amarembo y'i kuzimu".
Yavuze ati: "Nararavye akanya gato, vyaranteye ubwoba", yongerako ko "yafashe ishapure nk'ikirwanisho".
Yanditse ati: "Birateye akaga kwegera amarembo y'i kuzimu, kuko hashobora gusohoka imbeya z'umuriro zikaguturira."
Karidinali Victor Fernandez, arongoye urwego rwa Vatikano rujejwe inyigisho z'ukwemera akaba kandi n'umugenzi wa Papa Francis, ni we yatunganyije ivyo bitabu.
Ni vyo bitabu vya mbere vy'ivyo umupapa yagiye aracamwo mu buzima bwiwe bwa buri musi bisohowe ku mugaragaro kuva mu myaka ya 1960.
Papa Francis yatorewe kuba Umwungere wa Ekleziya mu 2013, apfa muri Ndamukiza (4) 2025 afise imyaka 88.