Uburundi n'intambara ya mbere y'isi bihuriye he?: Abasirikare b'Ubudagi bahambwe mu Rugombo

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 4

Iyo havuzwe ubukoroni mu Burundi, benshi bashobora guca babona Ububirigi gusa.

Ariko imbere y'Ububirigi, Uburundi bwaratwawe gikoroni n'Ubudagi hagati ya 1896 na 1916. Co kimwe n'Urwanda na Tanzania.

Ibimenyetso ko Ubudagi bwaciye mu Burundi bishobora kuba bitakiri vyinshi. Ariko hariho kimwe kidasanzwe: imva z'abasirikare b'Abadagi n'Abanyafrika bari mu gisirikare c'Ubudagi bishwe mu ntambara ya mbere y'isi.

Izo mva ziri muri zone Rugombo, mu yahoze ari intara ya Cibitoke, ubu iri mu ntara yagutse ya Bujumbura mu buraruko bushira uburengero bw'Uburundi.

Izo mva zashinguwemwo Abasirikare b'Abadagi n'Abanyafrika barwanira intwaro y'Ubudagi.

Intambara ya mbere y'isi yarashitse mu Burundi?

Nk'uko bivugwa na Jean Berchmans Ndihokubwayo, umuhinga mu vya kahise akaba n'umwigisha muri kaminuza y'Uburundi, abo basirikare bapfiriye mu ntambara hagati y'Ubudagi n'Ububiligi, cane cane mu ndwano yabereye i Luvungi mu buseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Congo.

Imva zigabuwe mu mirwi itatu nk'uko bisigurwa na Ndihokubwayo.

Ati: "Aba Askari [Abasirikare b'Abanyafrika] bagizwe ahanini n'abasirikare b'abirabure bava mu bihugu vya Afrika vyatwarwa n'Ubudagi. Umurwi wa kabiri ugizwe n'abasirikare b'Abadagi bari mu Burundi. Umurwi wa gatatu ugizwe n'umusirikare atamenyekanye.''

Uyu mwigisha avuga kandi ko izo mva zitarimwo gusa abasirikare b'Abadagi bapfiriye mu ntambara ya mbere y'isi yose. Ati: ''Muri zirya mva ziri mu Rugombo harimwo uruvangatirane. Umudagi wese yaba mu Burundi agapfa urwakarago bamujanye harya, umusirikare wese w'umudagi yapfiriye mu Burundi kuva 1905 kugeza mu 1918 ari harya.

"Eka n'abo basirikare b'Abanyafrika ahanini benshi bava muri Congo, Tanzania, Cameroun na Togo nabo nyene bahambwe harya, tutibagiye n'Abarundi babafashije mu kurwanya Ababirigi mu 1916".

Mu birori vyo kwibuka abo bantu vyabereye muri iryo tongo ry'abapfuye (akaburi) ku wa gatandatu, uwuserukira Ubudagi mu Burundi, Hubertus Klink, yavuze ko hibutswe abasirikare umunani b'Abadagi hamwe n'Abanyafrika 30 bapfiriye ku rugamba barwanira intwaro y'Ubudagi.

Abo bose bari mu ngabo z'Ubudagi zo muri Afrika y'Ubuseruko, zari zizwi nka Kaiserliche Schutztruppe für Deutsch-Ostafrika.

Ku bwa Hubertus Klink, guha icubahiro abo bahahambwe ni uburyo bwo gufasha abantu kumenya amateka.

"Nipfuza ko abantu bose bamenya kahise kugira dushobore kwubaka kazoza kacu n'ibihugu vyacu. Ivyo nabigize umwitwarariko wanje igihe nzoba nkiri hano mu Burundi."

Ubuserukizi bw'Ubudagi bwahora buja kwibuka abo basirikare ariko Hubertus Klink ubu yashatse ko uwo mugirwa umenyekana cane kurusha uko vyahora.

Ibirori vyo kwibuka vyabereye mu Rugombo vyari vyitabwe n'abaserukira ibihugu vyabo n'amashirahamwe mpuzamakungu, harimwo uwuserukira Ubumwe bwa Buraya mu Burundi, abaserukira Ubuholande na Tanzaniya, hamwe n'abasirikare bo muri Nigeria na Uganda bakorera mu Burundi.

Iryo tongo ryitwa Cimetière militaire allemand 1914-1918 riri hafi y'ibarabara rijana ku mipaka y'Uburundi, Congo n'Urwanda.

Nk'uko Ndihokubwayo abivuga, aho hantu hatowe kubera ko benshi mu bahahambwe baguye hafi y'aho.

"Kubona iryo tongo riri hafi y'umupaka wa Congo n'Uburundi ni uko benshi mu bahahambwe bapfiriye mu gitero c'Ababirigi cabereye i Luvungi mu 1916. Ntivyari vyoroshe ko bajanwa guhambwa kure cane y'aho baguye."

Imbere y'intambara ya mbere y'isi, Urwanda n'Uburundi vyari biri mu bukoroni bw'Ubudagi hamwe na Tanzania y'ubu mu cari kizwi nka Afrika y'Ubuseruko y'Abadagi (Afrique orientale allemande), mu gihe Congo yari icibare c'Umwami Leopod II w'Ababirigi.

Igihe iyo ntambara yaduka ku mugabane wa Buraya mu 1914, Ububirigi bwipfuza ko Congo itari kugira uruhara muri iyo ntambara.

Ariko ku wa 15 Myandagaro (8) 1914, ingabo z'Abadagi zaragavye ibitero ku birindiro vy'Ababirigi hafi y'ikiyaga Tanganyika, harimwo ahitwa Mokolobu, haca hakurikira n'ibindi bitero ahitwa i Lukuga.

Inyuma y'ivyo bitero, Ububirigi bwaciye bugomora ingabo zabwo za gikoloni, zari zizwi kw'izina rya Force Publique, kugira zirwanye Abadagi, ku bice vyose vyari bikoronijwe n'Ubudagi muri Afrika y'Ubuseruko.

Umwigisha Ndihokubwayo abandanya asigura ko Ababirigi batinjiye mu ntambara yo gufata Urwanda n'Uburundi kubera gusa ko bariko bararwanya Ubudagi. Hariho kandi inyungu za gisirikare, iza poritike, kwiyagurira akarere hamwe n'inyungu z'ubutunzi. Kimwe mu vyabatumye barwana kwari ugukingira Congo no kwitegurira kuronka ikibanza gikomeye mu biganiro vy'amahoro vyari gukurikira iyo ntambara.

Ingabo z'Ububirigi zafashe Urwanda muri Rusama (5) mu 1916, hanyuma zigarurira Uburundi muri Ruheshi (6) uwo mwaka nyene. Kuva ico gihe, ivyo bihugu bibiri vyaciye bitwarwa n'ubutegetsi bwa gisirikare bw'Ububirigi.

Hari amatariki atatu nyamukuru afasha gutahura uko ivyo vyagenze:

  • 1916: Ingabo z'Ububirigi zigaruriye Urwanda n'Uburundi.
  • 1919: Ibiganiro vy'amahoro vyakurikiye Intambara ya mbere y'isi vyemeje ko Ububirigi bugumana ububasha kuri ivyo bihugu bibiri.
  • 20 Mukakaro (7) 1922: Ishirahamwe ry'Amakungu (Société des Nations) ryahaye ku mugaragaro Ububirigi ubutumwa bwo gutwara no kugenzura intara ya Ruanda-Urundi (Urwanda n'Uburundi).

Ku bw'umwigisha Ndihokubwayo, ivyo rero bisigura ko Urwanda n'Uburundi bitahawe Ububirigi nk'ingabire y'ibihugu vyari vyatsinze intambara. Ahubwo vyavuye ku ngingo ya poritike mpuzamakungu yafashwe inyuma y'aho Ubudagi butsindiwe muri iyo ntambara.