Abahungu b'amahasa barongoye abakobwa b'amahasa, imisa isomwa n'abapatiri b'amahasa, bafashijwe n'abakorezi b'amahasa!

Abageni b’amahasa bafotowe bari kumwe mw’isengero, bakikujwe n’abakorezi b’amahasa, abapatiri b’amahasa basomye imisa nabo bahagaze inyuma yabo.

Ahavuye isanamu, BBC Tamil

Insiguro y'isanamu, Buno bugeni budasanzwe kandi bw'imbonekarimwe bwabaye inyuma y'imyiteguro yitondewe yamaze imyaka
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Ifoto y'ubugeni igaragaza imirwi ine y'amahasa iriko irahanahanwa cane rwose ku mbuga ngurukanabumenyi na nyagiro mu bumanuko bw'Ubuhindi.

Kuri iyo foto, habonekamwo abahungu babiri bavukana kandi b'amahasa bariko bagira ubugeni n'abakobwa babiri b'amahasa, mu gihe ibirori n'imisa yo kubahezagira vyari bihagarariwe n'abapatiri babiri b'amahasa, bafashijwe n'abakorezi babiri b'amahasa nyene.

Buno bugeni budasanzwe kandi bw'imbonekarimwe bwabaye inyuma y'imyiteguro yitondewe yamaze imyaka.

Akhil Thomas, umwe mu bagabo bagize ubugeni akaba na Butoyi kw'ihasa ryiwe Akhil, yagize ati: « Kuba hari imirwi ine y'amahasa ku bugeni bumwe, si ikintu ciyadukije ukwo nyene ».

« Twari twiyemeje kurongora abakobwa b'amahasa. Umuryango wacu wamaze hafi imyaka itatu urondera abakobwa bakwiye kutubera abageni ».

Bompi bafise imyaka 32. Kuri iyo myaka, muri ako karere bafatwa nk'abatevye gatoyi kurongora.

Akhil abandanya ati: « Kubera ko twari tumaze kurenza imyaka 30, incuti n'abagenzi bacu ntibahengeshanya kuduhanura ko ivyo kurindira abakobwa b'amahasa twobivamwo ».

« Baranaduteye ubwoba ko tutarongoye abakobwa basanzwe, dushobora kuzoba ibirumbagane. »

Mu ntumbero yo kuronderera abahungu bawo abageni babereye, umuryango waravuganye n'ikigo gifasha abantu kurondera abo bubakana, cane cane amahasa.

Akhil avuga ko mu myaka iheze bahuye n'imirwi nka 40 y'abakobwa b'amahasa imbere y'uko bahura na ba kimararungu babo: Magi na Maria Mary. Mu buryo butangaje, abo bakobwa bompi bafise imyaka 31, bakaba na bo nyene bari bizeye kuzorongorwa n'abahungu b'amahasa.

« Kuva tukiri abana, twari twiyemeje ko nitwubaka izacu, tuzokwubakana n'amahasa gusa », ni ko Magi avuga.

Maria na we yongerako ati: « Igihe twahura na Akhil na Nikhil, twaciye tubakunda. Twaciye dufata ingingo y'uko ari bo tuzobana ubuzima bwacu bwose. »

Abo bakobwa ni na bo baciye basaba ko imisa y'ubugeni yosomwa n'abapatiri b'amahasa.

Inkuru tubandanya tubashikiriza...