Ingene uno mugabo yarusimvye igihe yaterwa n'intare yamaze iminota 30 imugumirije hasi

Ahavuye isanamu, UGC
Umugabo w'umworozi mu kigwati ya Garajia co mu ntara ya Bhavnagar mu Buhindi yafashwe amashusho yafyondewe hasi n'intare, canke intambwe, yo muri Aziya yamuteye, ariko bikarangira itamwishe.
Mu kiringo c'iminota 30 yose iyi ntambwe y'ingore yamaze imufatiye hasi, uno mugabo yarokowe n'uko yagumije umutima, nubwo yakomeretse umubiri wose ubu akaba ariko aravurwa.
Abari hafi batekewe n'ubwoba igihe babona ingene uno mwungere w'inka, Kalubhai Parmar, yariko agerageza kwikura iyo ntambwe, mu gihe abandi bantu baguma bavuza induru ariko bari kure, bayitera n'amabuye kugira ngo igire ubwoba yiruke.
Iyi ntambwe yamugumirije hasi mu kiringo c'iminota 30, ikaguma imufyondera hasi buri gihe cose yagerageza guhaguruka.
Iki gitero cabaye ku wa mbere mu gatondo mu ntara ya Gujarat, aho izi ntambwe zisanzwe ziyerereza mu bice bimwe bimwe.
Nta woshobora gusigura ukungene iyi ntambwe itamwishe, mu gihe abahinga mu bijanye n'inyamaswa zo mw'ishamba bavuga ko kumushingamwo amenyo rimwe gusa vyari kuba birangiye kuri uno mugabo.
Uno mugabo avuga ko yagerageje kuguma atuje, ayikubita buhorobuhoro kugira ngo ayituze gushika abajejwe ubutabazi bamushikiriye.
Nk'uko umunyamakuru wa BBC Alpesh Dabhi, wo mu gisata c'ururimi rw'ikigujarati, Kalubhai yabwiye abanyamakuru ko iki gitero cabaye nk'isaha zibiri z'igice zo mu gitindo co ku wa mbere.
Itangazo ry'igisata kijejwe amashamba rivuga ko Kalubhai yatewe n'iyo ntambwe igihe yari acunze inka ziwe.
Kalubhai wewe agira ati: "Nari ntwaye inka zanje kunywa amazi isaha zibiri n'inusu mu gitondo. Niho naza numva intambwe yari hafi insimbiyeko.
"Yabanje kunsimbira ku bitugu, ica inta hasi, irandya ku kuboko ica iguma ingumirije hasi mu kiringo c'inusu y'isaha.".
Umukuru w'akarere, Karamshibhai Chauhan, yabwiye BBC ko iyo ntambwe yahavuye igenda ata n'ico igize inka za Kalubhai zibiri.
Asigura ingene yinjiye kwa Kalubhai, Karamshibhai agira ati: "Iyo ntambwe yarinjiye muri ico kigwati ica ija mw'itongo ry'umubanyi wa Kalubhai. Ariko, yahavuye yiruka inyuma y'uko imbogo y'umubanyi iyirushije inguvu ikoresheje amahembe yayo.
"Inyuma y'aho, niho yaca ija kwa Kalubhai, ahari hazirikiye inka zibiri. Ariko aho gutera izo nka, yateye Kalubhai. Niho mu nyuma yahavuye imurekura ica yiruka ija kuri izo nka nubwo yahavuye igenda ataco izigize".
Mu kwemeza iyo nkuru, icegera c'uwujejwe kubungabunga amashamba n'ibikoko mu gisata kijejwe ibikoko vyo mw'ishamba cimeza rya Shetrunji, Chirag Amin, yabwiye BBC ko iyo ntambwe yateye umurimyi mworozi mu mutumba wa Garazia maze iramukomeretsa bikomeye.
Kalubhai, w'imyaka nka 50 y'amavuko, yavuze kandi ko abanyagihugu bari bamaze kumenyesha ishami ry'amashamba ivy'iyo ntambwe, ariko ko yahavuye igenda imbere y'uko abakozi b'iryo shami bashika aho vyabereye.
Ishami ry'amashamba ntiryatanze insiguro zindi ku vyerekeye iyo nkuru.










