Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tanzania: ONU ihangayikishijwe n'iburabuzwa rigirirwa aba Maasai
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryabwiye Tanzania guhagarika kuvana ku nguvu aba Maasai mu buraruko bw'igihugu, hanyuma igire ico ikoze ku bivugwa ko inzego z'umutekano zibahohotera.
ONU ivuga ko kubuzwa gutunga ubutaka, kubuzwa gushikira amazi n'ivya nkenerwa bitangwa n'igihugu mu karere ka Ngorongoro vyatumye abo ba Maasai bata bakava mu matongo ya ba sekuru na ba sekuruza.
Tanzania ubundi yahora yemerera bamwe mu basangwabutaka kuba mu mpongore kama. Ariko imenyesha ko umugambi wo kubimura ufise intumbero yo gukingira inyamaswa kandi ko abo ba Maasai bimuka ku gushaka kwabo.
Reta ya Tanzaniya ntaco irashikiriza kw'itangazo rya ONU.