Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Intambara' hagati ya RD Congo n'Urwanda: OIF mu mayira abiri
Mu gihe hasigaye amasaha make ngo abakuru b'ibihugu n'ama reta bagize ishirahamwe mpuzamakungu ry'ibihugu bikoresha ururimi rw'Igifaransa (OIF) batore umunyamabanga mukuru mushasha i Phnom Penh muri Cambodge, amaso ya benshi ntari gusa ku bariko barondera kwitoza. Ahubwo yerekejwe ku migenderanire mibi hagati y'ibihugu bibanyi vy'Urwanda na Repubulika ya Demokrasi ya Congo (RDC).
Urwanda na Congo vyompi bifise aba candida muri bane bifuza kurongora uwo muryango w'ibihugu 53:
- Louise Mushikiwabo: Rwanda, asanzwe ari Umunyamabanga Mukuru wa OIF kuva mu 2019,
- Juliana Amato Lumumba: RD Congo,
- Umunya-Mauritania Coumba Bâ : Mauritania, umuganga akaba n'umunyapolitike muri ico gihugu
- Dacian Cioloș: Roumanie, yabaye umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu.
Kuba Urwanda na RD Congo vyompi bifise abakandida, ivyo gutora umunyamabanga mushasha wa OIF vyahindutse urugamba rwa dipolomasi muri iryo shirahamwe.
Ariko muri abo bane, amaso yose ari kuri Mushikiwabo.
RD Congo imaze igihe ica ku biti no ku mabuye kugira ngo izibire Mushikiwabo ngo ntatorwe. Kandi yitwaza igihagararo cayo mu muryango. Ni co gihugu gifise benshi kurusha ibindi mu bantu miriyoni 300 bavuga canke bakoresha ururimi rw'igifaransa kw'isi.
Muri RD Congo, hari abanyaporitike babona ko bitabereye kandi bitumvikana ko igihugu cagirizwa gushigikira umuhari w'inyeshamba zirwanya ubutegetsi bw'igihugu cabo cobandanya kirongoye rimwe mu mashirahamwe akomeye kw'isi y'abakoresha igifaransa.
Nubwo ata tangazo ryasohowe ku mugaragaro, bamwe mu bategetsi ba Congo bagiye berekana ko ari nka hamwe Mushikiwabo yosubira gutorwa ngo arongore Francophonie, igihugu cabo cova muri iryo shirahamwe, canke kigasubira kwihweza nimba koko cobandanya kiri umunywanyi wayo.
Abajijwe n'imboneshakure TV5 Monde ico avuga kuri ibi, Mushikiwabo yishuye ati: "Naravyumvise koko, ariko jewe ubwanje vyontangaza cane…Muri OIF nta gihugu gifise uburenganzira bwo guhagarika canke kwanka ingingo y'abandi. Ingingo zose zishingira ku nzira yemejwe kandi yemerwa n'ibihugu vyose bigize iri shirahamwe.
"Jewe rero vyontangaza cane. Congo ni igihugu gikomeye ku buryo kitofata ingingo y'ishavu".
N'ubwo umushikiranganji wa Congo ajejwe imigenderanire Therese Kayikwamba atabivuga mu majambo yeruye, yavuze ko mu gutora canke kugena umunyamabanga mukuru mushasha hoshirwa imbere kwumvikana kugira abanywanyi b'ishirahamwe birinde kuwushira mu "cuka kibi".
Akarorero keza canke umutego
Mu kimeze nko gutanga akarorero keza, igihe haba ibirori vyo kwugurura iyi nama ejo ku wa gatandatu, umushikiranganji w'imigenderanire n'ayandi makungu wa RD Congo, Thérèse Kayikwamba Wagner, yavuze ko igihugu ciwe citeguye kwemera gusokora ikarata ya Juliana Lumumba yo kwitoza mu ntumbero yo kworohereza umwumvikano ku wotorwa.
Ku bwa Kayikwamba, ico ni ikimenyetso c'uko igihugu ciwe gishira imbere ubumwe bw'ishirahamwe kuruta inyungu zaco bwite, agasaba n'ibindi bihugu gukurikira iyo nzira.
N'aho bitavuzwe gutyo, bisa no kuvuga ngo "nderekanye umutima mwiza wo kwirinda ingorane, uwundi nagire nk'uko". Uwo wundi rero ni Urwanda.
Imboneshakure Africa 24 isubiramwo amajambo yiwe agira ati: "Turizigiye kandi ko iki cemezo twafashe kizotuma abagize iri shirahamwe bose basubira kwihweza ivyiyumviro vyabo, maze bongere bashire imbere inyungu rusangi n'inyungu z'ishirahamwe kuruta inyungu z'umuntu umwe canke iz'igihugu ciwe."
Abajijwe icoba ari nka hamwe Urwanda rutokora nka RDC, yishuye ati: "Nimba Urwanda rutabigize, ruzoba rwafashe ingingo yarwo kandi ni rwo ruyibazwa. Ntituri ngaha kugira ngo duhatire abandi gufata uruhande uru canke ruriya, turi ngaha kugira dusigure kandi twunganire ivyiyumviro vyacu, ariko kandi twubahe kandi twemere ko n'abandi bafise ivyiyumviro vyabo."
Nta kimenyetso urundi ruhande rurerekana. Louise Mushikiwa yabwiye ikinyamakuru TV5 ko ari "umukandida gushika ku ka nyuma", nawe umushikiranganji wiwe ajejwe imigenderanire Olivier Nduhungirehe avuga ko ivyo Congo yatangaje bitanze inzira yo kwerekeza amaso ku mukandida abikwiye, ni ukuvuga Mushikiwabo.
Mw'ijambo ryo kwugurura inama y'abakuru b'ibihugu, umukuru w'igihugu c'Ubufaransa Emmanuel Macron yirinze kugaruka mu majambo yeruye kuri ico cuka kiri mu muryango imbere y'uko haba amatora. Ariko nawe nyene yasavye ko haba umwumvikano nk'uko bisanzwe ari vyo bishirwa imbere muri OIF.
Amakuru avuga ko Perezida Macron yoba yipfuza ko haboneka uwundi yokwumvikanwako kugira yitoze, uwuvugwa cane akaba ari Umu-Roumanie Dacian Cioloș, ibi na vyo bikaba bitashimishije bamwe mu bategetsi b'Urwanda.
Abajijwe na TV 5 Monde nimba yoba afata ko ibisabwa na Perezida Macron ari ukwivanga mu bitamuraba, Louise Mushikiwabo yishuye ati: "Biragaragara, biragaragara, ariko umuntu ategerezwa kumenya ingene avyifatamwo".
Ibi bituma aya matora buca aba ahinduka nk'igipimo c'ijambo mu migenderanire (diplomacie) buri gihugu gifise ku rubuga mpuzamakungu.
Ariko azoba kandi n'igipimo c'ubumwe hagati y'ibihugu vya Afrika.
Mw'ishirahamwe rya Afrika (Union Africaine) vyari bisanzwe vyarumvikanywe ko igihe cose haba hari uwitoza w'umunyafrika, mu kibanza mpuzamakungu, ibihugu vyose biheza bikamushigikira. OIF irimwo ibihugi vya Afrika barenga 20.
Rero muri aya matora buca aba, amatati hagati y'ibi bihugu bibiri bidahengeshanya kwitana ba mwana ariko araboneka ko ari co kibazo nyamukuru, mbere cagumye kigaruka, hakaba hari n'abagifata ko ari igipimo kuri kazoza ka Francophonie.
Hari ababona ko mu gihe Mushikiwabo yoramuka asubiriye gutorwa vyoca vyerekana ububasha bukomeye bwa Kigali mu bijanye n'imigenderanire mpuzamakungu, ariko kandi hakaba n'abandi babona ko mu gihe atotorwa kubera gusa ko ari Umunyarwandakazi, Congo nayo yoba yerekanye inguvu z'ijwi ryayo.
Ku ruhande rwa Mushikiwabo n'Urwanda, ni uko OIF idakwiye guhindurwa urubuga rw'imishamirano hagati y'ibihugu bibiri, mu gihe Repubulika ya Demokarasi ya Congo yoyo ibandanya yerekana ko ishirahamwe rivuga ko rishingiye ku mabwirizwa yo kwubahiriza ubusugire bw'ibihugu, demokarasi n'ukwubahana hagati y'ibihugu birigize ridakwiye kwirengagiza ihoyangwa ry'izo ngingo.
Ivyo ari vyo vyose, ibishobora kuva mu matora ategekanijwe i Phnom Penh bishobora kuzokwerekana ishusho n'igihagararo ca OIF imbere y'ibibazo bihanze isi, hamwe n'ingaruka amatati hagati y'ibihugu ashobora kugira kuri kazoza k'ishirahamwe.