Amerika yemeje kugurisha misile 500 za Patriot kuri Ukraine

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Jaroslav Lukiv
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 4
Amerika yemeje kugurisha kuri Ukraine misile 500 zo mu bwoko bwa Patriot, intwaro zicyenewe cyane mu bwirinzi ku bitero byo mu kirere by'Uburusiya bikomeje kwiyongera.
Ariko Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yaburiye ko bishobora gufata "imyaka myinshi" kugira ngo izo ntwaro ziyigereho.
Minisiteri y'ububanyi n'amahanga y'Amerika yavuze ko izo misile zo gusama ibisasu zifite ubushobozi bukataje zo mu bwoko bwa PAC-3 zizagurwa miliyari 2.1 z'amadolari y'Amerika ndetse ko ikiguzi cyazo "kizaterwa inkunga cyose uko cyakabaye" n'inshuti za Ukraine z'i Burayi hamwe na Canada.
Mu ijoro ryo ku wa gatanu, Zelensky yasubiyemo ubusabe bwe bwuko Amerika yihutisha itangwa rya misile za Patriot zayo – intwaro yonyine ishobora guhanura misile z'Uburusiya zica abantu zo mu bwoko bwa ballistic.

Iki cyemezo gishya gifashwe nyuma y'ubushyamirane hagati ya Zelensky na Perezida w'Amerika Donald Trump bwabaye muri uku kwezi, ubwo Amerika yadohoraga ibihano yafatiye Uburusiya, ikabikora muri gahunda y'amasezerano yo kubona mazutu iva mu Burusiya.
Perezida w'Amerika yavuze ko igihe kigeze kugira ngo Ukraine igire umutegetsi mushya ushobora kugera ku masezerano yo kurangiza intambara n'Uburusiya.
Uburusiya bwagabye igitero gisesuye kuri Ukraine muri Gashyantare (2) mu mwaka wa 2022, mbere yaho bukaba bwari bwariyometseho umwigimbakirwa wa Crimea uri mu majyepfo mu mwaka wa 2014, ndetse bufata ibice bimwe mu karere ka Donbas mu burasirazuba bwa Ukraine.
Ubushyamirane bwacururutse nyuma yuko Zelensky agiranye ibiganiro n'intumwa z'Amerika, byabereye i Oslo mu murwa mukuru wa Norvège, ku itariki ya 20 Ukwakira (10) uyu mwaka.
Mu itangazo ryayo ryo ku wa gatanu, minisiteri y'ububanyi n'amahanga y'Amerika yavuze ko "iri gurisha riteganyijwe rizafasha intego z'ububanyi n'amahanga n'umutekano w'igihugu za Leta Zunze Ubumwe [z'Amerika] binyuze mu guteza imbere umutekano w'igihugu cy'umufatanyabikorwa cy'ingenzi ku ituze [umutekano] muri politike no mu bukungu mu Burayi".
Iryo tangazo rivuga ko "Ukraine izariha iri gurisha bivuye ku mfashanyo za Canada, Ubudage na Norway [Norvège] biciye muri gahunda ya JUMPSTART no mu bigega by'igihugu, bitewe inkunga na gahunda y'inguzanyo yo gufasha Ukraine y'Ubumwe bw'Uburayi".
Iryo tangazo rivuga ko "rwiyemezamirimo w'ibanze" azaba ari kompanyi Lockheed Martin yo muri Amerika, ryongeraho ko "nta mafaranga y'Amerika ari muri iri gurisha".
Hagati aho, mu nama y'abaminisitiri b'ububanyi n'amahanga bo mu itsinda ry'ibihugu bikize rya G20, irimo kubera i Atlanta muri leta ya Georgia muri Amerika, abadipolomate b'i Burayi bamaganye kuba Minisitiri w'ububanyi n'amahanga w'Uburusiya Sergei Lavrov ayirimo, banga guhaguruka kugira ngo hafatwe ifoto y'iyo nama.
Iyo nama yakiriwe na Minisitiri w'ububanyi n'amahanga w'Amerika Marco Rubio.
Minisitiri w'ububanyi n'amahanga w'Ubwongereza Ed Miliband yabwiye Lavrov muri iyo nama ati: "Reka mvuge ibi mu buryo butaziguye mbibwira Minisitiri w'ububanyi n'amahanga w'Uburusiya: Twese tuzi umushotoranyi muri iyi ntambara." Miliband yashinje leta y'Uburusiya kwica abasivile b'inzirakarengane muri Ukraine.
Mbere yaho muri iki cyumweru, Zelensky yavuze ko Ukraine yari imaze hafi ukwezi kumwe itegereje ko Amerika yemeza gutanga izo misile z'ingenzi cyane igihugu cye kirimo kugenda gishiranwa na zo.
Mu butumwa yatangaje mu ijoro ryo ku wa gatanu, yashimye iryo tangazo ry'Amerika ariko avuga ko Ukraine icyeneye misile za Patriot "aka kanya".
Yavuze ko Uburusiya burimo gukaza umurego mu bitero byabwo ku bikorwa-remezo by'ingufu by'ingenzi cyane, mbere yuko igihe cy'ubukonje bwinshi gitangira. Yavuze ko mu byumweru bibiri bishize, Uburusiya bwagabye "ibitero birenga 30" ku "bice by'ingenzi cyane" by'umuyoboro w'amashanyarazi wa Ukraine.
Ukraine icyeneye cyane izo misile zo gusama ibisasu ariko ku isi hari ubucye bw'izo misile buterwa no kuba Amerika izikoresha mu ntambara yayo kuri Iran.
Ingengabihe y'igihe izo misile za Patriot zizakorerwa ntisobanutse – ariko byumvikana ko gahunda iriho ari uko hakorwa izindi aho kugurisha izisanzwe zihari, bisobanuye ko bitashoboka ko Ukraine izibona mu buryo bwihuse.
Bifata igihe kirekire kugira ngo misile za Patriot zikorwe. Minisiteri y'ingabo z'Amerika ivuga ko misile 600 za Patriot ari zo zikorwa buri mwaka.
Muri Nyakanga (7) uyu mwaka, Trump yavuze ko Amerika itari bwemere guha Ukraine uruhushya rwo gukora izo misile za Patriot – hari hashize ibyumweru bitatu avuze ko agiye guha Ukraine ubwo burenganzira.
Amakuru y'inyongera yatawe na Victoria Bourne














