Aho ari mu rugendo muri Espagne, Papa yashimiye iki gihugu kubona kidashigikira intambara

Ahavuye isanamu, EPA/Shutterstock
- Umwanditsi, Maia Davies
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Abantu barenga umuriyoni buzuye amabarabara yo mu gisagara ca Madrid kuri uno wa Mungu mu gihe Papa Leo XIV yasomera imisa hanze kuri uwo mugwa mukuru w'igihugu ca Espagne, nk'uko Vaticano ibivuga.
Isinzi ry'abantu ryasidukanye n'iyonka kuri uno musi wa kabiri w'urugendo rwiwe yatanguye ejo ku wa gatandatu igihe yashika mu kibanza citiriwe Plaza de Cibeles, Umwami Felipe VI n'Umwamikazi Letizia bakaba bari kumwe n'abakristu.
Ejo ku wa gatandatu, Papa Leo XIV yatanguye urugendo rw'imisi indwi muri ico gihugu, aho yashimagije reta y'iki gihugu yamirira kure intambara be n'ukungene ishigikira abimukira.
Mw'ijambo yashikirije igihe yakirwa n'Umwami Felipe VI be n'uno Mwamikazi Letizia ku kirimba c'i Madrid, Papa Leo yashimye ukungene Espagne "yitangira amahoro n'ubumwe hagati y'ibihugu".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umushikiranganji wa mbere Pedro Sanchez yarateranye amajambo na Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku ntambara yo muri Irani, hamwe na Israel ku ntambara yo muri Gaza, Papa akaba yashimagije Espagne ku kungene "igendera amategeko mpuzamakungu n'ubumwe hagati y'ibihugu".
Igihe yashika i Madrid ejo ku wa gatandatu, Papa yavuze ko ubutumwa bw'amahoro "muri iki gihe ku bw'amahirwe make hari ababubona nk'ubw'ukutitaho ibintu, abandi bakabubona nk'ubutera amatati," ariko bwari bukwiye "kwakirwa n'abo bose bafise umutima wuguruye batiyugaraniye mu vyiyumviro vyabo bamaze kwishiramwo".
Kuri uno wa Mungu naho, yaremesheje imisa, aho abari bayitavye bari bafise amabendera ya Espagne n'aya Vaticano, basemerera bati: "Ni harambe Papa", abandi nabo batera amashurwe igihe yashika ku kibanza ca Plaza de Cibeles.

Ahavuye isanamu, EPA/Shutterstock
Mu nyigisho yiwe, yasavye abari bitavye igisabisho kugaragaza ukwemera kwabo mu gufasha abandi, avuga ko Imana "yiyegereza abakene, abaciye bugufi, inyakamwe n'abatawe".
Yavuze ko batofata idini nk'"inzu ndangamurage igenderwa gusa mu kuraba ivya kahise, ahubwo nk'ishure umuntu akuramwo ukwemera n'ubu".
Abategetsi bashizeho ingingo zikomeye zo gucungera umutekano mu gihe c'imisa no mu rugendo rwakurikiye aho yazungurutse mu gisagara hagati i Madrid.
Amabarabara yari afise ivyapa bifise isanamu ya Papa hamwe n'amashurwe menshi yera n'ay'umuhondo, ajanye n'amabara y'ibendera rya Vaticano.
"Naje guhura na Yezu Kristu biciye mu majambo ya Papa", ni ko Marta Perez w'imyaka 30 yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP kuri uno musi wa Mungu. "Yaje gukora ivyiza, n'urukundo rwiwe rwose."
Ana Milagros w'imyaka 64, yavuze ko Papa ariko agerageza "kudufasha twese".
Ati: "Hari ukwicamwo ibice n'ukutumvikana kwinshi muri poritike, mu bibazo vy'imibano, vy'ubutunzi".

Ahavuye isanamu, EPA/Shutterstock

Ahavuye isanamu, Reuters
Muri uru rugendo rwiwe muri Espagne - ari na rwo rwa mbere rw'umupapa mu myaka nk'icumi n'itanu iheze – bitegekanijwe ko azoshikiriza kandi ijambo ridasanzwe imbere y'inama nshingamateka ya Espagne, yongere abonane n'abakorewe ihohoterwa rishingiye ku gitsina muri Ekleziya Katolika.
Papa Leo kandi vyitezwe ko azoja mu mazinga ya Canary ari kumwe n'umushikiranganji wa mbere Sánchez mu mpera z'iyo ndwi, aho bazokwibuka ibihumbi n'ibihumbi vy'abimukira bapfiriye mu nzira bariko bagerageza gushika i Buraya.










