Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amerika yagavye ibindi bitero, mu gihe Irani nayo yugaye Umuhora wa Hormuz
- Umwanditsi, Tabby Wilson
- Umwanditsi, Robert Greenall
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 4
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zitangaza ko zagavye umupfunda w'ibitero bishasha kuri Irani inyuma y'uko iki gihugu kirashe ubwato bwariko buca mu Muhora wa Hormuz.
Ishami ry'igisirikare ca Irani rijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu (Islamic Revolutionary Guard Corps, IRGC) rivuga ko ryugaye uno muhora gushika igihe hazotangazwa iyindi ngingo, ryongera rigabisha ko rizokwihora bikomeye ku "gitero" ca Amerika, nk'uko bitangazwa n'ibinyamakuru vya reta.
Inyuma y'amasaha make Amerika igavye ibi bitero, IRGC yavuze ko na yo yateye ikigo c'igisirikare ca Amerika muri Yorodaniya, mu gihe Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu, Qatar, Koweit na Bahrain na vyo vyariko vyivuna ibisasu vya misire na za ndege zitajamwo abadereva (ama-drone) vyari bivuye muri Irani.
Ibi bibaye inyuma y'ibindi vyabaye mu ntango z'ino ndwi irangiye aho amato atatu y'ubudandaji yatewe, bigatuma Amerika na Irani birasana.
Ubuyobozi bw'ingabo za Amerika mu karere (Centcom) buvuga ko bwagavye ibitero bigira gatatu muri iyi ndwi inyuma y'uko IRGC "zirashe ku mugaragaro" ubwato bwa Chypre/ Cyprus mu Muhora wa Hormuz.
Centcom ivuga ko ubwato MV GFS Galaxy butashoboye "kubandanya urugendo rwabo" kubera bwononekaye mu moteri. Ivuga kandi ko umwe mu bakozi b'abasivire b'ubu bwato yaburiwe irengero.
Centcom ivuga ko Amerika yakoze ibitero ku bibanza 140 vya gisirikare vya Irani, harimwo ibigo vya misire n'ivy'amadrone, iminara y'itumatumanako, hamwe n'ibigo vyo gucungera imbibe.
Urwego rw'Ubwongereza rujejwe gukurikirana umutekano wo mu kiyaga (UK Maritime Trade Operations – UKMTO) rwatangaje ko rwamenyeshejwe n'abategetsi ba gisirikare ko abari muri ubwo bwato vyabaye ngombwa ko babuta, bakaba bari mu bwato bw'ubutabazi.
Mu butumwa yashize ku rubuga X, Centcom yagize iti: "Irani yongeye guhabwa akaryo ko kwerekana ko yubahiriza Amasezerano y'Umwumvikano, inyuma yo kwagirizwa ibitero yaheruka kugaba ku mato y'ubudandaji, ariko yongeye kunanirwa kubikora".
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi, Pete Hegseth, yasubiyemwo ubwo butumwa kuri X, yongerako ati: "Irani yafashe ingingo mbi. Ubu rero iriko iravyishura."
Ku ruhande rwayo, IRGC yatangaje ko Amerika yakubise "ibibanza vyinshi vya gisirikare biri ku nkengera z'ibahari hamwe n'iminara y'itumanako iri ku nkengera y'ubumanuko bw'igihugu."
Mu kwishura, Irani yavuze ko igice ca mbere c'ibitero vyayo vyo kwihora kirimwo ivyagabwe ku kigo c'ingabo zirwanira mu kirere, Prince Hassan Air Base, muri Yorodaniya, kandi ko yasambuye ikigo gicungera ibikorwa vyaco vya gisirikare hamwe n'ibibanza bibikwamwo ama-drone yo mu bwoko bwa MQ-9.
Imbere y'aha, kuri uno wa Mungu, ibinyamakuru vya reta ya Irani vyari vyatangaje ko iki gihugu cafunze Umuhora wa Hormuz gushika hatangajwe iyindi ngingo, inyuma yo kurasa misile yo mu mazi ku bwato bwariko bugerageza guca muri uwo muhora mu nzira itemewe.
Nk'uko biri mw'itangazo ryasomwe n'itororokanirizo ry'amakuru ryegamiye reta, IRGC yatangaje ko ubwo bwato "bwarashwe amasasu yo kugabisha maze burahagarikwa", inyuma yo kwanka kwubahiriza amabwirizwa bwari bwahawe incuro nyinshi.
IRGC yongeye kuburira ko igitero ico ari co cose Amerika yogaba kubera ifungwa ry'umuhora wa Hormuz kizokwishurwa "mu buryo bukomeye", kandi ko n'ibindi bigo vya gisirikare biri muri ako karere bizoterwa.
Umukuru w'inama nshingamateka ya Irani Mohammad Bagher Ghalibaf, ari na we aserukira iki gihugu mu biganiro na Amerika, yanditse kuri X ko "igihe c'amasezerano ku nyungu z'uruhande rumwe gusa CARARANGIYE".
Abandanya ati: "Twarababwiye: nimwubahirize ivyo mwemeye canke mwishure ingaruka zavyo. Ubu muriko murabona ukuri".
"The matter depends neither on my personal existence nor on that of other officials. Whether we are present or not, it will come to pass."
Iyugarwa ry'Umuhora wa Hormuz rije rikurikira akamo ko kwihora katanzwe n'indongozi y'Ikirenga ya Irani, Ayatollah Mojtaba Khamenei, mu butumwa bwa mbere yashikirije ku mugaragaro kuva afashe ubutegetsi.
Se wiwe akaba ari na we yasubiriye muri ayo mabanga, Ali Khamenei, yishwe mu gitero c'indege cagabwe ku wa 28 Ruhuhuma (2), ku musi wa mbere w'intambara yatangujwe na Amerika na Israel kuri Irani. Yahambwe ku wa gatanu mu gisagara c'amavukiro ciwe ca Mashhad.
Mu butumwa yasomye ku mboneshakure ya reta, iyi ndongozi nshasha yavuze ko ukwihora ari "co kintu igihugu cose cipfuza".
Yasubiwemwo agira ati: "Twiyemeje ko tuzohora amaraso y'Indongozi yacu yagandaguwe n'ay'izindi ntwari zose zaguye muri izi ntambara zibiri, twihore aba bicanyi b'ibipfamutima".
"Ibi ntibizovana n'uko jewe canke abandi bategetsi tuzoba tukiriho. Twaba tukiriho canke tutakiriho, nta kibuza bizoshika".
Abanya-Irani benshi bari bitavye ibirori vyo kumushingura mu misi mike iheze bari bafise ivyapa vyatera akamo ko kwica Perezida Donald Trump wa Amerika, aho ejo ku wa gatandatu yagabishije ko imigambi iyo ari yo yose nk'iyo yotuma Amerika "itikiza yongera isambura uturere twose" twa Irani mu kwishura.
Ikinyamakuru The Wall Street Journal, hamwe n'ibindi binyamakuru vyo muri Amerika, vyatangaje muri iyi ndwi ko Israel yahaye Washington (ubutegetis bwa Amerika) amakuru y'igendereza yerekana ko Irani yari iherutse gutegura umugambi wo kwica umukuru w'igihugu ca Amerika.
Ariko rero, Trump yahakanye ko Tehran (ubutegetsi bwa Irani) yari iherutse gutegura umugambi mushasha wo kumwica canke ko Israel ari yo yatanze ayo makuru y'igendereza. Mu kiganiro yahaye New York Post, yagize ati: "Maze igihe kirekire ndi inomero ya mbere [ku rutonde rw'abo Irani ishaka kwica]".