Lamine Yamal yiginye intsinzi y'Igikombe c'Isi ari kumwe na murumunawe yahimbaye abakunzi b'umupira w'amaguru

Lamine Yamal ariko aramwenyura mu gihe ariko yifotozanya na murumunawe Keyne, inyuma y'uko Espagne itahukanye Igikombe c'Isi c'umupira w'amaguru ca FIFA. Ukoboko kw'iburyo kwa Keyne gufashe igikombe, ukw'ibubamfu nakwo gufise umupira.

Ahavuye isanamu, FIFA/Getty Images

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 5

Umukinyi w'umupira w'amaguru w'umunya Espagne Lamine Yamal kumbure ni we yari kwigina intsinzi yIgikombe c'isi. Yamara mu kwigina iyo ntsinzi, murumunawe Keyne ni we asa n'uwakurikiranywe na benshi kurusha Yamal.

Uwo mwana w'imyaka itatu yaramenyekanye yongera aravugwa cane inyuma y'uko amasanamu y'ukuntu yigina anezerewe rwose intsinzi ya Espanye ya 1-0 kuri Argentine, ahanahanywe ku mbuga ngurukanabumenyi na nyagiro ku musi w'Imana.

Mu gihe Lamine Yamal, imyaka 19 gusa, yagiye akora ibidasanzwe mu gufasha Espagne gutwara Igikombe c'Isi, amaso y'abantu yaciye ahindukira yerekeza kuri mutoya wiwe kubera ukuntu yahimbaje cane ari ku ruhande rw'ikibuga.

Kuva ku kungene yasohoye ururimi kuri 'écran' nini, gushika ku kuntu yashigikiye mukuruwe, Keyne yashimagijwe n'abakunzi b'umupira w'amaguru aho bamufashe nka kimwe mu vyamamare bitari vyitezwe mu gikombe c'isi co mu 2026.

Espagne yatahukanye intsinzi mu rukino rutari rworoshe rwasavye ukwihangana, aho yatsinze Argentine igitsindo kimwe ku munota ugira 106, ku kibuga ca New York New Jersey Stadium.

Lamine Yamal ateruye Igikombe c'Isi c'inzahabu mu gihe bagenziwe bariko barigina.

Ahavuye isanamu, Michael Regan - FIFA / Getty Images

Iyo ntsinzi ya kabiri ya Espagne mu Gikombe c'Isi yatumye Lamine Yamal aba umukinyi akiri muto kurusha abandi bose mu mateka ashoboye gutwara igikombe c'umugabane wa Buraya n'igikombe c'isi.

Lamine Yamal yunamye kugira ahobere yongere aterure murumunawe.

Ahavuye isanamu, Reuters

Mutoya wiwe Keyne yabaye umuntu adahara amwama hafi haba mu kibuga canke hanze yaco - kenshi agaragara mu mashusho Lamine Yamal ashira kuri TikTok, kandi yigaruriye imitima y'abakunzi b'umupira w'amaguru bo hirya no hino kw'isi.

Lamine Yamal ahaye igipfunsi c'umugisha murumunawe, bicaye imbere y'Igikombe c'inzahabu c'Isi.

Ahavuye isanamu, Hector Vivas - FIFA / Getty Images

Keyne yambaye umupira uriko inomero 19 n'inkofero imupfutse igice c'amaso. Mukuruwe ahagaze inyuma yiwe.

Ahavuye isanamu, Hannah Peters - FIFA / Getty Images

Lamine Yamal wa Espagne ariko arigina inyuma yo gutahukana igikombe c'isi. Atumye urutoke hejuru kandi ariko aramwenyura.

Ahavuye isanamu, IMAGN IMAGES/Reuters

Keyne ariko aramwenyura mu gihe ateye umupira mu kibuga.

Ahavuye isanamu, Reuters

Uwo mwana w'imyaka itatu, asa kandi n'uwipfuza guca mu makanda ya mukuruwe, ni umuhungu wa mama wa Lamine Yamal, Sheila Ebana.

Lamine Yamal wa Barcelona ariko arahimbaza intsinzi ateruye mutoya wiwe, inyuma y'uko batwaye UEFA Champions League y'umwaka wa 2024/25.

Ahavuye isanamu, Florencia Tan Jun - UEFA / Getty Images

"Birankora ku mutima iyo mbonye murumunanje anezerewe gutyo, nkabona na mama hamwe n'abagenzi banje babayeho mu buzima bahora bipfuza".

"Murumunanje ni umuntu ahambaye mu buzima bwanje. Ndamukunda rwose. Numva ari nk'aho ari umwana wanje."

Lamine Yamal wa Espagne ariko aramwenyura mu gihe ariko ahimbaza intsinzi y'Igikombe c'Isi, afise mu minwe Igikombe c'inzahabu.

Ahavuye isanamu, Reuters

Keyne agaragara aramvuye amaboko yiwe, mu gihe mukuruwe Lamine Yamal yunamye agiye kumuterura.

Ahavuye isanamu, Maja Hitij - FIFA / Getty Images

Murumuna wa Lamine Yamal, Keyne, ariko arakinira umupira mu kibuga inyuma y'uko Espagne itwaye Igikombe c'Isi.

Ahavuye isanamu, Reuters

Lamine Yamal asomye murumunawe Keyne.

Ahavuye isanamu, CHARLY TRIBALLEAU / Getty Images

Lamine Yamal ariko yambika murumunawe inkofero inyuma y'uko atwaye Igikombe c'Isi.

Ahavuye isanamu, Reuters

Keyne na mukuruwe Lamine Yamal bafashe Igikombe c'Isi

Ahavuye isanamu, Fifa/Getty Images

Keyne aryamye hasi, akikujwe n'udupapuro tw'inzahabu twasanzaye hose mu kibuga.

Ahavuye isanamu, Maja Hitij - FIFA / Getty Images

Insiguro y'isanamu, Keyne aryamye hasi, akikujwe n'udupapuro tw'inzahabu twasanzaye hose mu kibuga
Umupolisi ariko aramwenyura ahaye uwo mwana w'imyaka itatu inkofero yiwe kugira arabe ko imukwira.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Keyne ariko aramwenyura mu gihe umupolisi ariko amuha inkofero

Mu kibonwa nk'ikimenyetso c'uguhererekana uburongozi hagati y'urunganwe rwa kera n'urw'ubu, Lamine Yamal yarahanganye ku ncuro ya mbere n'icamamare mu mupira w'amaguru ca Argentine, Lionel Messi, mu rukino rw'igice ca nyuma rw'Igikombe c'Isi.

Lionel Messi ariko arakontorora umupira mu gihe Lamine Yamal ariko agerageza kuwumwaka mu rukino rwa nyuma rw'Igikombe c'Isi ca FIFA 2026 rwahuje Espagne na Argentine.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Abo bombi bari barigeze guhura imyaka itari mike imbere y'aha, mu 2007, igihe Messi, agifise imyaka 20, yafotorwa ateruye kandi ariko yoza akayoya - Lamine Yamal - inyuma y'uko mama wa Yamal atsinze ihiganwa ryatumye aronka akaryo ko guhura n'umukinyi wa mbere wo mu murwi Barcelona.

Lionel Messi areze akayoya - Lamine Yamal - yagafutse insimbizo ahejeje kukogereza mu bwogero bwo mu cumba c'ubwambariro c'abakinyi ku kibuga Camp Nou, i Barcelona.

Ahavuye isanamu, AP

Imbere y'urukino rwa nyuma rwo ku wa Mungu, Messi, ubu afise imyaka 39, yavuze ko Lamine Yamal ari "umwe mu bakinnyi beza kuruta abandi" muri iki gihe.

Yongeyeko ati:

"Ni umukinyi adasanzwe - icamamare ku rwego rw'isi. Afise imyaka 19 gusa kandi aracafise urugendo rurerure mu mwuga wiwe. Ndamwipfurije ivyiza vyose, ariko tuzokora ibishoboka vyose kugira ntatware igikombe kuri iyi ncuro."

Igihe umuhagarikizi yavuza ifirimbi irangiza urukino, ku ntsinzi ya Espagne, Messi na Yamal bagaragaye mu kibuga bariko barahoberana.

Lionel Messi na Lamine Yamal bariko bahoberana mu kibuga.

Ahavuye isanamu, Hector Vivas - FIFA / Getty Images