Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Vyaravuzwe ko nkorana n'amashetani' – Umurundikazi Kamikazi avuga kw'ihohoterwa yagiriwe ku mbuga hwaniro
- Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Nairobi
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Mu Burundi, abato n'abakuze muri iki gihe basigaye bakoresha cane imbuga ngurukanabumenyi n'imbuga nyagiro mu kurondera icobabeshaho, ibitandukanye n'uko vyari mu myaka iheze.
Yamara, kuba muri ico gihugu ata buhinga buteye imbere buhari bwo kugenzura izo mbuga, bituma zikorerwako amabi atandukanye harimwo n'ayashingiye ku gitsina.
Umuririmvyikazi Marlène Kamikazi batazira "B Charly" – izina akoresha mu muziki, aturuka mu ntara ya Gitega, ni umwe mu bahuye n'ingaruka z'ayo mabi, mu buryo budasanzwe.
Yari asanzwe akunda kumenyekanisha ibikorwa vyiwe vy'umuziki abicishije ku mbuga zitandukanye nka Facebook na YouTube.
Nk'uko abandi baririmvyi babigenza, igihe cose ashizeko amafoto ajanye n'ibikorwa vyiwe, ntivyamwereye namba.
Hari abantu bagiye bamutyoza, mu kivunga, baciye kuri izo mbuga nyene. Bamwe bakamwita "imaraya" canke "isimbarubebe" bavuga ko iriko izana imico mibi mu kibano.
B Charly, w'imyaka 24, yabwiye BBC Gahuzamiryango ati: "Vyaravuzwe cane yuko nkorana n'amashetani."
Abandanya ati: "Abandi bagiye bavuga ko nja mu kuzimu. Nk'iyo ndamutse mpimbaza isabukuru yanje, bavuga ko ndara mu kaburi, kandi bakabivuga bafatiye ko ndi 'umusanii'[umuririmvyi]."
Ariko, atwenga, yongeyeko ati: "N'uko kuzimu sinzi n'iyo guherereye."
Ingaruka ku buzima bwiwe
Guhohotera B Charly no kumutyoza biciye ku mbuga, vyaramugizeko ingaruka zikomeye. Harageze igihe ata n'umuhungu ashobora kumwegera ngo amureshe. N'ababigerageje, ikibano carabiyamiriza.
Uno muririmvyikazi yabwiye BBC ati: "Narigeze kuronka umuntu angomwa akavuga yuko twobana, ariko iwabo baravyanka bati 'ntivyokunda', kubera amajambo yari yabaye mabi kandi yari menshi."
Mu mwaka wa 2024, igihe iri hohoterwa ryari ritanguye gufata umurindi munini, B Charly avuga ko ingaruka zamusanze no kw'ishure.
Avuga ko hari umwe mu bavyeyi yaje gusaba ko bamukura mu bandi bana, uwo muvyeyi agasigura ko "ingeso ziwe" zishobora kwandukira abo bana.
Uwo muririmvyikazi we agira ati: "Izo ngeso mbi bavuga ntazo nigeze ntahura. Jewe sinigeze ngira ubumaraya. Muri make nagumye numirwa."
Harageze igihe, ishure rifata ingingo yo kumwirukana mu kiringo c'indwi zibiri. Ariko avuga ko abavyeyi biwe, kubera kudatahura ivyariko birashikira umwana wabo, baciye bahaguruka barakurikirana ico kibazo, gutyo abona kugarukanwa kw'ishure.
Ariko yari yamaze gusinzikara mu mutwe.
"Jewe naraguma mu nzu kubera gutinya gusohoka. Uko nasohoka kwose, wumva abantu ngo 'mwamubonye wa wundi?' Ntivyari vyoroshe."
Ihohotera nk'iryo riva kuki?
Justin Mugisha yize ivyerekeye imibereho n'inyifato y'abantu, akaba yarakoze n'icigwa ku ruhara rw'abavyeyi mu vyerekeye ikoreshwa ry'ubuhinga bushasha bwo gutumatumanako amakuru no kwinezereza mu miyabaga.
Uyu muhinga yabwiye BBC ko iryo hohotera rikorerwa ku mbuga ngurukanabumenyi rishobora guterwa n'ishari n'inzigo, cane cane iyo hari abantu batanezererewe iterambere ry'uwundi.
Avuga kandi ko rishobora guturuka ku bugizi bwa nabi butandukanye buba bufitaniye isano no kuburabuza, kugangisha, gucinyiza canke gutera ubwoba umuntu.
Kamwe mu burorero atanga ni uko hari abashobora kubikora bagamije kwiba uwo bariko barahohotera, mu kumubwira bati 'utaduhaye ibi turakora ibi canke biriya'.
Mugisha avuga ko ivyo bishobora kugira ingaruka zikomeye ku buzima bw'umuntu kubera ashobora kwisanga ariko arasesagura uburyo bwiwe, agatinya no kuja ahabona.
Avuga ko nk'iyo abantu bubakanye, ingo zishobora no gusambuka.
Mugisha agira ati: "Umuntu arashobora kugira ingorane y'ihungabana ry'amagara yo mu mutwe. Arashobora gufata n'ingingo zitandukanye harimwo kwiyahura, kwihereza ibiyayuramutwe, kugira ngo vyibagize izo ngorane aba ariko aracamwo."
Ahanura abakoresha imbuga zitandukanye kwiyubara rwose no kwirinda gupfa ivyo bazishizeko, kubera ko bishobora kumara umwanya munini cane bitarafudika.
Agira ati: "Ubu buhinga ntibwibagira. Hari aho uza ubona bakuzaniye agafoto kamaze imyaka 10. Uce wibaza rero iyo myaka 10, bakuzaniye isanamu utari ucipfuza kubona!"
Abandanya agira ati: "Izi mbuga ni nk'igisaka canke ishamba umuntu yinjiramwo atazi neza ico bahurirayo."
N'ubwo ihohoterwa Marlène Kamikazi yagiriwe ryamuhungabanije cane, avuga ko uko imisi yigira imbere ari ko agenda amenyera kubibamwo buke buke.
Avuga ko aherutse no kuronka umusore amutahura, bakaba baciye bubaka urwabo. Ubu bafise n'ikibondo.