Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Inkoho ziracayaga mu muji wa Juba
Hari kajugujugu ikomeza kuzunguruka hejuru y'ibigo vy'ingabo za Riek Machar, nayo abanyagihugu bari barateshejwe izabo bacumbitse muri ivyo bigo bariko barahunga.
Urwamo rw'inkoho rurumvikana kandi mu bice vy'umurwa mukuru Juba.
Salva Kiir na Riek Machar bompi baheruka mu kwezi kwa kane gushira igikumu ku masezerano yo guhagarika intambara zari zimaze imyaka ibiri.
Ariko icuka kibi cakomeje kuduga, izo ntambara zadutse hagati y'ingabo zabo kuva ku munsi wa kane, bivurwa ko zimaze guhitana abantu baharurwa mu majana.biro vy'ishirahamwe mpuzamakungu ONU biri i Juba, bimenyesha ko humvikana urwamo rw'ibirwanisho bikomakomeye mu micungararo ya Jebel.