Igitero ca Israel mu bumanuko bwa Libani cahitanye babiri; Hezbollah ivuga ko ari ihonyangwa ry’agahengwe
Ahavuye isanamu, Reuters
Ibinyamakuru vya reta muri Libani vyatangaje ko abantu babiri bapfuye
bahitanywe n’igitero ca ‘drone’ ca Israel catumberejwe ku modoka mu bumanuko
bwa Libani, nk’uko vyemezwa na BBC Persian, ishami rya BBC ryandika mu rurimi
rw’igi perse.
Umuhari Hezbollah wo muri ico gihugu, ushigikiwe na Iran, wavuze ko ico
gitero ari ukurenga ku masezerano y’agahengwe aherutse gushikwako.
Igisirikare ca Israel cavuze ko carashe “abanywanyi babiri ba Hezbollah bari bitwaje ibirwanisho” hafi
y’igisagara ca Nabatiyeh.
Ico gisirikare cabandanije kivuga ko abo bantu bari akaga ku ngabo zaco,
gishimangira ko kizobandanya gutera abashobora kugeramira Israel bose.
Mohammad Baqer Qalibaf, umukuru w’umurwi wa Iran ujejwe ibiganiro biriko
biraba hagati ya Amerika na Iran, uno musi yashimangiye ko guhagarika intambara
yo muri Libani bifise akamaro kangana no kuyihagarika muri Iran.
Kuki Ubwongereza buhora buhindura ba Minisitiri w'intebe?
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Sir Keir Starmer (iburyo) ni we Minisitiri w'intebe w'Ubwongereza wa gatandatu weguye mu myaka 10 ishize
Rero Sir Keir Starmer abaye Minisitiri w'intebe wa gatandatu weguye cyangwa wahatiwe kuva ku butegetsi bitewe n'abatora mu myaka 10 ishize.
Niba hari ushidikanya, ibi si ibintu bisanzwe muri politike y'Ubwongereza. Niba utabyemera, tekereza kuri iki: kuva uyu mwanya wa Minisitiri w'intebe washyirwaho mu kinyejana cya 18, ugereranyije bamaze hafi imyaka itanu ku butegetsi buri umwe.
'Ndagarutse' – Ronaldo yishuye abamunegura inyuma yo guca akandi gahigo
Ahavuye isanamu, Getty Images
"Ndagarutse!
Ndagarutse!"
Inyuma yo kwinjiza ibitsindo bibiri igihe Portugal yanyagira Uzbekistan ibitsindo 5-0 mw’ijoro ryakeye, Cristiano Ronaldo yaravye neza muri kamera y’imboneshakure maze arasemerera
atanga ubutumwa bukomeye ku bavuga ko ari we ngorane ya Portugal mu nkino z’igikombe
c’isi co mu 2026.
Uwo mukinyi w'imyaka 41 ntivyari kumukundira guhisha uko yiyumva canke
ngo yigumizemwo umunezero wiwe mu gihe yariko yigina kuba abaye umukinyi wa
mbere mu mateka yinjije igitsindo mu nkino z'igikombe c'isi zitandatu
zitandukanye.
Kandi yabaye inyishu ibereye cane ku bamunegura bamufata nk’uwutagishoboye.
Ronaldo yari yaneguwe cane inyuma y'aho Portugal inganije na Repuburika ya Demokarasi ya Kongo igitsindo 1-1, mu rukino rwayo rwa mbere rwo mu murwi K.
Ni mu gihe abandi bakinyi bakomeye kw’isi harimwo Lionel Messi wo muri
Argentine, Kylian Mbappé w'Ubufaransa, Erling Haaland wa Norvège,
Vinícius Júnior wa Brésil hamwe na Harry Kane w'Ubwongereza, bose
bari bakoze birashimwa mu ndwi zibiri za mbere z'iri higanwa.
N’ubwo Ronaldo asa n’uwacerewe, nawe nyene yarivyukiranije.
Vyamusavye iminota itandatu gusa kugira ngo yugururire ku gitsindo
kidasanzwe, ku mupira yari ahawe na João Cancelo. Mbere yahavuye yinjiza n’ikindi
gitsindo ciza imbere y’uko igice ca mbere kirangira, ku wundi mupira yahawe na
Bruno Fernandes.
Amerika: Sena yemeje ku ncuro ya mbere ingingo igabanya ububasha bwa Trump ku ntambara yo muri Iran
Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Inama nkenguzamateka ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, isanzwe igenzurwa
n’abo mu mugambwe w’aba Républicains, yemeje ingingo itegeka Perezida Donald Trump guhagarika
intambara yo muri Iran canke kubanza gusaba uruhusha inama nshingamateka na
nkenguzamateka imbere yo kubandanya ibikorwa vya gisirikare.
Abakenguzamateka bakeya b’aba Républicains bifadikanije n’aba Démocrates muri iri tora
ryabaye ku wa kabiri, aho 50 batoye bashigikira iyo ngingo, 48 nabo batora
bayiyamiriza.
Iyo
ngingo yari yabanje kwemezwa n’inama nshingamateka mu ntango z’uku kwezi.
Ariko ahanini iyo ngingo ni nk’ikimenyetso co guha ubutumwa Trump kuko,
n’ubwo yemejwe n’inama nshingamateka hamwe na nkenguzamateka, ntizorungikirwa
umukuru w’igihugu ngo ayemeze canke ayanke. Vyongeye, ntifise inguvu z’itegeko.
Iyi ngingo yemejwe mu gihe bamwe mu bashingamateka n’abakenguzamateka b’aba
Républicains bagaragaje amakenga ku masezerano y’amahoro Trump aheruka kugirana
na Iran, iyo ntambara itakiriwe neza na benshi ikaba iriko yegereza ukwezi
kugira gatanu.
Mw'ijoro ryo ku wa kabiri, Trump yaraneguye iyo ngingo avuga ko "yatowe mu gihe
kitabereye" kandi ko "ata nsinguro" ifise.
Abicishije ku rubuga rwiwe Truth Social, yagize ati: “Rero, namanitse Iran 'ku
migozi', kandi iri hafi kurwa… none Inama nkenguzamateka ya Amerika yafashe ingingo yo gukora Itora kw'Itegeko ry'Ububasha bwo mu Ntambara [War Powers Act Vote] mu gihe kitabereye kandi ntirifise insiguro.”
Iri tora ribaye ubwa mbere aho inama nshingamateka hamwe na
nkenguzamateka zompi zitoye ingingo zihuriyeko isaba Perezida guhagarika ibikorwa vya gisirikare, kuva iyo ngingo yitwa ‘War Powers
Resolution’ itanguye mu mwaka wa 1973.
Yabivuze ku wa kabiri igihe yarangiza urugendo rw’imisi ibiri yagize muri DRC.
Yanavuze ko hakenewe kwihwezwa no gutahurwa ibisata vyose muri rusangi bifitaniye isano n’ico kibazo c'umutekano muke.
Kuva mu mpera za 2023, Uburundi bwararungitse ingabo zabwo gufasha iza
DRC kurwanya imihari yitwaje ibirwanisho irwanira mu burasirazuba bw’ico gihugu, irimwo M23 urwanya ubutegetsi bwa DRC hamwe na RED-Tabara urwanya ubutegetsi bw'Uburundi.
Perezida Ndayishimiye yatangaje kandi ko ashigikiye imigambi y’amahoro ya Washington na Doha, hamwe n’ubuhuza buriko
bugirwa n’Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika.
Perezida Félix Tshisekedi yakiriye neza ukuntu Uburundi bwitaho DRC, yongera
abushimira ku kungene bushigikiye ingabo za DRC ku rugamba mu buseruko bw’ico
gihugu.
Amaze guhabwa amakuru ajanye n’ikiza ca Ebola, Tshisekedi yatangaje ko agiye
kugendera intara ya Ituri, aho iyo ndwara yatangajwe ko yatanguriye ku
wa 15 Rusama(5).
Ni mu gihe muri Uganda abategetsi baho bamaze kwemeza abantu babiri bishwe na Ebola – abo bakaba ari abantu bari barakoreye ingendo muri Uganda bavuye muri DRC. Abategetsi bo muri Uganda banemeje ko abantu 20 banduye Ebola, 14 bakaba barayikize.
Umushikirizamanza
mukuru muri Kenya (DPP) yemeje ko abanyeshure bikekwa kugira uruhara mu muriro
wadutse kw’ishure ryisumbuye Utumishi Girls School, ugahitana abanyeshure 16,
bagiye gukurikiranwa ku birego 16 vy’ubwicanyi.
Ivyo
vyago vyabaye ku wa 28 Rusama (5) kuri iryo shure riri i Gilgil, nko ku
birometero 120 mu buraruko bushira uburengero bwa Nairobi, umurwa mukuru wa
Kenya. Abanyeshure 79 barakomeretse, ariko benshi muri bo baramaze kuva mu
bitaro.
Mw’itangazo
yasohoye ku wa kabiri, umushikirizamanza mukuru yavuze ko yasuzumye dosiye
y’itohoza ry’ibanze yashikirijwe n’urwego rw’igihugu rujejwe amatohoza ku vyaha
(DCI), maze yemeza ivyaha abo banyeshure bakurikiranwako.
Iryo
tangazo rigira riti: “Abikekwa bazokurikiranwa ku vyaha 16 vy’ubwicanyi
bikomoka ku vyabaye.”
Uwo
muriro ni kimwe mu vyago vya mbere bikomeye bimaze guhitana abantu benshi
kw’ishure muri iyi myaka ya vuba, kandi watumye impungenge ku mutekano mu
mashure ziyongera.
Umushikirizamanza
mukuru yanaburiye ko ibitero vyo guturira inyubakwa n’ibindi vyaha bikorerwa mu
mashure hirya no hino mu gihugu biriko biriyongera, ashimangira ko
abazogaragara ko babigizemwo uruhara bazobihanirwa hakurikijwe amategeko.