Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO , Misiri: Abantu 31 bahitanwe n’umuriro inyuma y’isanganya ry’ikamyo itwara igitoro i Cairo

Amashusho yakwiragiye ku mbuga nyagiro yerekana imbeya z’umuriro n’umwotsi mwinshi waduga hejuru mw’ijoro, imodoka nyinshi zari hafi aho zahiye zigatokombera.

Incamake

Misiri: Abantu 31 bahitanwe n'umuriro inyuma y'isanganya ry'ikamyo itwara igitoro i Cairo

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira na Anne-Marie Niwemwiza

  1. Arabia Sawudite ivuga ko yakoroye ibisasu vya misire vyarashwe n'aba-Houthi

    Ingabo za Arabia Sawudite (Arabie Saoudite/Saudi Arabia) zatangaje ko zongeye gukorora ibindi bisasu vya misire vyarashwe n'abarwanyi b'aba-Houthi bo muri Yemeni, ku gisagara ca Riyadh, umugwa mukuru w'iki gihugu.

    Ababa muri ico gisagara bavuga ko bumvise urwamo rw'ibiturika mu gatondo ko kuri uyu wa kane, inyuma y'aho abategetsi basohoreye ubutumwa bw’igabisha buvuga ko "hari ubwoba bw’igitero co mu kirere". Ubu butumwa bwaciye bufutwa inyuma y’akanya gato.

    Umuvugizi w'igisirikare yavuze ko ata makuru y'abasivire bahakomerekeye canke bahasize ubuzima.

    Muri izi ndwi za vuba, aba-Houthi bashigikiwe na Iran bararashe ibisasu vya misire vyinshi bongera barunguka n’indege zitajamwo abadereva ku bibanza bitandukanye vya Arabia Sawudite.

    Mu bibanza vyabangamiwe harimwo inyubakwa ndende, ibibuga vy'indege, ibigo ntanganguvu hamwe n'ibigo vya gisirikare.

    Ku ruhande rwayo, Arabia Sawudite nayo yabandanije igaba ibitero mu turere twa Yemeni turi mu minwe y'aba-Houthi, mu gushigikira reta yemewe ku rwego mpuzamakungu, imaze igihe ihanganye n'abo barwanyi mu rugamba rwo kwisubiza ibice vy'igihugu bigaruriye.

    Ayandi makuru ushobora gusoma ku ba Houthi:

  2. Misiri: Abantu 31 bahitanwe n’umuriro inyuma y’isanganya ry’ikamyo itwara igitoro i Cairo

    Abantu nibura 31 baraye bapfuye abandi 21 barakomereka mu muriro wadutse inyuma y’aho ikamyo yari yikoreye ibitoro igiriye isanganya nijoro ku wa gatatu igaca ifatwa n’umuriro kw’ibarabara rinini ryarimwo uruja n’uruza rwinshi ku mugwa mukuru wa Misiri, Cairo, nk’uko abategetsi babitangaza.

    Umuriro wadutse ku gice c’umuhora munini uzwi nka Ring Road mu karere ka Warraq, mu buraruko bwa Cairo. Nk’uko vyatangajwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwa Misiri, ibitaro vyo muri ako gace vyakiriye abakomerekejwe n’uwo muriro, bamwe bakaba bari bafise ibikomere vy’ubushe, abandi bakaba binjiwe n’umwotsi.

    Amashusho yakwiragiye ku mbuga nyagiro yerekana imbeya z’umuriro n’umwotsi mwinshi wirabura waduga hejuru mw’ijoro, mu gihe imodoka nyinshi zari hafi aho zahiye zigatokombera.

    Abategetsi ntibaratangaza neza icateje uno muriro. Ariko, ikinyamakuru ca reta Al-Ahram, gisubiramwo amasoko yegereye inzego zijejwe amatohoza avuga ko iyo kamyo yataye inzira inyuma y’aho urutsinga rw’umuyagankuba mwinshi rwikubise imbere yayo. Bivugwa ko yaciye irenga uruzitiro rutandukanya impande z’ibarabara, irubama maze ica ifatwa n’umuriro.

    Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwavuze ko imodoka 39 zunguruza indembe zarungitswe gutabara. Mu matohoza ariko arakorwa, abashikirizamanza basavye ko hafatwa ibipimo vya ADN kugira ngo abahazise ubuzima bamenyekane.

    Amashusho yafatiwe ahabereye iri sanganya yerekana abakozi b’ubutabazi bariko bakuraho ibisigarira vy’imodoka zahiye zigatokombera, mu gihe amabarabara yose ajana muri ako gace yari yafunzwe. Iri barabara ryaje gusubira kwugurura inyuma y’aho abajejwe ubutabazi barangirije ibikorwa vyabo.

    Iri ni ryo sanganya rya vuba mu rukurikirane rw’amasanganya yo mw’ibarabara n’imiriro y’ivyaduka bihitana abantu mu Misiri, aho amabarabara mabi, ibikorwa vy’ugusanura bidahagije hamwe n’ukutubahiriza amategeko agenga uruja n’uruza ku mabarabara, bibandanya gutuma abantu batakariza ubuzima mu mabarabara. Ibiharuro bitangwa n’ubutegetsi bivuga ko abantu bababa 6.000 bapfiriye mu masanganya yo mw’ibarabara mu mwaka uheze mu Misiri.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  3. Mwaramutse.

    Kaze mu makuru y'akarere no mu makungu tubashikiriza mu buryo bw'ikibiriraho.