“Umwanzi arashaka
kuduhatira gusubiza akwiza ibihuha ku magara ye [Khamenei] ngo akoreshe ibyo dusubiza mu migambi ye”.
Kuva
Khamenei yasimbura se wishwe atunguwe n’ibitero bya Amerika na Israel ku munsi wa mbere
w’intambara ntabwo araboneka mu ruhame cyangwa mu mashusho.
Ibinyamakuru
bya Iran byakomeje gusubiramo ubutumwa bwanditse asohora, burimo ubwasohotse
ejo ku wa kane avuga ngo ‘tuzarengera ingufu zacu za nikleyeri'.
Miliyari z'amafunguro ziri mu kaga kubera intambara yo muri Iran, nk'uko bivugwa n'umuyobozi w'uruganda rukomeye rw'ifumbire
Ahavuye isanamu, Getty Images
Ihagarikwa ry’itangwa ry’ifumbire mvaruganda n’ibiyigize bitewe n’intambara iri muri Iran rishobora gutuma habura amafunguro agera kuri miliyari 10 buri cyumweru ku isi, kandi bikazibasira cyane ibihugu bikennye kurusha ibindi, nk’uko byatangajwe n’umuyobozi wa kimwe mu bigo bikomeye ku isi bikora iyo fumbire.
Svein Tore Holsether, umuyobozi mukuru w'uruganda Yara, yabwiye BBC ko imirwano iri mu karere k'Ikigobe cy'Abarabu, yafunze inzira y’ubwikorezi bw'amato anyura mu muhora wa Hormuz, iri gushyira mu kaga umusaruro w’ibiribwa ku isi.
Yaburiye ko igabanuka ry’umusaruro w’ibihingwa riturutse ku ikoreshwa rito ry’ifumbire mvaruganda rishobora gutuma habaho guhatanira ibiribwa ku rwego mpuzamahanga.
Holsether yongeyeho ko abahinzi ku isi hose bahanganye n’ibibazo bikomeye, kuko ibiciro babona ku musaruro wabo bitarazamuka bihagije ngo bihuze n’ibiciro biri kuzamuka ku byo bakoresha.
Umuryango w’Abibumbye (ONU) uvuga ko hafi kimwe cya gatatu cy’ifumbire mvaruganda ikoreshwa ku isi – nk’ifumbire ya urée, potasse, amoniya (ammonia) na fosifate (phosphates) – isanzwe inyura mu muhora wa Hormuz.
Igiciro cy’iyo fumbire cyazamutse ku kigero cya 80% kuva intambara y'Amerika na Israel kuri Iran yatangira.
Holsether yavuze ko gukomeza kw’iyo ntambara bishobora gutuma ibihugu bikize n’ibikennye bihanganira ku biribwa ku buryo bukomeye.
Myanmar: Igisirikare kivuga ko Aung San Suu Kyi yahora arongoye ico gihugu yimuriwe gufungirwa mu nzu
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Aung San Suu Kyi yaratsindiye igihembo c'amahoro citiriwe Nobel mu 1991
Uwahoze arongoye igihugu ca Myanmar, Aung San Suu Kyi, yari apfunzwe, ubu yajanywe mu nzu acungirwamwo, nk’uko vyatangajwe
n’ibimenyeshamakuru vya reta.
Uyu mugore w’imyaka 80, yaronse agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel, yari
amaze igihe afungiwe ahakekwa ko ari mw’ibohero rya gisirikare mu murwa
mukuru Nay Pyi Taw, kuva akuwe ku butegetsi mu mwaka wa 2021, inyuma y’uguhirikwa
kw’ubutegetsi n’igisirikare.
Itangazo ryatanzwe n’umukuru w’igisirikare, Min Aung Hlaing,
ari na we arongoye ico gikorwa, ryavuze ko “igihano ciwe cahinduwe kugira akibandanirize
mu nzu yagenywe”.
Aung San Suu Kyi yagiye ku butegetsi mu 2015, inyuma y’uko
abategetsi b’ico gihugu bemeye guhindura ubutegetsi bagashiraho demokarasi.
Imbere y’aho, yamaze imyaka iharurwa muri za mirongo ari impirimbanyi iharanira demokarasi mu
gihe igihugu cari kirongowe n’igisirikare, kandi yari yarigeze kumara imyaka
irenga 15 afungiwe mu nzu.
Ahavuye isanamu, Myanmar state TV
Ibimenyeshamakuru vya leta vyerekanye ifoto yiwe yicaye ari kumwe n’abajejwe umutekano babiri bambaye imyambaro ibaranga.
Umuhungu wiwe Kim Aris yavuze ko afise amakenga kuri ayo makuru, kandi ko ata kimenyetso afise c’uko nyina akiri muzima. Yavuze ko iyo foto “ata co ivuze” kuko yafashwe mu 2022.
Yabwiye BBC ati: “Nizera ko ari vyo. Ariko gushika ubu nta kimenyetso nyaco ndabona cerekana ko yajanwe ahandi.”
Perezida wa FIFA yashimangiye ko Iran izokwitaba Igikombe c’Isi 2026 kandi izokinira muri Amerika
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Umugwi nserukiragihugu wa Iran
Umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi FIFA,
Gianni Infantino, yavuze ko umugwi w'umupira w'amaguru wa Irani uzoja mu
gikombe c'isi co mu 2026 nk'uko vyari bitegekanijwe, kandi ko inkino zayo
zizobera muri Amerika.
Ivyo yabishikirije mu nama ya FIFA yabereye i Vancouver muri
Canada, mu gihe intumwa za Irani, zirimwo Mehdi Taj, umukuru w'ishirahamwe
ry'umupira w'amaguru muri Irani, hamwe na bagenzi biwe babiri, – batemerewe
kwinjira n’aho bari bafise impapuro zibemerera (visa) zo kwinjira muri Canada.
Uruhara rwa Irani mu gikombe c'isi yose kizobera muri Leta
Zunze Ubumwe za Amerika, Mexique na Canada muri uyu mwaka, rwaranzwe
n'ukutumvikana kuva intambara hagati ya Amerika- Israel na Irani itanguye.
Mu ntangamarara y’ijambo ryiwe, Infantino yavuze ati: “Ndashaka
kwemeza kuva ntango y’ijambo ryanje ko Iran izokwitaba ata kabuza Igikombe
c’Isi ca FIFA 2026, kandi rwose inkino zayo zizobera muri Amerika.”
Haciye isaha imwe, Perezida wa Amerika Donald Trump yabwiye
abamenyeshamakuru bari ku biro vyiwe vya White House ko ashigikiye ico
ciyumviro.
Itororokanirizo ry'amakuru rya AFP rimenyesha ko abategetsi
ba Irani basavye ko inkino zo mu mugice c’imirwi zova muri Amerika zikaja muri
Mexique, ariko FIFA yaravyanse.
Mu nkino z'igikombe c'isi zo mu kwezi gutaha, Iran iri mu mugwi G hamwe na Misiri, Nouvelle Zellande n'Ububiligi, uwo mugwi uzokinira mu gisagara ca Inglewood mu bumanuko bwa Los Angeles, California.
Ubushinwa bwavanyeho imisoro ku bicuruzwa ku bihugu by'Afurika uretse kimwe
Ahavuye isanamu, Getty Images
Kuva kuri uyu wa gatanu, Ubushinwa bwakuyeho imisoro ku bicuruzwa byinjirayo ku bihugu by'Afurika uretse Eswatini, ikomeje kugirana umubano na Taiwan.
Kugeza mu kwa 12 mu 2024, Ubushinwa bwari bwamaze gushyira mu bikorwa gahunda yo gukuraho imisoro ku bihugu 33 byo muri Afurika bikennye cyane.
Ubu iyi gahunda yagutse igera ku bihugu 53, kandi izakomeza gushyirwa mu bikorwa kugeza ku itariki ya 30 y’ukwezi kwa 4 mu 2028. Ntabwo haramenyekana uko bizagenda nyuma y’icyo gihe.
Beijing yatangaje ko ari bwo bwa mbere igihugu gifite ubukungu bukomeye gitanze ku bushake amahirwe yo gukuraho imisoro ku bicuruzwa byose by’Afurika.
Ariko abasesenguzi bavuga ko nubwo iki gihugu kiri gukoresha aya mahirwe mu kongera imbaraga zo mu mubano mpuzamahanga (soft power), bagaragaza ko imisoro ari gacye cyane iba imbogamizi nyamukuru ku bohereza ibicuruzwa hanze bo muri Afurika, cyane cyane ko Afurika ifite icyuho kinini mu bucuruzi ifitanye n’Ubushinwa, aho itumiza ibicuruzwa byinshi cyane kurusha ibyo yohereza mu Bushinwa.
Sasan Azadvar Jongani, umusore w’imyaka 21 ukomoka i Isfahan muri Iran, yishwe amanitsw, nk’uko bivugwa na BBC News Persian.
Sasan yafashwe muri Mutarama(1) uyu mwaka mu myigaragambyo yo kwamagana leta, aza kwicirwa muri gereza ya Dastgard i Isfahan.
Umuntu wegereye umuryango we yabwiye ikigo giharanira uburenganzira bwa muntu rwa HRANA ko umuhango wo kumushyingura wabaye ku wa Kane nyuma ya saa sita, mu “gace karinzwe cyane”, aho “abantu 10 gusa bo mu muryango we” ari bo bemerewe kuwitabira.
Urwego rw’ubucamanza rwa Repubulika ya Kisilamu ya Iran ruvuga ko mu myigaragambyo yabaye muri Mutarama, yari igamije “guhirika” ubutegetsi, Sasan Azadvar Jongani “yateye amabuye imodoka ya minibus yari itwaye abategetsi amena ibirahuri byayo, anatera abategetsi amabuye.”
Nk’uko ubucamanza bwa Iran bubivuga, yemeye ko mbere yo kwitabira imyigaragambyo yari yabwiye abantu bari bamwegereye ko azajya mu mihanda agamije guhirika ubutegetsi, kandi ko yanatumiye inshuti ze kujya mu myigaragambyo.
Abaharanira uburenganzira bwa muntu bavuga ko batazi uko yafunzwe, niba yarigeze kubona umwunganizi mu mategeko, ndetse n’uko ibyo yemeye byafashwe n’ibihe byabibanjirije.
Ku wa gatatu, umukuru w'ishami rya ONU rishinzwe uburenganzira bwa muntu Volker Turk yavuze ko kuva intambara itangiye muri Iran abantu 21 bamaze gukatirwa no guhabwa igihano cy'urupfu, naho abandi 4,000 bafunzwe.
Imiryango ibiri iharanira uburenganzira
bwa muntu muri uku kwezi yatangaje ko umwaka ushize muri Iran hishwe abantu
1,639 bakatiwe urwo gupfa – umubare uruta iyindi mu mwaka umwe kuva mu 1989.
Ukwirinda iterabwoba mu Bwongereza vyongerejwe ku rwego rwo hejuru cane inyuma y'igitero cabereye i Golders Green
Ahavuye isanamu, EPA
Insiguro y'isanamu, Igipolisi cavuze ko igitero co ku wa gatatu mu gisagara ca Golders Green ari igitero c'iterabwoba
Reta y’Ubwongereza yadugije urugero rwo kwirinda iterabwoba ruva
ku “rwego runini” rushika ku
“rwego rukaze” – bisigura ko igitero
c’iterabwoba gishobora kuba vuba cane nko mu mezi atandatu ari imbere.
Ivyo vyabaye inyuma y’uko abagabo babiri b’Abayahudi bacumitiwe
imbugita mu buraruko bwa Londres ku wa gatatu, igitero igipolisi c'Ubwongereza kiriko gifata nk’igikorwa c’iterabwoba.
Ku munsi wa kane ku mugoroba, reta yavuze ko ukuduzwa
kw’urwo rwego bitavuye gusa kuri ico gitero cabereye i Golders Green, ariko ko
vyatewe kandi n’iyongerekana ry’inkeke zifitaniye isano n’imirwi y'ivyiyumviro vyiyitirira idini rya Isilamu hamwe n'ab'ivyivunyiro bikaze vyo gukomera ku vya kera.
Ico gitero co ku musi wa gatatu ni co ca vuba mu
rukurikirane rw'ibitero vyagizwe ku muryango w'Abayahudi mu Bwongereza.
Ubwa nyuma uru rwego
rwashizwe ku “rwego rukaze” hari mu kwezi kwa kabiri mu 2022.
Umushikiranganji w'intwaro yo gahati Shabana Mahmood
yavuze ko ukuduzwa kw’uru rwego “bizotera impungenge benshi, cane cane mu
muryango w’Abayahudi, babandanyije kubabazwa cane”.
Ariko yashimitse ko reta "izokora ibishoboka vyose
kugira ngo ikure mu kibano ikibi c'urwanko rugirirwa Abayahudi", avuga ko mbere habaye
iyongerezwa ry’amahera akoreshwa mu gipolisi n'umutekano hafi y'ibibanza
vy'Abayahudi.
Amerika yahannye Kabila imushinja gutera inkunga inyeshyamba za M23
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Kabila yategetse DRC imyaka 18, ava ku butegetsi mu mwaka wa 2019
Leta y’Amerika yafatiye ibihano Joseph
Kabila wahoze ari Perezida wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) imushinja
gufasha inyeshyamba za M23 zirwanya ubutegetsi zikorera mu burasirazuba ivuga ko zishaka guhirika ubutegetsi bw’icyo
gihugu.
Amerika ivuga ko icyo cyemezo kiri mu rwego rwo kugarura amahoro muri DRC kandi ko gitanga ubutumwa ko umuntu wese uzabangamira ibikorwa byo kugarura amahoro azabiryozwa.
Mu itangazo yasohoye, minisiteri y’imari y’Amerika
ivuga ko yafatiriye imitungo yose ya Kabila iri muri Amerika ndetse ko yabujije
abaturage bayo gukorana na we cyangwa ibigo agenzura.
Amerika ishinja Kabila gutera inkunga umutwe
wa M23 agamije guhungabanya umutekano w’igihugu cye.
Leta ya DRC yashimye ibi bihano Amerika yafatiye Kabila. Mu butumwa umuvugizi wayo Patrick Muyaya yatangaje ku rubuga nkoranyambaga rwa X, yavuze ko iki ari "ikindi gikorwa cy'ingenzi mu kurwanya umuco wo kudahana" no "kubaha ubusugire" bwa DRC.
Amerika inashinja u Rwanda gufasha M23 mu kuyiha abasirikare, ibikoresho, imyitozo n'amategeko, ibyo
rwo ruhakana, ndetse mu ntangiriro ya Werurwe (3) uyu mwaka yafatiye ibihano
ingabo z’u Rwanda (RDF) hamwe n’abajenerali bane barimo n’umugaba mukuru w’ingabo.
Mu mwaka ushize, urukiko rwa gisirikare
muri DRC rwakatiye Kabila igihano cy’urupfu, adahari, rumuhamije ubugambanyi.
Nta cyo Kabila, w’imyaka 54, yari yatangaza
kuri ibi bihano. Mbere yahakanye gufasha M23, ariko muri Gicurasi (5) mu mwaka
ushize, nyuma y’imyaka ari mu buhungiro yijyanyemo, yagaragaye mu mujyi wa Goma
mu burasirazuba bw’igihugu, ugenzurwa na M23.
Kabila
yategetse DRC imyaka 18, ava ku butegetsi mu mwaka wa 2019, mu ryabaye
ihererekanya ry’ubutegetsi rikozwe mu mahoro rya mbere ryari ribayeho kuva DRC ibonye
ubwigenge mu mwaka wa 1960.