IKIBIRIRAHO, Amerika yahannye Kabila imushinja gutera inkunga inyeshyamba za M23

Washington ishinja Kabila gutera inkunga umutwe w'inyeshyamba wa M23 agamije guhungabanya umutekano w'igihugu cye.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Didier Bikorimana, Gisèle Berwa na Samba Cyuzuzo

  1. Mojtaba Khamenei ‘afite amagara meza kandi arahuze mu bikorwa’ – Ibiro bye

    Mojtaba Khamenei i Tehran mu ifoto yafashwe muri Werurwe(3) 2016

    Ahavuye isanamu, AFP

    Insiguro y'isanamu, Mojtaba Khamenei i Tehran mu ifoto yafashwe muri Werurwe(3) 2016

    Uwungirije umukuru w’ibiro by’Umutegetsi w’Ikirenga wa Iran yatangaje ko Mojtaba Khamenei “afite amagara mazima” kandi ahugiye mu “kugenzura ibikorwa”.

    Mohsen Qomi ushinzwe kandi ibikorwa by’ububanyi n’amahanga muri ibyo biro bya Khamenei yagize ati:

    “Umwanzi arashaka kuduhatira gusubiza akwiza ibihuha ku magara ye [Khamenei] ngo akoreshe ibyo dusubiza mu migambi ye”.

    Kuva Khamenei yasimbura se wishwe atunguwe n’ibitero bya Amerika na Israel ku munsi wa mbere w’intambara ntabwo araboneka mu ruhame cyangwa mu mashusho.

    Ibinyamakuru bya Iran byakomeje gusubiramo ubutumwa bwanditse asohora, burimo ubwasohotse ejo ku wa kane avuga ngo ‘tuzarengera ingufu zacu za nikleyeri'.

  2. Miliyari z'amafunguro ziri mu kaga kubera intambara yo muri Iran, nk'uko bivugwa n'umuyobozi w'uruganda rukomeye rw'ifumbire

    Ifoto igaragaza umwana uri ku meza ufite isahani iriho amashaza.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Ihagarikwa ry’itangwa ry’ifumbire mvaruganda n’ibiyigize bitewe n’intambara iri muri Iran rishobora gutuma habura amafunguro agera kuri miliyari 10 buri cyumweru ku isi, kandi bikazibasira cyane ibihugu bikennye kurusha ibindi, nk’uko byatangajwe n’umuyobozi wa kimwe mu bigo bikomeye ku isi bikora iyo fumbire.

    Svein Tore Holsether, umuyobozi mukuru w'uruganda Yara, yabwiye BBC ko imirwano iri mu karere k'Ikigobe cy'Abarabu, yafunze inzira y’ubwikorezi bw'amato anyura mu muhora wa Hormuz, iri gushyira mu kaga umusaruro w’ibiribwa ku isi.

    Yaburiye ko igabanuka ry’umusaruro w’ibihingwa riturutse ku ikoreshwa rito ry’ifumbire mvaruganda rishobora gutuma habaho guhatanira ibiribwa ku rwego mpuzamahanga.

    Holsether yongeyeho ko abahinzi ku isi hose bahanganye n’ibibazo bikomeye, kuko ibiciro babona ku musaruro wabo bitarazamuka bihagije ngo bihuze n’ibiciro biri kuzamuka ku byo bakoresha.

    Umuryango w’Abibumbye (ONU) uvuga ko hafi kimwe cya gatatu cy’ifumbire mvaruganda ikoreshwa ku isi – nk’ifumbire ya urée, potasse, amoniya (ammonia) na fosifate (phosphates) – isanzwe inyura mu muhora wa Hormuz.

    Igiciro cy’iyo fumbire cyazamutse ku kigero cya 80% kuva intambara y'Amerika na Israel kuri Iran yatangira.

    Holsether yavuze ko gukomeza kw’iyo ntambara bishobora gutuma ibihugu bikize n’ibikennye bihanganira ku biribwa ku buryo bukomeye.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Myanmar: Igisirikare kivuga ko Aung San Suu Kyi yahora arongoye ico gihugu yimuriwe gufungirwa mu nzu

    Aung San Suu Kyi areba hanze y'idirisha

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Aung San Suu Kyi yaratsindiye igihembo c'amahoro citiriwe Nobel mu 1991

    Uwahoze arongoye igihugu ca Myanmar, Aung San Suu Kyi, yari apfunzwe, ubu yajanywe mu nzu acungirwamwo, nk’uko vyatangajwe n’ibimenyeshamakuru vya reta.

    Uyu mugore w’imyaka 80, yaronse agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel, yari amaze igihe afungiwe ahakekwa ko ari mw’ibohero rya gisirikare mu murwa mukuru Nay Pyi Taw, kuva akuwe ku butegetsi mu mwaka wa 2021, inyuma y’uguhirikwa kw’ubutegetsi n’igisirikare.

    Itangazo ryatanzwe n’umukuru w’igisirikare, Min Aung Hlaing, ari na we arongoye ico gikorwa, ryavuze ko “igihano ciwe cahinduwe kugira akibandanirize mu nzu yagenywe”.

    Aung San Suu Kyi yagiye ku butegetsi mu 2015, inyuma y’uko abategetsi b’ico gihugu bemeye guhindura ubutegetsi bagashiraho demokarasi. Imbere y’aho, yamaze imyaka iharurwa muri za mirongo ari impirimbanyi iharanira demokarasi mu gihe igihugu cari kirongowe n’igisirikare, kandi yari yarigeze kumara imyaka irenga 15 afungiwe mu nzu.

    Aung San Suu Kyi yicaye muri 'salon' akikujwe n'abashinzwe umutekano babiri bataboneka mu maso. Arimo kuvuga.

    Ahavuye isanamu, Myanmar state TV

    Ibimenyeshamakuru vya leta vyerekanye ifoto yiwe yicaye ari kumwe n’abajejwe umutekano babiri bambaye imyambaro ibaranga.

    Umuhungu wiwe Kim Aris yavuze ko afise amakenga kuri ayo makuru, kandi ko ata kimenyetso afise c’uko nyina akiri muzima. Yavuze ko iyo foto “ata co ivuze” kuko yafashwe mu 2022.

    Yabwiye BBC ati: “Nizera ko ari vyo. Ariko gushika ubu nta kimenyetso nyaco ndabona cerekana ko yajanwe ahandi.”

    Yongeyeko ati: “Gushika aho nzoronka uburyo bwo kuvugana na we, canke hagira uwundi yigenga yemeza uko amerewe n’aho ari, sinzokwemera ivyo bavuga.”

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Perezida wa FIFA yashimangiye ko Iran izokwitaba Igikombe c’Isi 2026 kandi izokinira muri Amerika

    Umugwi nserukiragihugu wa Iran

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Umugwi nserukiragihugu wa Iran

    Umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi FIFA, Gianni Infantino, yavuze ko umugwi w'umupira w'amaguru wa Irani uzoja mu gikombe c'isi co mu 2026 nk'uko vyari bitegekanijwe, kandi ko inkino zayo zizobera muri Amerika.

    Ivyo yabishikirije mu nama ya FIFA yabereye i Vancouver muri Canada, mu gihe intumwa za Irani, zirimwo Mehdi Taj, umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Irani, hamwe na bagenzi biwe babiri, – batemerewe kwinjira n’aho bari bafise impapuro zibemerera (visa) zo kwinjira muri Canada.

    Uruhara rwa Irani mu gikombe c'isi yose kizobera muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Mexique na Canada muri uyu mwaka, rwaranzwe n'ukutumvikana kuva intambara hagati ya Amerika- Israel na Irani itanguye.

    Mu ntangamarara y’ijambo ryiwe, Infantino yavuze ati: “Ndashaka kwemeza kuva ntango y’ijambo ryanje ko Iran izokwitaba ata kabuza Igikombe c’Isi ca FIFA 2026, kandi rwose inkino zayo zizobera muri Amerika.”

    Haciye isaha imwe, Perezida wa Amerika Donald Trump yabwiye abamenyeshamakuru bari ku biro vyiwe vya White House ko ashigikiye ico ciyumviro.

    Itororokanirizo ry'amakuru rya AFP rimenyesha ko abategetsi ba Irani basavye ko inkino zo mu mugice c’imirwi zova muri Amerika zikaja muri Mexique, ariko FIFA yaravyanse.

    Mu nkino z'igikombe c'isi zo mu kwezi gutaha, Iran iri mu mugwi G hamwe na Misiri, Nouvelle Zellande n'Ububiligi, uwo mugwi uzokinira mu gisagara ca Inglewood mu bumanuko bwa Los Angeles, California.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Ubushinwa bwavanyeho imisoro ku bicuruzwa ku bihugu by'Afurika uretse kimwe

    Perezida w'Ubushinwa Xi Jinping ahagaze arimo kuvugira mu ndangururamajwi nyinshi

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Kuva kuri uyu wa gatanu, Ubushinwa bwakuyeho imisoro ku bicuruzwa byinjirayo ku bihugu by'Afurika uretse Eswatini, ikomeje kugirana umubano na Taiwan.

    Kugeza mu kwa 12 mu 2024, Ubushinwa bwari bwamaze gushyira mu bikorwa gahunda yo gukuraho imisoro ku bihugu 33 byo muri Afurika bikennye cyane.

    Ubu iyi gahunda yagutse igera ku bihugu 53, kandi izakomeza gushyirwa mu bikorwa kugeza ku itariki ya 30 y’ukwezi kwa 4 mu 2028. Ntabwo haramenyekana uko bizagenda nyuma y’icyo gihe.

    Beijing yatangaje ko ari bwo bwa mbere igihugu gifite ubukungu bukomeye gitanze ku bushake amahirwe yo gukuraho imisoro ku bicuruzwa byose by’Afurika.

    Ariko abasesenguzi bavuga ko nubwo iki gihugu kiri gukoresha aya mahirwe mu kongera imbaraga zo mu mubano mpuzamahanga (soft power), bagaragaza ko imisoro ari gacye cyane iba imbogamizi nyamukuru ku bohereza ibicuruzwa hanze bo muri Afurika, cyane cyane ko Afurika ifite icyuho kinini mu bucuruzi ifitanye n’Ubushinwa, aho itumiza ibicuruzwa byinshi cyane kurusha ibyo yohereza mu Bushinwa.

    Izindi nkuru wakora:

  6. Umusore w’imyaka 21 yishwe amanitswe muri Iran

    Ifoto igaragaza uwo musore w’imyaka 21 wishwe amanitswe muri Iran , arareba muri camera yambaye ishati y’umweru

    Ahavuye isanamu, UGC

    Sasan Azadvar Jongani, umusore w’imyaka 21 ukomoka i Isfahan muri Iran, yishwe amanitsw, nk’uko bivugwa na BBC News Persian.

    Sasan yafashwe muri Mutarama(1) uyu mwaka mu myigaragambyo yo kwamagana leta, aza kwicirwa muri gereza ya Dastgard i Isfahan.

    Umuntu wegereye umuryango we yabwiye ikigo giharanira uburenganzira bwa muntu rwa HRANA ko umuhango wo kumushyingura wabaye ku wa Kane nyuma ya saa sita, mu “gace karinzwe cyane”, aho “abantu 10 gusa bo mu muryango we” ari bo bemerewe kuwitabira.

    Urwego rw’ubucamanza rwa Repubulika ya Kisilamu ya Iran ruvuga ko mu myigaragambyo yabaye muri Mutarama, yari igamije “guhirika” ubutegetsi, Sasan Azadvar Jongani “yateye amabuye imodoka ya minibus yari itwaye abategetsi amena ibirahuri byayo, anatera abategetsi amabuye.”

    Nk’uko ubucamanza bwa Iran bubivuga, yemeye ko mbere yo kwitabira imyigaragambyo yari yabwiye abantu bari bamwegereye ko azajya mu mihanda agamije guhirika ubutegetsi, kandi ko yanatumiye inshuti ze kujya mu myigaragambyo.

    Abaharanira uburenganzira bwa muntu bavuga ko batazi uko yafunzwe, niba yarigeze kubona umwunganizi mu mategeko, ndetse n’uko ibyo yemeye byafashwe n’ibihe byabibanjirije.

    Ku wa gatatu, umukuru w'ishami rya ONU rishinzwe uburenganzira bwa muntu Volker Turk yavuze ko kuva intambara itangiye muri Iran abantu 21 bamaze gukatirwa no guhabwa igihano cy'urupfu, naho abandi 4,000 bafunzwe.

    Imiryango ibiri iharanira uburenganzira bwa muntu muri uku kwezi yatangaje ko umwaka ushize muri Iran hishwe abantu 1,639 bakatiwe urwo gupfa – umubare uruta iyindi mu mwaka umwe kuva mu 1989.

    Izindi nkuru wasoma:

  7. Ukwirinda iterabwoba mu Bwongereza vyongerejwe ku rwego rwo hejuru cane inyuma y'igitero cabereye i Golders Green

    Ifoto y'umuntu yambaye impuzu zimufuka ariko aratambuka iruhande rwiwe hari imodoka z'igipolisi mu Bwongereza

    Ahavuye isanamu, EPA

    Insiguro y'isanamu, Igipolisi cavuze ko igitero co ku wa gatatu mu gisagara ca Golders Green ari igitero c'iterabwoba

    Reta y’Ubwongereza yadugije urugero rwo kwirinda iterabwoba ruva ku “rwego runini” rushika ku “rwego rukaze” – bisigura ko igitero c’iterabwoba gishobora kuba vuba cane nko mu mezi atandatu ari imbere.

    Ivyo vyabaye inyuma y’uko abagabo babiri b’Abayahudi bacumitiwe imbugita mu buraruko bwa Londres ku wa gatatu, igitero igipolisi c'Ubwongereza kiriko gifata nk’igikorwa c’iterabwoba.

    Ku munsi wa kane ku mugoroba, reta yavuze ko ukuduzwa kw’urwo rwego bitavuye gusa kuri ico gitero cabereye i Golders Green, ariko ko vyatewe kandi n’iyongerekana ry’inkeke zifitaniye isano n’imirwi y'ivyiyumviro vyiyitirira idini rya Isilamu hamwe n'ab'ivyivunyiro bikaze vyo gukomera ku vya kera.

    Ico gitero co ku musi wa gatatu ni co ca vuba mu rukurikirane rw'ibitero vyagizwe ku muryango w'Abayahudi mu Bwongereza.

    Ubwa nyuma uru rwego rwashizwe ku “rwego rukaze” hari mu kwezi kwa kabiri mu 2022.

    Umushikiranganji w'intwaro yo gahati Shabana Mahmood yavuze ko ukuduzwa kw’uru rwego “bizotera impungenge benshi, cane cane mu muryango w’Abayahudi, babandanyije kubabazwa cane”.

    Ariko yashimitse ko reta "izokora ibishoboka vyose kugira ngo ikure mu kibano ikibi c'urwanko rugirirwa Abayahudi", avuga ko mbere habaye iyongerezwa ry’amahera akoreshwa mu gipolisi n'umutekano hafi y'ibibanza vy'Abayahudi.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Amerika yahannye Kabila imushinja gutera inkunga inyeshyamba za M23

    Joseph Kabila afite ubwanwa burebure burimo imvi, arimo kuvugira mu ndangururamajwi igaragara igice gito.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Kabila yategetse DRC imyaka 18, ava ku butegetsi mu mwaka wa 2019

    Leta y’Amerika yafatiye ibihano Joseph Kabila wahoze ari Perezida wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) imushinja gufasha inyeshyamba za M23 zirwanya ubutegetsi zikorera mu burasirazuba ivuga ko zishaka guhirika ubutegetsi bw’icyo gihugu.

    Amerika ivuga ko icyo cyemezo kiri mu rwego rwo kugarura amahoro muri DRC kandi ko gitanga ubutumwa ko umuntu wese uzabangamira ibikorwa byo kugarura amahoro azabiryozwa.

    Mu itangazo yasohoye, minisiteri y’imari y’Amerika ivuga ko yafatiriye imitungo yose ya Kabila iri muri Amerika ndetse ko yabujije abaturage bayo gukorana na we cyangwa ibigo agenzura.

    Amerika ishinja Kabila gutera inkunga umutwe wa M23 agamije guhungabanya umutekano w’igihugu cye.

    Leta ya DRC yashimye ibi bihano Amerika yafatiye Kabila. Mu butumwa umuvugizi wayo Patrick Muyaya yatangaje ku rubuga nkoranyambaga rwa X, yavuze ko iki ari "ikindi gikorwa cy'ingenzi mu kurwanya umuco wo kudahana" no "kubaha ubusugire" bwa DRC.

    Amerika inashinja u Rwanda gufasha M23 mu kuyiha abasirikare, ibikoresho, imyitozo n'amategeko, ibyo rwo ruhakana, ndetse mu ntangiriro ya Werurwe (3) uyu mwaka yafatiye ibihano ingabo z’u Rwanda (RDF) hamwe n’abajenerali bane barimo n’umugaba mukuru w’ingabo.

    Mu mwaka ushize, urukiko rwa gisirikare muri DRC rwakatiye Kabila igihano cy’urupfu, adahari, rumuhamije ubugambanyi.

    Nta cyo Kabila, w’imyaka 54, yari yatangaza kuri ibi bihano. Mbere yahakanye gufasha M23, ariko muri Gicurasi (5) mu mwaka ushize, nyuma y’imyaka ari mu buhungiro yijyanyemo, yagaragaye mu mujyi wa Goma mu burasirazuba bw’igihugu, ugenzurwa na M23.

    Kabila yategetse DRC imyaka 18, ava ku butegetsi mu mwaka wa 2019, mu ryabaye ihererekanya ry’ubutegetsi rikozwe mu mahoro rya mbere ryari ribayeho kuva DRC ibonye ubwigenge mu mwaka wa 1960.

    Izindi nkuru wasoma:

  9. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.