IKIBIRIRAHO, Trump yasibye ubutumwa bumugaragaza nk'umuntu usa na Yezu nyuma yo kwamaganwa

Abakirisitu b'inshuti z'uyu Perezida w'Amerika bavuze ko iyo foto ikozwe mu buhanga bwa AI ikomeretsa, mu gihe Trump avuga ko yatekerezaga ko yamugaragazaga nk'umuganga.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana na Didier Bikorimana

  1. Bénin: Wadagni ashigikiwe n'ubutegetsi yatsinze amatora ku majwi arenga 94%

    Wadagni ariko aragenda imbere y'abantu abapepera

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Umushikiranganji w'ubutunzi wa Bénin, Romuald Wadagni, yatsinze amatora ya perezida muri ico gihugu co mu burengero bwa Afrika ku majwi arenga 94%, nk'uko ivyavuye mu matora vy'agateganyo vyatangajwe ku wa mbere n'umurwi ujejwe gutegura amatora bibigaragaza.

    Ivyo biharuro bishingiye ku bice birenga 90% vy'amajwi yaharuwe, mu gihe abitavye amatora ari ibice 58.78%, nk'uko vyatangajwe n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters, risubiramo amagambo ya Sacca Lafia, umukuru w'umurwi ujejwe amatora.

    Umukandida atavuga rumwe n'ubutegetsi, Paul Hounkpe, ari we wenyene yari ahanganye na Wadagni muri ayo matora, yemeye ko yatsinzwe, avuga ko uko ivyavuye mu matora vyari biriko biraja ahabona vyaboneka ko Wadagni ari we yariko aratsinda.

    Wadagni, w'imyaka 49, ashigikiwe n'urunani ruri ku butegetsi kandi abonwa nk’uwarungitswe gusubirira Perezida asanzwe ari ku butegetsi Patrice Talon, yari amaze igihe abonwa nk’uwuzotsinda ayo matora inyuma y'aho abatavuga rumwe n'ubutegetsi bananiwe gushiraho umukandida akomeye.

    Ubu agiye ku butegetsi mu gihe Bénin ihanganye n'ingorane z'umutekano mu buraruko, harimwo ibitero bifitaniye isano n'imigwi yitwaje intwaro yiyitirira idini ya Isilamu, hamwe n'ubukene bubandanya naho ubutunzi bw’igihugu bwo bwagiye buratera imbere.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Iran yifuje kumara imyaka itanu idakora ibya nikleyeri, ni ko amakuru avuga

    Ifoto yafashwe n'icyogajuru igaragaza uruganda rwa Iran rutunganya nikleyeri

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Iran yatanze icyifuzo cyo guhagarika igikorwa cyo gutunganya uranium mu gihe gishobora kugera ku myaka itanu, ariko icyo cyifuzo cyanzwe n’Amerika, ishimangira ko byaba imyaka 20, nkuko byatangajwe n’ikinyamakuru New York Times, mu gusubiramo amagambo y'abategetsi bo hejuru bo muri Iran no muri Amerika baganiriye na cyo.

    Iyo nkuru ya the New York Times yongeyeho ko Amerika na Iran buri ruhande rwagejeje ku rundi ibyifuzo bijyanye no guhagarika ibikorwa bya nikleyeri bya Tehran, ubwo intumwa z'ibihugu byombi zari ziri mu biganiro muri Pakistan mu mpera y'icyumweru gishize, ariko ko zakomeje kutumvikana ntizagera ku masezerano.

    Ariko ibiganiro byumvikanisha ko hashobora kuba hakiri inzira yo kugera ku masezerano y’amahoro, ndetse hashobora kuba indi nama ya kabiri y’imbonankubone.

    BBC yasabye ibiro bya perezida w'Amerika kugira icyo bivuga kuri aya makuru.

    Intego za Iran zo mu rwego rwa nikleyeri zimaze igihe ari ikibazo cy'ingutu muri iyi ntambara. Ku cyumweru, Perezida w'Amerika Donald Trump yashimangiye ko Amerika izakora ibishoboka byose kugira ngo Iran ntizagire intwaro kirimbuzi ya nikleyeri.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Visi Perezida wa Amerika yagiriza Iran 'iterabwoba ry'ubutunzi'

    Icegera ca Perezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, JD Vance

    Ahavuye isanamu, EPA

    Twamaze kwumva Icegera ca Perezida wa RetaZunze Ubumwe za Amerika, JD Vance, aho avuga ko Reta ya Irani iriko iragira “igikorwa c’iterabwoba ry’ubutunzi” mu kwugara uruja n’uruza rw’ubwato buca mu muhora wa Hormuz.

    Vance yabwiye umumenyeshamakuru Bret Baier wa Fox News ko Perezida Donald Trump yerekanye ko “ashoboye kwihora”.

    Avuga ko mu gihe Irani "yoja mu bikorwa vy'iterabwoba mu vy'ubutunzi", Amerika izokwubahiriza ingingo y'uko "ata bwato bwa Irani buzoshobora gusohoka na bwo nyene".

    Vance yanavuze ku biganiro vyabaye na Irani mu mpera y’indwi iheze, avuga ko hariho intambwe nini yatewe.

    Avuga ati: “Ubu umupira uri mu kibuga ca Irani.”

    Yongerako ko Irani itegerezwa kwerekana ko ishobora guhinduka no kwemera “ibintu nyamukuru” Amerika isaba: ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zogenzura uraniyumu (uranium) ya Irani, hamwe no gushiraho uburyo bwo kugenzura no kwemeza kugira Irani ntizokore ibirwanisho ruhonyanganda vya nikleyere.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Trump yasibye ubutumwa bumugaragaza nk'umuntu usa na Yezu nyuma yo kwamaganwa

    Donald Trump yafotowe yambaye ikositimu y’ubururu iriho ibendera rito ry’Amerika ku gice cyo ku ruhande cy’ikora ry’ikoti.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Nyuma yuko bukomeje kwakirwa nabi, Perezida w’Amerika Donald Trump uko bigaragara yakuyeho ubutumwa bwateje impaka yari yatangaje ku rubuga nkoranyambaga rwa Truth Social yigaragazagamo nk’umuntu umeze nka Yezu/Yesu.

    Iyo foto yakozwe hifashishijwe ubwenge buhangano (Artificial Intelligence, AI), yagaragazaga Trump bisa nkaho arimo gukiza umurwayi uryamye ku gitanda mu bitaro.

    Yateje kwamagana Perezida w’Amerika mu buryo bukomeye bikozwe n’impande zombi zo muri politike y’Amerika (abo mu ishyaka ry’abarepubulikani n’abo mu ishyaka ry’abademokarate), harimo na bamwe mu basanzwe bashyigikiye cyane Trump.

    Ifoto ikozwe mu buhanga bwa AI igaragaza Donald Trump

    Ahavuye isanamu, Copyright TruthSocial.com/@realDonaldTrump

    Ubwo butumwa bwaje hashize amasaha Trump atangaje ubutumwa burebure anenga Papa Léon XIV, uyu akaba anenga cyane igikorwa cya gisirikare cy’Amerika na Israel muri Irani.

    Trump yemeye ko yatangaje iyo foto, abwira abanyamakuru ko yatekerezaga ko iyo foto ari “jyewe nk’umuganga”.

    Iyo foto ubu yamaze gusibwa yagaragazaga Trump, yambaye ikanzu y’umweru, ashyize ukuboko kurabagirana ku gahanga k’umugabo urwaye, abamunenga bavuze ko isa nk’ibishushanyo by’idini bigaragaza Yezu/Yesu akiza umuntu wamugaye.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.