Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Umugore wari ufite tattoo ya perezida wa Kenya yapfuye nyuma yo gutwikishwa lisansi

Muri Kenya Rachel Wandeto, umuririmbyi w’indirimbo zihimbaza Imana watewe lisansi n’abantu batazwi, yapfuye.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Gisèle Berwa na Samba Cyuzuzo &Dinah Gahamanyi

  1. Kenya: Umugore wari ufite tattoo ya perezida yapfuye nyuma yo gutwikishwa lisansi

      • Umwanditsi, Dinah Gahamanyi
      • Igikorwa, BBC Gahuza

    Muri Kenya Rachel Wandeto, umuririmbyi w’indirimbo zihimbaza Imana watewe lisansi n’abantu batazwi, yapfuye.

    Uyu muririmbyi yari azwi cyane kubera tattoo ya perezida wa Kenya William Ruto yari ku rutugu rwe rw'iburyo.

    Polisi yavuze ko uyu mugore yatewe n'itsinda ry'abagabo batatu bamusutseho lisansi bakamutwika.

    Urwego rwa Polisi rw'Igihugu muri Kenya rwamaganye igitero cya lisansi cyakorewe uwo mugore mu gace ka Mwiki muri Nairobi.

    Mu itangazo ryasohotse ku Cyumweru tariki ya 17 Gicurasi(5), Urwego rwa Polisi muri icyo gihugu rwavuze ko abantu batari bamenyekana ku wa Gatandatu basutse lisansi kuri Wandeto baramutwika.

    Raporo yakozwe na polisi yagaragaje ko uwahohotewe yahiye ku kigero cya 70%, nyuma akajyanwa mu bitaro bya Kenyatta Hospital kugira ngo avurwe by’umwihariko.

    Ubwo yamusuraga mu bitaro bikuru by’igihugu bya Kenyatta National Hospital (KNH) ku cyumweru, Minisitiri w’umutekano w’igihugu Kipchumba Murkomen hamwe n’umuyobozi wa polisi y’igihugu, babwiye itangaza makuru ko ibyabaye kuri uwo mugore ari ubugome bw’indangakamere.

    Uyu munsi, avuga ku rupfu rwa Wandeto, Kipchumba yanditse ku mbuga nkoranyambaga ati: "Nta muntu ukwiye gukomeretswa cyangwa kwicwa kubera ibitekerezo bye bya politike uyu munsi muri iyi myaka".

    Polisi yavuze ko :“Iki kibazo kirimo gukorwaho iperereza n’itsinda ryihariye riturutse ku cyicaro gikuru cya DCI,”

    Uyu mugore yari afite tattoo y’ishusho ya Perezida wa Kenya William Ruto, n’amagambo Two Term, yakundaga kwerekana ku mbugankoranyambaga aho benshi bavugaga ari ayo gushyigikira Ruto kongera gutegeka icyo gihugu manda ya kabiri.

    Polisi yavuze ko iperereza rya mbere ryerekana ko icyo gitero gishobora kuba gifitanye isano n’ibitekerezo bye bya politiki.

  2. Umujyi w’abantu 13,000 gusa ikipe yawo igeze muri Bundesliga

    Elversberg yabaye imwe mu makipe matoya cyane mu mateka igiye gukina shampiyona y’ikiciro cya mbere mu Budage izwi nka Bundesliga.

    Iyi kipe yabonye umwanya mu kiciro cya mbere cy’umwaka utaha w’imikino nyuma yo gutsinda 3 – 0 ikipe ya Preussen Munster.

    Ku cyumweru, ibitego bya Bambase Conte na David Mokwa – watsinze bibiri - nibyo byahaye iyi kipe umwanya mu kiciro cya mbere cy’umupira w’amaguru mu Budage.

    Iyi kipe ni iyo mu mujyi wa Spiesen-Elversberg utuwe n’abaturage bagera ku 13,000. Ibi bitumya uzaba ari wo mujyi muto cyane uhagarariwe muri Bundesliga.

    Abafana bahise birunda mu kibuga cya stade Waldstadion ijyamo abantu 10,000 ubwo umukino wari urangiye bishimira uku kuzamuka kw’amateka.

    Umwaka ushize nabwo iyi kipe yari hafi kuzamuka mu kiciro cya mbere ariko mu mukino wa nyuma itsindwa 4 kuri 3.

    Iyi kipe yashinzwe mu 1907 muri uwo mujyi muto wo mu majyepfo y’Ubudage, yakomeje gukina ibyiciro byo hasi kugera mu 2023-2024 ubwo yageraga mu kiciro cya kabiri.

    Stade yayo ubu igomba kuvugururwa kugira ngo yuzuze ibisabwa na Bundesliga, ikageza nibura ku kwakira abantu 15,000.

  3. Ingwe yacitse uruzitiro yarashwe irapfa nyuma yo gukomeretsa umuntu

    Ingwe yacitse uruzitiro rw’aho imurikirwa yarashwe irapfa nyuma y’uko ikomerekeje umwe mu bayishinzwe nk’uko ibinyamakuru byo mu Budage bibivuga.

    Umugabo w’imyaka 73 yakomeretse bikomeye ku cyumweru ubwo yari ahantu hafunze h’inyamaswa, abapolisi bahise batabara barasa iyo nyamaswa irapfa.

    Icyo cyanya bwite cy’inyamaswa bivugwa ko ari icy’umugore witwa Carmen Zander wiyita “Tiger Queen” uzwi mu gutoza no kumurika inyamaswa.

    Iyo ngwe ni imwe mu munani atunze, yororera aho hantu mu mujyi wa Schkeuditz, nk’uko ibinyamakuru byaho bibivuga.

    Polisi yaho yatangaje ko iyo nyamaswa bayirashe kuko batabashaga kuyigenzura, mu kubuza ko iteza akaga rubanda.

    Nta yindi nyamaswa yacitse urwo ruzitiro muri icyo cyanya bwite cya Carmen, ukora ibikorwa byo kumurikira rubanda izi nyamswa mu mikino.

  4. UAE yatangaje ko igitero ca 'drone' cateje umuriro hafi y’uruganda rwa nukreyeri ruri i Abu Dhabi

    Ku wa Mungu, Leta Zunze Ubumwe z’Abarabu UAE yavuze ko ico gitero cakozwe n’indege zitajamwo abadereva, drone, cateye umuriro hafi y’ico kigo ca nukreyeri, ivuga ko ari “ukwongerekana gukomeye kw’intambara”.

    Abategetsi bariko bakora amatohoza kugira bamenye aho ico gitero caturutse.Ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi bw’ico gihugu bwavuze ko drones zitatu zinjiye muri UAE ziciye “mu ruhande rw’umupaka wo mu burengero”.

    Mu gihe drones zibiri zashoboye kuburizwamwo, iya gatatu yakubise ku mashini itanga umuyagankuba “iri hanze y’uruzitiro rw’imbere” rw’Uruganda rwa nukreyeri rwa Barakah i Abu Dhabi, bituma haduka umuriro.

    Nta bantu bakomerekeye muri ico gitero kandi abategetsi b’aho hantu bavuze ko ata ngaruka vyagize ku rugero rw’umutekano w’ubumara.

    Ubushikiranganji bw’imigenderanire ya UAE n’ayandi makungu bwise ico gitero “igikorwa c’ugusotorana kitokwihanganirwa” kandi buvuga ko igihugu gifise uburenganzira bwo kwishura ku bitero vyose gikorerwa.

    Bwongeye buvuga ko “guhitana ibigo vy’inguvu za nukreyeri e vy’amahoro ari ukurenga bikomeye amategeko mpuzamakungu, amategeko y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, hamwe n’amategeko agenga ibikorwa vy’agateka ka zina muntu mu bihe vy’intambara”.

    Hagati aho, ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi bw’ico gihugu bwavuze ko buzohangana “ata gucika intege” n’uwari we wese yoshaka guhungabanya umutekano w’igihugu.

    Abategetsi ntibaravuga aho iyo drone yaturutse. UAE yari isanzwe yagiriza Iran ko iri inyuma y’ibitero vyagiye bikorerwa ibikorwa remezo vy’inguvu n’ubutunzi vyayo kuva intambara yaduka muri ako karere muri Ruhuhuma(2).

    Ibiro vya Abu Dhabi Media Office vyavuze ko umuriro “wadutse ku mashini itanga umuyagankuba” kandi vyemeza ko hafashwe ingingo zo kwikingira muri ico kigo, ariko ko kiguma gikora nk’uko bisanzwe.

    Ikigo mpuzamakungu kigenzura ivy’inguvu za nucléaire cavuze ko kiriko kirakurikirana neza uko ibintu vyifashe, kandi ko umuyobozi mukuru waco, Rafael Grossi, yagaragaje “amakenga akomeye” ku vyabaye.

    Grossi yavuze ko “ibikorwa vya gisirikare bishobora guhungabanya umutekano wa nucléaire bidakwiriye kwemerwa”, nk’uko vyatangajwe n’Ikigo Mpuzamakungu kijejwe Ivy’inguvu za Atomique (IAEA) ku rubuga X, kandi ahamagarira impande zose “kwifata cane mu bikorwa vya gisirikare”.

    Kuri uwo wa Mungu nyene, ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi bwa Saudi Arabia bwavuze ko bwaburijemwo kandi burasa drones zitatu zari zinjiye mu kirere c’ico gihugu ziturutse muri Iraq.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Ibinyamakuru vyo muri Israel bivuga ko hari “imyiteguro” y’igisirikare yo gufatanya na Amerika gusubira gutera Iran

    Televiziyo Kan TV yavuze ko igisirikare ca Isirayeli kiriko kiritegura ku buryo bushoboka bwo gusubira mu ntambara na Iran.

    Umutegetsi umwe mu rwego rw’umutekano wa Israeli, atashimye ko izina ryiwe rimenyekana, yavuze ko Israel izofatanya muri ico gikorwa mu gihe Amerika yosubira gutangura ibitero bishasha bikibasira “ibikorwaremezo vy’inguvu vya Iran.”

    Iyi nkuru ije inyuma y’ikiganiro co kuri telefone cabaye ku munsi wa mungu hagati ya Donald Trump na Benjamin Netanyahu.

    Televiziyo Kan yavuze ko ico kiyago camaze iminota irenga 30, aho abo bategetsi babiri baganiriye ku bishoboka ko intambara yosubira kubandanya.

    Na televiziyo Channel 12 yo muri Israeli yavuze ko ico kiganiro c’abakuru b’ibihugu vyompi cabaye “mu gitutu c’imyiteguro y’intambara nshasha na Iran.”

    Iyo televiziyo kandi yavuze ko igisirikare ca Israeli kiri ku rugero rwo hejuru rw’ukwitegura.

    Channel 12 yavuze kandi ko Donald Trump ariko ashirwako umukazo “ukomeye cane” n’Ubushinwa kugira ngo yirinde gusubira mu ntambara na Iran, ahubwo agahitamwo inzira y’amasezerano.

    Na Channel 13 yo muri Israeli yatangaje ko indege nyinshi z’Abanyamerika zitwaye ibirwanisho n’amasasu zashitse muri Israel.

    Nk’uko iyo nkuru ibivuga, izo ndege zahagurutse ku birindiro vya gisirikare biri mu Budagi mu masaha 24 aheze maze zimanuka i Tel Aviv.

    Iyo televizyio yavuze kandi ko ico gikorwa kiri mu rwego rw’imyiteguro ya Israeli y’intambara ishobora kuba na Iran.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Uganda: Anita Among yahagaritse ibyo kongera kuba umukuru w’inteko mu gihe arimo gukorwaho iperereza

    Umukuru w’inteko ishingamategeko ya Uganda yatangaje ko atazahatanira uwo mwanya nyuma y’uko ubu harimo gukorwa iperereza kuri we ndetse ingo ze ebyiri zasatswe n’inzego z’umutekano, nk’uko ibinyamakuru muri iki gihugu bibivuga.

    Anita Among, umwe mu banyapolitike bakomeje kugaragaza ko bari hafi cyane y’ishyaka NRM rya Perezida Museveni, yavuze ko yafashe icyo cyemezo “nyuma yo kugisha inama no kwisuzuma ubwe”.

    Anita yatangaje ibi nyuma y’uko amakuru yemeza ko arimo gukorwaho iperereza kubyaha bya ruswa no kwigwizaho umutungo.

    Asobanura ku birimo gukorwa, Gen Muhoozi Kainerugaba umugaba w’ingabo za Uganda yavuze ko ku mategeko ya se akaba na Perezida w’iki gihugu, “inzego z’umutekano zirimo gukora operation 'Maliza Ufisadi' [rangiza ruswa]”

    Yongeraho ko “nta n’umwe uzasigara”.

    Ibinyamakuru muri Uganda bivuga ko mu barimo gukorwaho iperereza harimo Anita Among umukuru w’Inteko Ishinga amategeko ya Uganda kuva mu 2022 asimbuye Jacob Oulanyah yari yungirije ubwo yari amaze gupfa.

    Ikinyamakuru NewVision kivuga ko mu minsi micye ishize gusaka ku rugo rwa Among ruri ahitwa Kigo muri Kampala kwahasanze imodoka nyinshi z’agaciro ko hejuru cyane harimo iyo mu bwoko bwa Rolls-Royce.

    Kivuga kandi ko ku wa gatandatu urundi rugo rwa Among ruri i Nakasero, naho muri Kampala, narwo rwasatswe.

    Among yibukwa cyane mu 2021 ubwo nyuma yo gutorerwa kuba umukuru wungirije w’inteko ya Uganda aho yagize ati: “Nzaba umukuru wungirije w’inteko imyaka 10, n’umukuru w’inteko indi myaka 10”.

    Umwaka ushize, Among yaranenzwe nyuma yo kugereranya avuga ko Museveni ari "Imana data" naho umuhungu we Muhoozi ari "Imana mwana".

    Izindi nkuru wasoma:

  7. Trump aburira Iran ko “Umwanya uriko urahera” mu gihe ibiganiro vy’amahoro vyahagaze

    Perezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yaburiye Iran ko “umwanya uriko urahera ” mu gihe ibiganiro vyo guhagarika intambara vyahagaze.

    Yanditse ku rubuga rwiwe Truth Social ati: “Bategerezwa kwihuta cane, bitabaye uko nta na kimwe kizoba gisigaye kuri bo. UMWANYA NI NGIRAKAMARO!”

    Ubu butumwa bwaje mu gihe uwo mu Perezida yavuganye kuri telefone n’umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu ku musi wa Mungu, nk’uko ikinyamakuru Times of Israel cabitangaje kivuye ku biro vya Netanyahu.

    ibinyamakuru vya Iran vyatangaje ko Amerika itigeze itanga inyishu yumvikana canke ngo yemere ivyo Iran yasavye bishasha kugira ngo intambara ihagarare.

    Ikigo c’amakuru Mehr, cegereye ubutegetsi bwa Iran, cavuze ko ukubura ukwumvikana kwa Washington kuzotuma haba “uguhagarara kw’ibiganiro”.

    Ubutumwa bwa Trump bwagarutse ku majambo yari yavuze mbere y’uko hatangazwa agahengwe k’intambara mu ntango za Ndamukiza(4), aho yari yavuze ko “ubuzima bwose” bwoshobora guhona Iran itemeye amasezerano yo guhagarika intambara.

    Mu ntango z’iyi ndwi kandi, Trump yari yavuze ko ako gahengwe kari “mu kaga gakomeye cane” inyuma yo kwanka ivyo Tehran yasaba, avyita “ibintu bidashoboka kwemerwa na gato.”

    Esmail Baghaei, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Iran n’ayandi makungu, yavuze ko ivyo basavye ari “ivyiyumviro biranga ukwikukira no kugira ubuntu.”

    Nk’uko ikigo c’amakuru Tasnim co muri Iran cabitangaje, ivyo vyasabwe birimwo guhagarika intambara ubwo nyene ku mpande zose, harimwo ibitero Israel ikomeje kugaba kuri Hezbollah ifashwa na Iran muri Liban, guhagarika ibihano vy’ubwato bwa Irani ku bivuko vyayo, hamwe no gutanga ivyemezo ko ata bindi bitero bizokwongera kugabwa kuri Iran.

    Bivugwa kandi ko Iran yasavye indishi z’akababaro ku vyononekaye kubera intambara no kwemezwa uburenganzira bwayo ku muhora wa Hormuz.

    Ikigo c’amakuru Fars co muri Iran cavuze ku musi wa Mungu ko Washington yashizeho ibisabwa bitanu mu nyishu yayo ku vyifuzo vya Tehran.

    Muri ivyo, harimwo ko Iran yosigaza ikibanza kimwe gusa gikorerwamwo ivyerekeye ubutare bwa nikleyeri, hamwe no guha Amerika ubutare bwa uranium bwinshi Iran yari yaratunganije cane.

    Ku wa gatanu, Trump yavuze ko yokwemera ko Iran ihagarika umugambi wayo wa nikleyeri imyaka 20, ikibazo kimaze igihe kirekire kidahuza ibihugu vyompi, ivyo bikaba vyasigura ko yahinduye ingingo yari yabanje yo gusaba ko iyo porogarama ihagarikwa burundu.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Imodoka zitwara abantu n’ibintu zahagaritse gukora muri Kenya kubera iduga ry’ibiciro vy’igitoro

    Imodoka zitwara abantu n’ibintu mu gihugu cose ca Kenya zahagaritse gukora uno musi ku wa mbere, inyuma y’aho abakora muri uwo murimo bahisemwo guhagarika ibikorwa kubera iduga ry’ibiciro vy’igitoro.

    Imodoka za matatu, amapikipiki ya boda boda, amatagisi hamwe n’amakamyo atwara ibintu vyitezwe ko bitaza gukora, ivyo bikaba bishobora gutuma haba ingorane zikomeye mu ngendo mu bisagara no mu tundi turere tw’igihugu.

    Iryo hagarikwa ry’ibikorwa ryakurikiye iduzwa ry’ibiciro vy’igitoro ryaheruka gutangazwa n’ikigo ca Kenya kijejwe kugenzura ivy’inguvu na peteroli, EPRA, aho ibiciro vya essence na mazutu vyaduze cane.

    Amasendika hamwe n’amashirahamwe akorera mu rwego rw’ubwikorezi bavuga ko ayo mafaranga mashasha adashoboka ku bakora uwo murimo hamwe no ku banyagihugu.

    Amashure menshi yaburiye abavyeyi ko hashobora kuba ingorane mu gutwara abanyeshure, mu gihe abadandaza n’amashirahamwe bitegura ugucererwa kw’ibidandazwa n’ingendo z’abaja ku kazi.

    Ishirahamwe ry’abakora mu rwego rw’ubwikorezi, Transport Sector Alliance, rivuga ko iryo hagarikwa ry’ibikorwa rishigikiwe n’abatwara abantu, abatwara ibintu mu makamyo, amashirahamwe y’imodoka zunguruza abantu zo kuri internet hamwe n’abafise imodoka z’abantu ku giti cabo.

    Abari muri iyo myiyerekano basaba ko ibiciro vy’igitoro vyosubirwamwo, hagakorwa amahinduka mu rwego rw’igitoro, hamwe n’uko reta yofata ingingo zihutirwa zo kugabanya ubuzima buzimvye.

    Izindi nkuru wosoma:

  9. Urwanda rwakajije kugenzura imbibe inyuma y’iboneka ry’umurwayi wa Ebola i Goma

    Inyuma y’aho hamenyekaniye umurwayi wa Ebola mu gisagara ca Goma mu buseruo bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo, igihugu c’u Rwanda cavuze ko cakajije kugenzura abantu binjira ku mipaka.

    Ivyo vyatumye haba ubwoba mu banyagihugu b’I Goma basanzwe bajabuka umupaka buri musi baja kurondera ubuzima.

    Bamwe mu banyagihugu babwiye BBC ko ubu Abanyarwanda bataha ari bo gusa bemererwa kwinjira mu Rwanda, mu gihe Abanyekongo bo batemerewe kujabuka.

    Izi ngingo zije mu gihe kigoye i Goma, igisagara kimaze igihe kiri mu maboko y’abarwanyi ba AFC/M23 kuva mu mwaka uheze. Amabanki yo muri ico gisagara na yo aracugaye , bituma benshi bategerezwa kujabuka baja mu Rwanda kurondera amafaranga, ibidandazwa n’ibindi bikoresho vya nkenerwa.

    Abadandaza n’abakora ibikorwa hagati y’ivyo bihugu bibiri bavuga ko izi ngingo zijanye na Ebola ziriko zirongereza ubukene n’ingorane zisanzwe zihari.

    Umwe mu banyagihugu yavuze ko ibintu birenze urugero. Yabwiye BBC ati: “Twari dusanzwe tubona abantu bitwaje ibirwanisho hirya no hino, none hiyongeyeko na Ebola. Birarenze.”

    Urwanda ruvuga ko rwongereje uburyo bwo gusuzuma abantu ku mipaka inyuma y’aho Ebola yemejwe i Goma, hafi y’umupaka warwo. Hari kandi impungenge ziyongereye inyuma y’aho umuntu yishwe na Ebola ku murwa mukuru wa Uganda, Kampala.

    Abategetsi bajejwe amagara y’abantu bavuga ko abantu bose bamaze gupfa bazwi ko bari baheruka kuva mu ntara ya Ituri, ifatwa nk’icicaro c’iki kiza muri RD Congo.

    Abantu barenga 240 bakekwako banduye Ebola bariko barapimwa, mu gihe ibihugu bibanyi nka Kenya na Uganda na vyo vyakajije kugenzura ku mipaka no ku bibuga vy’indege kugira bikingire ikwiragira ry’iyo ndwara muri Afrika y’Ubuseruko.

    Izindi nkuru wosoma:

  10. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.