CECAFA: Kenya yakuyemwo Uburundi mu gice ca kabiri gishira ica nyuma

Paul Put

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umumenyereza wa Kenya Paul Put ashikanye uwo mugwi mu rukino rwa nyuma inyuma y'ukwezi kumwe gusa ashikirijwe ayo mabanga.
Yatangajwe

Igihugu ca Kenya caronse uburenganzira bwo gukina urukino rwa nyuma mw'ihiganwa rya CECAFA inyuma yo gutsinda Uburundi mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu mwanya w'inyongera 1-0.

Urwo rukino rwabereye mu gisagara ca Kisumu kiri mu burengero bwa kenya ku musi wa kane.

Inyuma y'iminota 90 ata gitego kibonetse ku mpande zose, umukinyi wo hagati wa Kenya Whyvonne Isuza ni we yinjirije uwo mugwi mu gice ca mbere c'umwanya w'inyongera.

Abakinyi b'intamba mu rugamba baserukiye Uburundi mu nkino za CECAFA

Ahavuye isanamu, FFB

Insiguro y'isanamu, Abakinyi b'intamba mu rugamba baserukiye Uburundi mu nkino za CECAFA

Mu rukino rwa nyuma Kenya izokina n'abazoba batsinze hagati ya Uganda na Zanzibar ku musi w'Imana.