Umunyamerika wa kabiri yanduye Ebola yimuriwe mu Budagi

Umukozi wo kwa Muganga, yambaye ama 'gants' ariko yambika mugenzi we ibikoresho n'impuzu bimukingira umubiri wose.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu kw'isi (OMS/WHO) ryemeje ko umukozi agira kabiri w'Umunyamerika akora ibikorwa vy'ubutabazi yanduye umugera wa Ebola wo mu bwoko bwa Bundibugyo i Bunia, mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Kongo, yimuriwe mu Budagi kugira abandanye avurirwayo.

Imbere y'uko ajanwa muri ico gihugu, uwo murwayi yari asanzwe ariko arakurikiranirwa, mu buryo budasanzwe kandi bwihariye, mu ntara ya Ituri.

Ikigo ca Amerika kijejwe gukinga no kurwanya ingwara (CDC) ni co catanguye gutangaza iyo nkuru ku wa gatanu, ariko nticashize ahabona amazina canke igitsina c'uwo murwayi. Mu nyuma, ikinyamakuru The New York Times cavuze ko uwo mukozi akorera Samaritan's Purse, ishirahamwe rukirisu rikora ibikorwa vy'ubutabazi rikaba rirongowe n'umumisiyonari Franklin Graham.

Iryo shirahamwe rivuga ko kuva ku wa mbere uwo mukozi yari yataramuriwe muri kimwe mu bigo vyaryo bivurirwamwo abarwaye muri Ituri.

Uwo ni Umunyamerika agira kabiri yanduye Ebola muri iki kiza kimaze imisi kigisibije mu karere. Muri Rusama (5), umuganga w'Umunyamerika Peter Stafford na we nyene yaranduye Ebola igihe yariko avura abarwayi muri Ituri. Yaciye yimurirwa mu bitaro vyitwa Charité ku murwa mukuru w'Ubudagi Berlin, aho vyatangajwe ko atagifise uwo mugera mu mpera za Rusama, akaba yasohotse ibitaro mu kwezi guheze inyuma yo kuvurwa.

OMS yavuze ko ukwandura kw'abakozi batanga ubutabazi mu gihe c'ikiza nk'iki atari ikintu gitangaje. Ariko ishimika ko gukingira abakozi bari ku murongo w'imbere mu kukirwanya, bikwiye kuguma ari ikintu kiza imbere ya vyose. OMS iriko ikorana na reta ya Kongo hamwe n'ikigo co ku mugabane wa Afrika kijejwe gukinga no kurwanya indwara, Africa CDC, mu kugerageza kwihutisha ibikorwa vyo guhagarika irandagata ry'iki kiza.

Ubu Ebola imaze gushika mu ntara zitanu, harimwo nshasha ari zo Tshopo na Haut-Uélé. Abajejwe amagara y'abantu bavuga ko abo ibipimo bimaze kwemeza ko banduye iyo ngwara ari 1.926, abamaze gupfa bakaba ari 702, mu gihe 318 bakize. Igitigiri c'abahitanwa n'iyo ndwara kigeze ku 36,4 kw'ijana.

Muri rusangi, abakozi 112 bo kwa muganga ni bo bamaze kwandura, 35 muri bo bakaba barapfuye.

Ubuserukizi bwa Amerika i Kinshasa bwasohoye itangazo riburira Abanyamerika kutaja muri Congo uko vyogenda kwose. Bwabagabishije ko uwoshobora guhura n'umuntu yanduye ategerezwa gutaramurwa kandi ko hamwe yoba yanduye vyotegerezwa kumutwara uburyo bwinshi.

N'ubwo intara ya Kivu y'Epfo imaze imisi 42 ata murwayi mushasha wa Ebola ahatowe, ukuba ico kiza kibandanya gutandukira ubundi burere vyerekana ko hakenewe, mu buryo bwihutirwa, ubufasha bw'amakungu kugira ico kiza gishobore guturuzwa no kugenzurwa.