Huawei yagiriwe n'icaha co kwiba amabanga ya Amerika, yezwa ku co kwinjiza amahera biciye mu bugizi bwa nabi

Ahavuye isanamu, REUTERS/Jane Rosenberg
- Umwanditsi, Rachel Clun
- Igikorwa, Umunyamakuru ku vy'ubutunzi
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Huawei yagiriwe n'icaha co kwifatanya n'abandi mu kwiba amabanga y'ubudandaji no gukoresha uruyeri mu kwiba amabanki, ariko yezwa ku caha gikomeye kuruta ibindi co kugira uruhara mu bikorwa vy'ubugizi bwa nabi biteguwe mu ntumbero yo kuronka amafaranga bidaciye mu mategeko, mu rubanza rw'imbonekarimwe rwabereye muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Muri urwo rubanza rwamaze amezi abiri, abashikirizamanza bagirije ico kigo c'Abashinwa gikorera mu gisata c'ubuhinga bwa none no guhanahana amakuru ko cakoresheje ibinyoma, amanyanga n'ubusuma kugira kironke akarusho ku bandi bahiganwa na co.
Umurwi w'abunganira Huawei imbere y'amategeko wavuze ko abashikirizamanza bari bamaze gufata ingingo ko Huawei ari ikigo c'abagizi ba nabi, maze ibirego vyabo bavyubaka bahereye aho nyene. Ariko wo wemeza ahubwo ko iterambere ry'ico kigo ryavuye ku vyiyumviro bishasha cagiye kirazana mu bikorwa vyaco.
Huawei yavuze ko kuba yejejwe ku caha co kugira uruhara mu bikorwa vy'ubugizi bwa nabi biteguwe "vyemeza ko ivyo birego ata shingiro bifise mu vy'ukuri", yongerako ko izofata "ingingo zose zikenewe zemewe n'amategeko" kugira irwanire "uburenganzira n'inyungu" vyayo.
Abacamanza bari bashashe muri sentere yo mu gisagara ca Brooklyn, basanze Huawei yagirwa n'ivyaha 10 kuri 12 yakurikiranwako, harimwo icaha co kwifatanya n'abandi mu kurenga ku bihano reta ya Amerika yashizeho.
Ariko abo bacamanza baranse kwegeka kuri Huawei icaha co kwifatanya n'abandi mu bikorwa vy'ubugizi bwa nabi biteguwe mu ntumbero yo kuronka amahera mu buryo budahuye n'amategeko, icaha vyasaba ko babanza kwemeza ko ico kigo cakora nk'umurwi w'abagizi ba nabi.
Abashikirizamanza batangaje ubwa mbere ibirego vyerekeye Huawei mu 2019, inyuma y'uko umutegetsi nshingwabikorwa w'ico kigo, Meng Wanzhou, afatiwe muri Canada mu mpera za 2018, mu buryo bwakurikiwe kandi bwavuzweko cane.
Meng, azwi kandi nka Cathy Meng, yamaze imyaka itatu apfungiwe muri Canada, imbere y'uko arekurwa kugira asubire mu Bushinwa, biciye ku masezerano n'abashikirizamanza ba Amerika.
End of podcast promotion
Mu majambo yo gusozera urubanza mu ndwi iheze, icegera c'umushikirizamanza wa Amerika, Meredith Arfa, yabwiye abacamanza bari bashashe muri sentare ko Huawei yamaze imyaka 20 ikora ibishoboka vyose kugira yagure ubudandaji bwayo, muri ivyo hakaba harimwo kubesha amabanki ku bijanye n'ubudandaji bwayo muri Irani, hamwe no kwiba amabanga y'ubuhinga mu bindi bigo bihiganwa na yo, kugira ngo ironke akarusho mu guhiganwa.
Mw'itangazo, umushikirizamanza mukuru wa Amerika, Todd Blanche, yagize ati: "Mu myaka mirongo, Huawei n'ibigo bitatu biyishamikiyeko vyakorera imirimo ya vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, vyishimikije ibinyoma n'ubusuma."
Yongeyeko ati: "Kubera ibikorwa vy'ibiro FBI bijejwe iperereza n'abashikirizamanza ba reta, ababigizemwo uruhara bazobibazwa."
Ariko umushingwamanza yunganira Huawei, Brian Heberlig, yavuze ko ico kigo cagutse mu budandaji bwaco kubera ibikorwa vy'umwete n'ubwitange. Ico kigo ubu gifise ibikorwa mu bihugu 170, kandi gikoresha abakozi barenga 200.000.
Inyuma y'uko urubanza ruciwe, Heberlig yabwiye BBC ko Huawei yanezerejwe n'uko abacamanza banse kuyegekako icaha co kugira uruhara mu bikorwa vy'ubugizi bwa nabi biteguwe.
Ati: "Ikirego gishingiye kuri RICO [itegeko ryo muri Amerika rirwanya ibikorwa vy'ubugizi bwa nabi biteguwe] cavuga ko Huawei ari ikigo kirangwa n'ibiturire, gifise umuco n'amategeko vy'imbere mu kigo bishingiye ku gukora ivyaha. Nk'uko tubibona, ico cari ikirego kirengeje urugero, kandi abacamanza bari bashashe baracanse mu buryo budasubirwamwo."
Yongeyeko ati: "Ni vyo, turafise ukwo twiyumva gutandukanye ku zindi ngingo zafashwe muri urwo rubanza… Twibaza ko Huawei yari ikwiye kwezwa ku vyaha vyose yakurikiranwako."
Vyitezwe ko urubanza ruzosomwa muri Nyakanga (9) 2027. Heberlig yavuze ko hazokorwa "ibikorwa bikomeye vyo gusaba" ko ico kigo gihabwa igihano gito gishoboka.
Yavuze kandi ko yiteze ko Huawei izokwunguruza urubanza.
Ati: "Ukwo nzi Huawei, urwo rugamba ruzobandanya, kandi iyo kompanyi ntizoruhuka gushika aho izoba yatanze ivyemezo vyose bishoboka ku rwego rw'iyungururizo, ikizera ko amaherezo izokwezwa."












