Ishirahamwe rikora isima mu bufuransa ryagiriwe no gufasha imigwi y'intagondwa harimwo na 'Islamic State'

Igihe co gusoma: iminota 3

Uruganda rukora isima mu Bufaransa, Lafarge, rwagirizwa kuriha amamiliyoni y'amadolari nk'amahera yo kwikingira imigwi y'intagondwa, harimwo n'umugwi wiyita "Islamic State ", kugira ngo ibikorwa vyarwo bibandanye bikorwa muri Syria mu gihe c'intambara.

Abahoze ari abakozi umunani ba Lafarge na bo nyene bagiriwe n' icaha co gushigikira iterabwoba, harimwo uwahoze ari umukuru w'iryo shirahamwe, Bruno Lafont, yaciriwe umunyororo w'imyaka itandatu ku musi wa mbere.

Sentare y'i Paris yavuze ko Lafarge yarishe iyo migwi imiliyoni 6.5 z'amadolari hagati y'umwaka wa 2013 na 2014 kugira ihinguriro ryayo rigume rikora mu buraruko bwa Syria.

Umucamanza Isabelle Prevost-Desprez yavuze ko ayo mahera yafashije iyo mirwi kugenzura ubutunzi bw'igihugu, bigatuma aronka amahera yo kugaba ibitero mu karere k'uburasirazuba bwo hagati n'i Buraya.

Prevost-Desprez ati: "Biraboneka neza kuri sentare ko intumbero imwe rudende yo gufasha umuhari w'iterabwoba yari iyo gutuma uruganda rwo muri Syria ruguma rukora kubera imvo z'ubutunzi. Amahera yariha imigwi y'iterabwoba yatumye Lafarge ibandanya ibikorwa vyayo."

Yongeyeko ati : " Ayo mafaranga yatanzwe asa n'ugufatanya mu budandaji n'umugwi wa Islamic State."

Lafarge yabwiye BBC ko yemera ivyemezo vyafashwe na sentare , ivuga ko "bifitaniye isano n'ikibazo ca kera kijanye n'ingeso zakozwe mu myaka irenga icumi iheze, kandi zarenga bikomeye ku mategeko ngenderwako y'iryo shirahamwe Lafarge."

Yavuze kandi ko ico cemezo ari "intambwe ihambaye" mu bikorwa vy'ishirahamwe ryo "gutorera umuti ivyabaye mu buryo bubereye".

Urwo ruganda ruri i Jalabiya mu buraruko bwa Syria, rwaguzwe na Lafarge mu 2008 ku madolari imiliyoni 680, rutangura gukora mu 2010, amezi makeyi imbere y'uko intambara itangura mu 2011.

Abashikirizamanza bavuze ko abakozi ba Lafarge baba mu gisagara kiri hafi citwa Manbij, kandi ko vyabasaba kwama bajabuka uruzi Euphrates River kugira bashike ku ruganda.

Bavuze ko ayo mafaranga yatanzwe hagati ya 2013 na Nyakanga(ukwezi kw'9) mu 2014, harimwo ibihumbi 800,000 y'ama Euro yo kuronka inzira abakozi bacamwo mu mutekano, hamwe n'imiliyoni 1.6 z'ama Euro yo kugura ubutare buvuye mu birombwe bigenzurwa n'umugwi wa Islamic State.

Abacamanza bavuze kandi ko umurwi wa Nusra Front, wari ufitaniye isano na al-Qaeda wahariwe ivomo n'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Buraya n'abandi, na wo nyene wari mu migwi Lafarge yaha amahera, nk'uko abacamanza babivuze.

Uretse Bruno Lafont, uwahoze ari icegera c'umuyobozi mukuru Christian Herrault yakatiwe gufungwa imyaka itanu, mu gihe Firas Tlass, umunyasiriya yahoze ari umukozi yatanze ayo mafaranga ku migwi y'intagondwa, yakatiwe gufungwa imyaka indwi n'aho atari ahari.

Herrault yari yavuze ko ingingo yo kugumiza uruganda rukora yafashwe ku bw'ukwitaho abakozi b'aho hantu.

Yagize ati: "Twari gushobora kubireka tukagenda, ariko none vyari kugendera gute abakozi b'urwo ruganda?"

Lafarge, ubu ariyo ifise ishirahamwe Holcim ryo mu Busuwisi, ryaciwe ihadabu rirenga miliyoni imwe y'ama Euro, kubera gufasha imirwi y'intagondwa.

Hari n'ayandi matohoza ku bijanye n'ukugira uruhara mu vyaha vy'ihohoterwa rikorerwa ikiremwa muntu abandanya.

Bubaye ubwa mbere mu Bufaransa ishirahamwe ryagirizwa gushigikira ibikorwa vy'iterabwoba.

Ivyo bikurikiye urubanza rwo mu 2022 muri Amerika, aho urwo ruganda nyene rwemeye gushigikira imirwi yabujijwe, kandi yemera kuriha ihadabu ingana n'imiliyoni 777.8 z'amadolari ku mahera yakoresheje kugira ngo ihinguriro ribandanye.

Intambara yatanguye muri Syria mu kwezi kwa gatatu mu 2011, inyuma y'aho prezida w'ico gihe Bashar al-Assad ahohoteye abiyerekana biyamiriza ubutegetsi bwiwe.

Intagondwa za " Islamic State" zigaruriye ibice binini vya Syria n'igihugu kibanyi ca Irak mu 2014, batangaza ico bise "kalifate" (hatwarwa numu kalifa aserukira Muhammad) , kandi bashiraho itegeko ryabo rikomeye ryisunga idini ya Islam.