Umuntu wa mbere yatewe ifyigo ry’ingurube yavuye mu bitaro

    • Umwanditsi, Na Nadine Yousif
    • Igikorwa, BBC News

Umuntu wa mbere yatewe ifyigo ry'ingurube ryahinduwe yavuye mu bitaro arataha inyuma y’iki gikorwa ca mbere c’akataraboneka gikozwe mu rwego rw’ubuvuzi.

Uno mugabo w'imyaka 63 yarekuwe ejo ku wa gatatu inyuma y'aho aherewe ubu buvuzi mu bitaro Massachusetts General Hospital (MGH).

Muri kahise, utwigoro two gutera ingingo z’umubiri z'ingurube zahinduwe imero ntaco twashoboye gushikako.

Ariko iyi ntambwe igezweko yishimiwe cane n'abahinga bavuga ko idasanzwe mu bijanye n'ubuhinga bwo gutera ingingo z’umubiri.

Iyi nkuru yatangajwe ejo ku wa gatatu n’ibi bitaro, ari na vyo vya mbere binini vy’ishure kaminuza Harvard Medical School yigisha ivy’ubuvuzi mu gisagara ca Boston muri Amerika.

Mw’iri tangazo, ibi bitaro bivuga ko uno murwayi, Richard "Rick" Slayman wo muri Weymouth, Massachusetts, yari ageramiwe n’ingwara y’ifyigo yari igeze ku rugero rwa nyuma, akaba yari akeneye guterwa irindi.

Abaganga biwe bashoboye kumutera ifyigo ryahinduwe uturemangingo mu gikorwa co kumukora camaze amasaha ane ku wa 16 z’ukwezi guheze kwa Ntwarante (3).

Bavuga ko ifyigo rishasha rya Slayman ubu rikora neza kandi ko ubu atakivurwa hakoreshejwe ubuhinga bwa dialyse.

Mw’itangazo, Slayman avuga ko kubona yashoboye kuva mu bitaro agataha ari “kimwe mu bihe vy’umunezero bidasanzwe” mu buzima bwiwe.

Ati: "Ndanezerewe kubona nsubiranye n’umuryango wanje, abagenzi n’abakunzi banje ntikoreye umuzigo wa dialyse wagize ingaruka ku mibereho mu kiringo c’imyaka itari mike”.

Mu 2018, yatewe ifyigo ry’umuntu yapfuye, ariko rikaba ryatanguye kurwara mu mwaka uheze, ariho abaganga baca biyumvira ingene bomutera iry’ingurube.

Ati: "Si ndabifata nk’igikorwa co kumfasha gusa, ariko ni inzira yo gutanga icizere ku bihumbi vy’abantu bakeneye guterwa amafyigo kugira ngo bashobore kubaho”.

Iri fyigo rishasha yatewe ryahinduwe n’ikompanyi eGenesis yo muri Cambridge ihingura imiti, kugira ngo bakuremwo “uturemangingo tw’iyi ngurube dushobora kumugirira nabi hanyuma bongeramwo uturemangingo tumwe tumwe twa kiremwa muntu kugira ngo rishobore kugira imero y’umuntu” ,nk’uko ino kompanyi ibivuga.

Muri iki gikorwa, ibi bitaro bivuga ko vyafatiye kuri kahise kavyo gafatiye ku gikorwa co gutera ingingo y’umubiri ku ncuro ya mbere – ifyigo - mu 1954, hamwe kandi n’ubushakashatsi vyakoranye n’ikompanyi eGenesis ku bijanye no gutera ingingo z’umubiri hagati y’ibiremwa bidasa (ikizwi nka xenotransplantation) mu myaka itanu iheze.

Umurwi wakoze iki gikorwa uracishimira ukavuga ko ari intambwe idasanzwe ishobora kuba inyishu ku kibazo c’ikena ry’ibihimba vy’umubiri kw’isi, cane cane ku nkehwa iri kena rigirako ingaruka ku rugero rutandukanye n’urw’abandi.

Winfred Williams, umuganga wa Slayman muri ivyo bitaro agira ati: "Habonetse ingingo nyinshi z’umubiri bivuye kuri ubu buhinga birashobora gufasha cane mu gushika ku buringanire mu bijanye n’amagara y’abantu no mu gutorera inyishu nyayo ikibazo c’ingwara y’amafyago ku barwayi bose babikeneye”.

Nk’uko vyerekanwa n’ibiharuro vy’ishirahamwe ryo muri Amerika United Network for Organ Sharing, Abanyamerika barenga 100.000 barakeneye guterwa ingingo z’umubiri kugira ngo barokore ubuzima bwabo.

Hagati aho, igitigiri c’abatanga ingingo zabo – abapfuye n’abazima - mu 2023 cari hasi ya 23.500.

Bivugwa ko abantu 17 bapfa buri mwaka muri Amerika bakirindiriye guterwa ingingo z’umubiri, kandi amafyigo ni co gihimba gikunze kuba gikenewe guterwa abarwayi.

Mu gihe iri ari ryo fyigo rya mbere ry’ingurube ritewe kiremwa muntu, si yo ngingo y’umubiri ya mbere itewe kiremwamuntu.

Abarwayi babiri baratewe imitima y’ingurube, ariko ibi ntivyagenze neza kuko abayitewe bahavuye bapfa inyuma y’amayinga makeya.

Kuri umwe, hari ibimenyetso vyigaragaje ko abasirikare b’umubiri biwe banse iki gihimba, iyi ikaba ari imwe mu ngaruka zikunze kwibonekeza iyo hari uwutewe ingingo y’umubiri.