Kim Jong Un arashimagiza ingabo z'igihugu ciwe 'ziyishe' aho gufatwa mpiri na Ukraine

Ahavuye isanamu, Reuters via KCNA
Kim Jong Un yashimagije ingabo za Korea ya Ruguru ziyishe mu kwiturikirizako ibisasu ntezwantoke igihe zari kurwanira Uburusiya mu ntambara yabwo kuri Ukraine, ikintu kije kwemeza ko ari poritike y'intambara yari imaze igihe kirekire yikekwa.
Mw'ijambo yashikirije muri ino ndwi, iyi ndongozi ya Korea ya Ruguru yavuze ko abo "bahisemwo kwiturikirizako ibisasu, ibitero vy'ubwiyahuzi, kugira ngo barwanire icubahiro gikomeye" ari "intwari".
Korea y'Epfo yibaza ko abanya-Korea ya Ruguru 15.000 barungitswe gufasha Uburusiya kubohoza uturere tw'intara ya Kursk iri mu burengero bw'Uburusiya, kandi ko abarenga 6000 bamaze kwicwa gushika ubu. Yaba Korea ya Ruguru canke Uburusiya, nta ruhande na rumwe ruremeza ibi biharuro.
Ibigo vy'igendereza hamwe n'abatorotse urugamba bavuga ko izi ngabo zahabwa amategeko na Pyongyang (ubutegetsi bwa Korea ya Ruguru) yo kwiyica aho kugirwa imbohe na Ukraine.
Igihe i Pyongyang ku wa mbere yerekana icibutso c'ingabo zaguye ku rugamba, Kim yasubiwemwo n'ikinyamakuru ca reta KCNA agira ati: "Ukwitanga kwabo ntikugira igiciro, kandi nta n'impembo barindiriye mu kwihebera ibanga ryabo… Iyi [ni yo] nsiguro y'urugero rw'ubugamburutsi bw'ingabo zacu."
Umushikiranganji w'Uburusiya ajejwe kwivuna abansi Andrey Belousov hamwe n'umukuru w'inama nshingamateka y'Uburusiya, Vyacheslav Volodin, bari mu bitavye ibi birori.
Muri Korea ya Ruguru, abasirikare bigishwa ko gufatwa mpiri ari ubuhemu.
Mu tango z'uno mwaka, radio-televiziyo MBC yo muri Korea y'Epfo yavugije ikiganiro cerekana impfungwa z'intambara zibiri za Korea ya Ruguru muri Ukraine, umwe muri bo yicuza kubona atiyishe.
Yagize ati: "Bose bariturikije. Jewe narananiwe".
Ikigo kijejwe igendereza ca Korea y'Epfo kivuga ko mu mwaka uheze catoye urwandiko rwavuga ku basirikare ba Korea ya Ruguru bapfuye, ivyagaragaje urugero rw'uno mugirwa.
Mw'ijambo ryiwe ryo ku wa mbere, Kim yashimagije kandi abapfiriye ku rugamba.
Ati: "Abaguye ku rugamba bari ku mabanga hamwe n'abo bababaye ku mutima kubera ishavu ry'uko bananiwe no kurangura ico bari bategetswe nk'abasirikare, aho kubabazwa n'ububabare bwo ku mubiri watabaguwe n'amasasu n'amabombe - na bo nyene bofatwa nk'abarwanyi b'abizigirwa kandi bitangiye umugambwe".
Muri Ruheshi (6) 2024, Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya hamwe na Kim barateye igikumu ku masezerano yo gutabarana mu gihe hogira uruhande rwoterwa. Ico gihe, Kim yarashimagije aya masezerano avuga ko ari yo "ya mbere akomeye".
Hampande yo kurungika ingabo, Korea ya Ruguru yiyemeje kurungika ibihumbi vy'abakozi gufasha mu bikorwa vyo gusanura Kursk.












