Abantu hafi 50 bapfuye bazize inyota mu bugaragwa bwa Sahara inyuma y'uko imodoka barimwo ipfiriye mu nzira

Abantu batandukanye, harimwo bamwe bambaye impuzu zisa n'iz'abasirikare, bariko bacukura mu musenyi wo mu bugaragwa bakoresheje amasuka, mu gihe umukungugu mwinshi wariko uraduga mu kirere.

Ahavuye isanamu, Agadez governorate/Facebook

Insiguro y'isanamu, Abapfuye muri ayo makuba bahambwe mu mva rusangi n'umugwi w'abatabazi wari warungitswe muri ako karere.
    • Umwanditsi, Wycliffe Muia
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 2

Abantu nibura 49 bapfuye bazize inyota mu gice ca kure c'ubugaragwa bwa Sahara mu buraruko bwa Niger, inyuma y'uko imodoka yari ibatwaye ipfiriye mu nzira, nk'uko abategetsi babivuze.

Abo bantu bari bavuye muri Mali aho bari bitavye umunsi mukuru w'Aba-isilamu, ariko bageze mu nzira amazi arabaherana.

Bari bageze hagati mu bugaragwa, hafi ibirometero birenga 80 mu burengero bw'igisagara ca Assamaka, ahantu h'ingenzi haca abantu ku rubibe rwa Niger na Algeria.

Mw'itangazo ryasohowe na Buramatari w'intara ya Agadez, yavuze ati: "Abo bagenzi bisanze baheze hagati mu kibanza kigoye cane, aho ubushuhe ari bwinshi cane bongera babura ibikenewe bituma kurokoka bigorana cane."

Abantu babiri gusa ni bo barokotse, bagenda n'amaguru baca mu bugaragwa bashika muri Assamaka, ari ho bamenyesheje abategetsi ivyari vyabaye.

ikarata yerekana aho igisagara ca ca Assamaka

Nk'uko biri mw'itangazo rya Buramatari, iyo kamyo yari yahagurutse mu gisagara ca Telhandek muri Mali, ariko irazimira inzira yategerezwa gucamwo.

Mu minsi itari mike, umushoferi n'abari muri iyo modoka baragerageje incuro nyinshi kuyikora kugira isubire kugenda, ariko vyaranse.

Iryo tangazo ryongerako riti: "Kubera ko amazi yari yaheze kandi bakaba batashoboye gusubira gukoresha iyo modoka naho umushoferi, umufasha wiwe n'abagenzi bari bakoze uko bashoboye kwose, abo bagenzi basanze baheze hagati mu bugaragwa bukaze kandi bugoye cane kubamwo."

Iryo tangazo ryongerako riti: "Ibiziga vyinshi vy'abapfuye vyabonetse munsi y'iyo modoka yari yahagaze hamwe no mu micungararo yayo."

Abaguye muri ayo makuba bahambwe mu mva rusangi n'umugwi w'abatabazi wari warungitswe muri ako karere n'abategetsi bo mu nzego z'aho hantu.

Ikamyo y'umuhondo n'imodoka yo mu bwoko bwa SUV y'ibara ry'ivu zari zihagaze hagati mu bugaragwa bunini, mu gihe abantu bake bari bahagaze hafi yazo ku musenyi wagutse.

Ahavuye isanamu, Agadez governorate/Facebook

Insiguro y'isanamu, Abategetsi bavuze ko iyo kamyo yari yavuye mu gisagara ca Telhandek muri Mali, ariko iza irazimira inzira yategerezwa gucamwo.
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu gihe umugwi w'abatabazi wariko uragaruka uvuye aho habereye ayo makuba, wahuye n'iyindi kamyo yari yapfiriye mu nzira itwaye abantu barenga 60.

Abo bantu bari bamaze iminsi itatu baheze mu bugaragwa kubera ko bateri yayo yari yapfuye.

Buramatari yavuze ko iyo kamyo yari yavuye mu gisagara ca Harouba muri Mali, kiri ku birometero birenga 300 uvuye ku rubibe rwa Niger.

Abatabazi, barimwo abasirikare ba Niger, bahaye amazi izo ngenzi zari zinaniwe cane kandi zifise amaganya menshi.

Baranafashije gusanura iyo kamyo, bituma ishobora gusubira ku rugendo neza.

Ubugaragwa bwa Niger buracari inzira nyamukuru ikoreshwa n'abimukira benshi bava mu bihugu bitandukanye vya Afrika y'Uburengero bashaka gushika i Buraya.

Naho urwo rugendo rwuzuyemwo ingorane n'akaga gakomeye, benshi baracagerageza kurucamwo.

Buramatari yavuze ko ayo makuba yerekanye neza ingene urwaruka rwishora mu kwimuka canke mu bikorwa vy'ubudandaji birenga imbibe rwugarijwe n'ingaruka nyinshi, kuko akenshi biba ngombwa ko baca mu duce tudatekanye kugira baronke ubuzima bwiza canke uburyo bwo kubaho.