
Obama yakirwa na Shimon Perez (i bubamfu) na Benjamin Netanyahu (i buryo)
Mu rugendo rwa mbere agize muri Israel kuva yaba umukuru w'igihugu, umukuru wa leta zunze ubumwe za Amerika, Barack Obama, yavuze ko ubushiti bw'ivyo bihugu bukomeye nk'urutare.
Bwana Obama yavuze ko igihugu ciwe cishimiye kuba hamwe na Israel mu bwiyunge bukomeye hamwe n'ubucuti.
Yakiriwe n'ukuguru w'igihugu wa Israel, Shimon Perez, hamwe n'umushikiranganji wa mbere, Benjamin Netanyahu, bakaba bavuze ko urugendo rwa Obama rugiye mu mateka.
Urugendo rwa bwana Obama ruzomara iminsi itatu, ruzokwibanda ku mugambi wa Iran werekeye inguvu za nucleaire, intambara yo muri Syria hamwe n'amatati hatati ya Israel na Palestine.
Ariko kuri ico ca nyuma, bwana Obama yavuze ko ata mugambi mushasha w'amahoro afise wo guhangana n'ico kibazo.
Muri urwo rugendo azohura kandi n'abakuru ba Patestine muri Sisjordanie.
Bwana Obama yaranenzwe muri leta zunze ubumwe za Amerika, kubera atagendeye Israel mu kiringo ciwe ca mbere nk'umukuru w'igihugu.