Amakuru mashasha ava muri Iran

Ahavuye isanamu, Qalibaf/Telegram
- Mw’itangazo ryasohowe mu kwibuka urupfu rwa Ayatollah Khomeini hamwe n’umunsi wa 15 Khordad, Ishami rya gisirikare rya Iran (IRGC) ryatangaje ko: “Umwansi ubu ahatirwa kwemera amategeko mashasha yashizweho n’abenegihugu ba Iran hamwe n’igirikare cayo, cane cane mu bijanye no gucunga no kugenzura mu buryo bw’ubwenge umuhora wa Hormuz.” Iryo tangazo rivuga kandi ko urugamba rwo kwihagararako ruzobandanya gushika abanyamahanga birukanywe muri Aziya y’Uburengero no gushika Yeruzalemu (Quds Sharif) yikukiye, hamwe "n'ugusenyura ubutegetsi bw'aba Sioniste."
- Mohammad Baqer Qalibaf, intumwa idasanzwe ya Iran, yabonanye n'abashikiranganji b'ubutunzi, igitoro n'umutekano, umukuru w'ibanki nkuru y'igihugu, umukuru w'igisata kijejwe imigambi n'amafaranga. Nk'uko bimenyeshwa n'ibimenyeshamakuru vya Iran, muri iyo nama, uwo mukuru asanzwe anarongoye inama nshingamateka yasiguye ibiriko birabera hamwe n'imigambi y'igihugu ku bijanye n'Ubushinwa mu ntumbero yo guteza imbere imigenderanire n'Ubushinwa no guhuza umugwi w'ubutunzi wa leta mu gushikiriza ibisabwa n'imigenderanire hagati y'ivyo bihugu.
- Nk’uko vyatangajwe n’icegera c’umukuru w’umurwi ujejwe gutabara no gufasha abakeneye imfashanyo, “imfashanyo zishika kuri miliyoni 150 z’amatomani [amahera ya Iran] ziratangwa ku bantu no ku bibanza vyononekaye biturutse ku ngaruka z’intambara.”
- Itororokanirizo ry'amakuru Fars ryanditse mu cegeranyo kivuga ku mugambi wa sosiyete y’igihugu ya Abu Dhabi ijejwe ibitoro wo kwubaka “umuringoti w’ibitoro ugamije kurengana umuhora wa Hormuz” ko: “Umuringoti nk’uwo woha Iran ikintu ishobora gushikako bitagoranye kandi ikaba yobona ko ari intumbero yemewe n’amategeko mu gihe habaye indyane canke intambara nshasha ."
Izindi nkuru wosoma:









