Iran ivuga ko amasezerano na Oman ku Muhora wa Hormuz ageze ku ntambwe za nyuma

Yaba Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yaba Oman, nta ruhande ruragira ico ruvuze kuri aya masezerano, mu gihe Irani ishimangira ko itari mu biganiro na Amerika kandi ko ata mugambi ifise wo kuganira nayo.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira na Didier Bikorimana

  1. Mwakoze kubana natwe uyu munsi muri iyi gahunda y'amakuru yo mu buryo bw'aka kanya. Ni ah'ejo.

  2. Inteko ishingamategeko ya Uganda yemeje kohereza ingabo muri Gaza

    Abasirikare babiri ba Uganda bari hejuru y’imbunda ya rutura. Umwe muri bo yambaye impuzankano ya gisirikare, mu gihe undi yambaye umupira w’amaboko magufi w’igikara wanditseho amagambo “UPDF”.

    Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Ingabo za Uganda ubwo zari ziri mu muhanda wa Mbau-Kamango muri teritwari ya Beni mu ntara ya Kivu ya Ruguru, ku itariki ya 8 Ukuboza (12) mu 2021 (ifoto mbarankuru yo mu bubiko)

    Inteko ishingamategeko ya Uganda yemeje ubusabe bushyigikiwe na leta bwo gutanga uruhushya rwo kohereza ingabo za Uganda muri Gaza, nyuma y’ubutumire bw’Amerika bwo muri gahunda ya Perezida Donald Trump yitwa Urwego rw’Amahoro (Board of Peace).

    Ubwo busabe bwatanzwe mu nteko ya Uganda na Minisitiri w’ingabo Kiryowa Kiwanuka, wabwiye abadepite ko ingabo za Uganda zifite ubunararibonye n’ubushobozi bwo gutanga umusanzu mu bikorwa mpuzamahanga by’amahoro.

    Uko kwemezwa kw’ubwo busabe ni cyo kimenyetso cya mbere cyo mu ruhame cya Uganda cyuko ishaka gutanga abasirikare mu ngabo mpuzamahanga ziteganyijwe zo gusubiza ibintu mu buryo muri Gaza.

    Muri Nyakanga (7) uyu mwaka, ikinyamakuru New Vision cya leta ya Uganda cyari cyatangaje, gisubiramo amagambo y’abagihaye amakuru bo mu ngabo za Uganda, ko Perezida w’Amerika Donald Trump yari yasabye Perezida wa Uganda Yoweri Museveni gutanga ubufasha bwa gisirikare bwo muri iyo gahunda y’urwego rw’amahoro, igamije gushyiraho ingabo mpuzamahanga zo gufasha mu gucunga umutekano muri Gaza.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. UEFA ivuga ko kuba FIFA ishyigikiye Infantino 'nta kintu na kimwe' bihindura ku ho ihagaze

    Perezida wa FIFA Gianni Infantino yambaye ikositimu y'umukara na karuvati y'umukara, azamuye amaboko nk'usuhuza cyangwa usezera. Arareba ku ruhande. Inyuma ye hari umugabo utaboneka mu maso.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Impuzamashyirahamwe y’umupira w’amaguru i Burayi (UEFA) ivuga ko amakipe yo kuri uwo mugabane ashobora n’ubundi kutazitabira amarushanwa arimo n’igikombe cy’isi.

    Mu itangazo yasohoye, UEFA ivuga ko kuba impuzamashyirahamwe y’umupira w’amaguru ku isi (FIFA) irimo gushyigikira Perezida wayo Gianni Infantino “nta kintu na kimwe bihindura”.

    Umwanya wa Infantino wakomeje kwibazwaho kuva FIFA itangaje gahunda yateje impaka yo kugurisha ku bashoramari imigabane mu marushanwa yayo, nyuma ikaza kureka iyo gahunda nyuma yo kwamaganwa henshi ndetse na Infantino akabisabira imbabazi.

    Mu itangazo yasohoye, FIFA yagize iti: “Inama Nkuru y’Ubuyobozi bwa Fifa yari yateranye yongeye gushimangira gushyigikira byuzuye kwayo kwa Perezida wa Fifa Gianni Infantino.”

    Hagati aho, Minisitiri w’imikino, ubugeni n’umuco w’Afurika y’Epfo, Gayton McKenzie, yatangaje ku rubuga nkoranyambaga rwa X avuga ko Afurika ikwiye kwigengesera muri iki kibazo kuko Infantino ari “inshuti” y’Afurika.

    Yagize ati: "Afurika ikwiye kwigengesera mu kwifatanya n’abari kwicira Infantino ku karubanda. Yagiriye neza cyane umupira w’amaguru w’Afurika.

    "Dushobora kujya impaka ku bitekerezo bye ariko mureke ntitwibagirwe uwabaye inshuti yacu. Benshi mu barimo gusaba umutwe we baranashaka ko ibintu byahozeho kera bisubiraho."

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Uburakari muri Uganda nyuma yuko kapiteni w'ikipe y'umupira w'amaguru akubitiwe mu muhanda agapfa

    Ifoto yafotorewe hafi igaragaza David Owori ari mu kiganiro n’abanyamakuru

    Ahavuye isanamu, SC Villa

    Insiguro y'isanamu, Polisi ivuga ko David Owori yatewe n'abacyekwa ko ari abajura ari hanze y'urugo rwe i Kampala

    Abanya-Uganda bari mu kiriyo cy’urupfu rw’umwe mu bakinnyi b’umupira w’amaguru wari uzwi cyane muri icyo gihugu, nyuma yuko akubiswe n’abacyekwa kuba ari abajura hafi y’urugo rwe ruri mu murwa mukuru Kampala.

    Polisi yavuze ko David Owori, wari ufite imyaka 27, yakubiswe bikaza kumuviramo urupfu nyuma yo guhangana n’abageragezaga kwiba telefone ye n’ibindi atunze.

    Byatumye abantu benshi bagaragaza akababaro batewe n’urupfu rwe ndetse uburakari bwongera kubaho mu baturage muri Uganda bujyanye n'ibyaha by’urugomo.

    Owori yari kapiteni w’ikipe ya Sports Club (SC) Villa, ikipe ya mbere ifite ibikombe byinshi bya shampiyona y’icyiciro cya mbere muri Uganda, yakiniye nka myugariro ndetse nk’umukinnyi wo hagati mu kibuga. Yanakiniye ikipe y’igihugu ya Uganda – the Cranes (cyangwa Imisambi ya Uganda mu Kinyarwanda).

    SC Villa yasohoye itangazo igira iti: “Twatakaje urenze umukinnyi – twatakaje umuyobozi, umuvandimwe n’inshuti.”

    Ababibonye bavuze ko mu ijoro ryo ku wa kabiri itsinda ry’abateye bamukubise amabuye asaswa mu muhanda, nyuma bakamwiba ubundi bagahunga, bakamusiga yataye ubwenge.

    Asan Kasingye, umuvugizi w'ikipe ya SC Villa, yabwiye abanyamakuru ko Owori yatewe ari hanze y’urugo rwe i Makindye, agace ko mu nkengero ya Kampala.

    Yagize ati: “Uyu mukinnyi yatezwe n’ibirara ubwo yari ageze hafi y’urugo rwe, agira ibikomere biteje inkeke ku buzima bwe mbere yuko yihutanwa akajyanwa ku ivuriro.”

    Owori yihutanwe ajyanwa ku ivuriro riri hafi aho, nyuma aza kujyanwa ku ivuriro ryigenga ryo mu mujyi wa Kampala, ariko yapfuye ku wa gatatu azize ibikomere yari yagize.

    Umuvugizi wa polisi ikorera muri ako gace, Rachael Kawala, yavuze ko abakora iperereza hari ibyo barimo gukurikira bishobora gutuma bamenya abamwishe.

    Urupfu rwa Owori rwateje kugwa mu kantu muri Uganda, abo mu rwego rw’umupira w’amaguru, barimo abafana n’abakinanye na we, hamwe n’abanyapolitike, basaba ko hatangwa ubutabera.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Menya ‘Amarembo y’Umuririro Udahera’, umuriro wo muri Turkmenistan umaze imyaka 40 waka

    Amarembo y'inyenga

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Iyo hadutse imiriro iturutse ku bicanwa, akenshi imara amasaha makeya, canke imisi canke amayinga makeya. Ariko iyo ibicanwa biri mu kuzimu bifashwe n’umuriro, uno muriro ushobora kumara imyaka mirongo waka.

    Inyenga ya Gaz ya Darvaza, izwi kandi nk’“Amarembo y’Umuriro Udahera”, ni ikinogo kirekire gifise ubwaguke bwa metero 60 uri mu bugaragwa bwa Karakum muri Turkmenistan. Iyo nyenga imaze n’imiburiburi imyaka 40 yakamwo umuriro, utazima.

    Amamuko y’iyo nyenga ntavugwako rumwe. Bamwe bavuga ko yimburutse mu myaka ya 1970 igihe imashini y’icahoze ari Ubumwe bw’Abasoviyeti icukura gaz yatobora mu buryo bw’impanuka ahantu hari gaz munsi y’ubutaka. Ariko hari abandi bavuga ko iyo nyenga yimburutse mu buryo busanzwe mu myaka ya 1960.

    Uko vyoba vyaragenze kwose, igihe abahinga mu bijanye n’ubutaka (geologistes) babona gaz ya methane yariko iratuma muri iyo nyenga, barayituriye bazi ko kwari ugukingira ibidukikije. Ico gihe, bibaza ko uwo muriro wari kumara amayinga make gusa, ariko inyuma y’imyaka mirongo iyo nyenga iracakamwo umuriro.

    Iyo nyenga iri hejuru y’akarere kagutse karimwo igitoro na gaz gaca muri Turkmenistan na Ouzbékistan, ibi bigasigura ko gashobora kuba gafitaniye isano n’ubutaka bunini burimwo methane, ibi bigatuma uno muriro udashobora kuzima.

    Umwobo wa Gaz wa Darvaza

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Umwobo wa Gaz wa Darvaza, uzwi kandi nk’“Amarembo y’Inyenga”, ni umwobo ufise ubwaguke bwa metero 60 uri mu bugaragwa bwa Karakum muri Turkmenistan.

    Mu mwaka wa 2013, umushakashatsi w’umunya-Canada George Kourounis yakoze urugendo rwo kuja kwiga uwo mwobo. Mu mwambaro urinda ubushuhe, yaramanutse muri uwo mwobo gushika hasi maze aregeranya ivu ryaho kugira ngo ryigwe. Yaranatoye ko harimwo utanyubuzima duto cane twashoboye kurinda ivyo bihe bigoye cane biri hasi iyo nyenga.

    Naho “Amarembo y’Umuriro Udahera” ashobora kuba ari wo muriro uzwi cane kuruta iyindi, si wo wonyene umaze igihe kirekire uriko uraka. Ibizuku binini cane biri munsi y’ubutaka, bishobora gutanga ibicanwa bishobora gutuma umuriro ubandanya waka imyaka amajana n’amajana.

    Hari umuriro uri munsi y’Umusozi Wingen muri Australia umaze imyaka irenga 5.000 uriko uraka. Mu gihe cose ibicanwa vy’intimbatimba nini cane vyo musi y’ubutaka bizoba bitarahera, iyo miriro izobandanya yaka imyaka itagira uko ingana.

  6. ‘Ntivyoroshe kuvugana n’Indongozi y’Ikirenga’ – Perezida wa Irani

    Kuva Mojtaba Khamenei asubiriye se wiwe nk'Indongozi y'Ikirenga. ntarigera aja ahabona

    Ahavuye isanamu, Tasnim News Agency

    Insiguro y'isanamu, Kuva Mojtaba Khamenei asubiriye se wiwe nk'Indongozi y'Ikirenga. ntarigera aja ahabona

    Umukuru w’igihugu ca Irani, Masoud Pezeshkian, yavuze ko ugukorana n’indongozi y’ikirenga y’iki gihugu “kuri mu bihe bigoye cane”. Ariko ashimangira ko yashoboye kugirana na we ibiganiro vyiza kandi vyubaka.

    Mojtaba Khamenei ntarigera aja ahabona kuva atanguye aya mabanga. Amakuru avuga ko yakomerekeye mu bitero vya mbere vyagabwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe na Israel kuri Irani.

    Ibinyamakuru vya reta bisubiramwo Masoud Pezeshkian agira ati: “Uko biri kwose, ukubaho kwiwe ni isôko rikomeye ry’inkomezi kuri twebwe kugira dushobore kubandanya”.

    Mojtaba Khamenei ntiyitavye ibirori vy’ugushingura se wiwe mu kwezi guheze, kandi abandanya atanga ubutumwa biciye mu nyandiko, ariko kuba adakunda kwibonekeza ku mugaragaro vyateje amakenga ku migenderanire yiwe n’abandi bategetsi bakuru b’igihugu.

    Ariko, Pezeshkian avuga ko mu mubonano wiwe yamwakiranye “ubugwaneza hamwe n’ubwitonzi”.

    Yongeye avuga ati: “Ikibabaje ni uko, kubera ingene ibintu vyifashe ubu, kabaye akaryo ku bantu bamwe bafise imigambi mibi ko kumuvuga uko atari no kumuha ishusho itari yo”.

    Ku wa 28 Ruhuhuma (2) uno mwaka, Amerika na Israel vyatanguje ibitero bikomeye kandi vyagutse kuri Irani, maze Irani na yo yihorera kuri Israel no ku bihugu vyo mu Kigobe bifitaniye ubucuti na Amerika, yongera ihagarika uruja n’uruza mu Muhora wa Hormuz.

    Ayatollah Ali Khamenei, yari Indongozi y’Ikirenga ico gihe, yarishwe muri ico gitero ca mbere, aca asubirirwa mu mabanga n’uno muhungu wiwe, Mojtaba Khamenei.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

    Mushobora gukurikira ayandi makuru yacu kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  7. Ubwoba inyuma y’uko igipolisi c’Ubudagi kimenyesheje ko hatowe drone yari yikoreye ibiturika ku kibuga c’indege

    Robot idasanzwe yarakoreshejwe kugira ikure imbarutso (détonateur) kuri ico giturika

    Ahavuye isanamu, Jens Schlueter/Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Robot idasanzwe yarakoreshejwe kugira ikure imbarutso (détonateur) kuri ico giturika

    Umushikiranganji w’Ubudagi ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Alexander Dobrindt, aragabisha ku co yita "urugero rushasha rw’akaga", inyuma y’icabonetse ko cari igitero c’indege itajamwo mudereva (drone) cahatswe kuba ku kibuga c’indege gikomeye.

    Mw’ijoro ryo ku wa kabiri buca ari ku wa gatatu, ku kibuga c’indege co mu gisagara ca Leipzig, hatowe drone yari yikoreye ibiturika, hafi y’indege y’imizigo ya Ukraine.

    Iyindi ndege na yo yagonganye n’ikintu kitamenyekanye haciye akanya gato ihagurutse ivuye i Leipzig, bica biba ngombwa ko igwa ku kindi kibuga c’indege itari yarateguriwe.

    Alexander Dobrindt abona ko ibi ari "igitero c’uruvangatirane", mu gihe uwusrukira Ukraine mu Budagi yabajije ati: "Hari uwundi yobikora atari Uburusiya?"

    Ibibuga vy’indege vy’Ubudagi vyose biryamiye amajanja ku rugero rwo hejuru inyuma y’aho mu mezi aheze habonekeye ama-drone atari make yagurutse ata ruhusha hejuru y’ibigo vya gisirikare, ibibuga vy’indege, ibigo ntanganguvu, ibivuko hame n’ivy’amashirahamwe ajejwe gutwara no gukwiragiza ibintu.

    Igipolisi kigabisha ko Uburusiya bushobora kuba bubifisemwo uruhara, ivyo iki gihugu camirira kure.

    Ikibuga c’Indege ca Leipzig/Halle, kiri mu buseruko bw’Ubudagi, gikoreshwa n’ingabo z’Ubudagi hamwe n’ibihugu bihurikiye hamwe mu runani rwo kwivunira umwansi hamwe OTAN/NATO mu gutwara ibikoresho vya gisirikare. Ni na co kibanza gikuru ca kompanyi y’indege ya Ukraine, Antonov Airlines, ari na yo itwara hafi imizigo yose y’iki gihugu ica mu kirere.

    Ayandi makuru hano:

    Mushobora gukurikira ayandi makuru yacu kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  8. Infantino yemeye amakosa yakoze, ayasabira imbabazi ariko arabandanya kurongora FIFA

    Gianni Infantino

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Umukuru w’ishirahamwe rijejwe umupira w’amaguru kw’isi FIFA, Gianni Infantino, yasavye imbabazi ku “makosa” yakozwe ku mugambi wiwe wateje impari wo gushaka kugurisha imitahe y’Igikombe c’Isi c’umupira w’amaguru ku banyamitahe bigenga.

    Izo mbabazi ziri mu rwandiko rwateweko igikumu na Gianni Infantino hamwe n’Umunyamabanga mukuru wa FIFA, Mattias Grafstrom, inyuma y’inama yihutirwa yabereye muri Maroc ejo ku wa gatatu.

    Uru rwandiko ruvuga ko urwego nyobozi rwa FIFA rwongeye kwemeza ko rushigikiye rwose Gianni Infantino mu mabanga yiwe y’umukuru w’iri shirahamwe.

    Uwo mugambi wariyamirijwe bikomeye. Mu baheruka kuwunegura harimwo n’umushikiranganji wa mbere wa Canada, Mark Carney, yatangaje ejo ku wa gatatu ko ata cizere agifitiye Gianni Infantino.

    Mark Carney avuga ko Infantino yakoze amakosa mu kudasigurira abahanuzi biwe n’abagize urwego nyobozi rwa FIFA ibiri muri uwo mugambi wiwe.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

    Mushobora gukurikira ayandi makuru yacu kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  9. Iran ivuga ko amasezerano na Oman ku Muhora wa Hormuz ageze ku ntambwe za nyuma

    Amato muri hormuz

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Icegera c’Umushikiranganji wa Iran ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Kazem Gharibabadi, avuga ko “Iran na Oman bamaze gushika ku masezerano shimikiro ajanye n’inzira nshasha y’igihe gito amato azokwifashisha mu Muhora wa Hormuz”, kandi ko “ayo masezerano ageze mu ntambwe za nyuma”.

    Kazem Gharibabadi yabwiye itororokanirizo ry’amakuru rya reta ya Irani IRNA ko “ibibazo hafi vyose bijanye n’inzira z’amato z’imbere no hanze hagati y’ibi bihugu bibiri, hamwe n’ibindi bibazo vy’ubuhinga kuri uwo muhora, vyamaze gutorerwa umuti”.

    Agira ati: “Iyo nzira nshasha iriko irategurwa izoba iy’igihe gito. Mu gihe ayo masezerano yoshirwa mu ngiro nk’uko vyumvikanyweko, amayira y’agateganyo ari ku ruhande rw’uburaruko n’ubumanuko bw’Umuhora wa Hormuz asanzwe akoreshwa ubu azokwugarwa”.

    Hagati aho, umuvugizi w’ubu bushikiranganji Esmaeil Baqaei agabisha ko amasezerano na Omani adasigura ko Umuhora wa Hormuz ushobora gukoreshwa ata nkomanzi, akavuga ko umutekano muri iyo nzira ubandanya ugirwako ingaruka n’ingingo ya Amerika yo kuzibira ibivuko vya Irani. Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Omani ntaco biravuga kuri uwo mugambi gushika ubu.

    Kuva aho Amerika na Israel bitangurije intambara kuri Iran muri Ruhuhuma (2), Tehran (ubutegesi bwa Irani) yarazibiye Umuhora wa Hormuz, inzira icamwo hafi ica gatanu c’igitoro hamwe na gaze yahinduwe amazi bikoreshwa kw’isi yose.

    Ku wa kabiri, Perezida Donald Trump wa Amerika yagabishije ko Irani “ishobora gukubitwa bikomeye cane” mu gihe uno muhora utoba wuguruye “vuba cane.”

    Yavuze ibi inyuma y’aho bamwe mu bategetsi bakuru ba Amerika batangarije ko ibiganiro vyari vyateye intambwe ku buryo uruja n’uruza muri uno muhora rushobora gusubira gutangura mu mpera z’ino ndwi.

    Ariko Irani ibandanya ishimangira ko ata biganiro iriko iragirana na Amerika kandi ko ata mugambi ifise wo kuganira na yo.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

    Mushobora gukurikira ayandi makuru yacu kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  10. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.