IKIBIRIRAHO, Umukuru wa La Liga avuga ko Infantino akwiye gutanga imihoho ku burongozi bwa FIFA

Umukuru wa La Liga, ihiganwa ry’umupira w’amaguru rya Espagne, asaba umukuru wa FIFA Gianni Infantino gutanga imihoho, akavuga ko uru rwego rujejwe umupira w'amaguru kw’isi "ruriko rurica umupira w'amaguru”.

Incamake

  • Umukuru wa La Liga, ihiganwa ry'umupira w'amaguru rya Espagne, asaba umukuru wa FIFA Gianni Infantino gutanga imihoho, akavuga ko uru rwego rujejwe umupira w'amaguru kw'isi "ruriko rurica umupira w'amaguru".
  • Reta Zunze Ubumwe za Amerika zagavye ibitero kuri Iran mw'ijoro rigira 11 ubudasiba, mu gihe Tehran igabisha Amerika ko itohirahira ngo itere ibigo vyayo vya nikleyere.

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira na Gildas Yihundimpundu

  1. Amerika nta gahengwe iha Irani mu gihe Trump akangisha gutera ikibanza ca nikleyere kiri munsi y'ubutaka

    Ahatewe

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Reta Zunze Ubumwe za Amerika zagavye ibitero kuri Iran mw’ijoro rigira 11 ubudasiba, mu gihe Tehran igabisha Amerika ko itohirahira ngo itere ibigo vyayo vya nikleyere.

    Ubuyobozi bw'ingabo za Amerika zikorera mu karere (Centcom) bwavuze ko ivyo bitero ari ivyo kubandanya gucuvya Irani kugira ngo ntibandanye ihungabanya uruja n'uruza rw'ubwato bw'ubudandaji mu Muhora wa Hormuz.

    Ibiturika vyumvikanye mu bisagara vya Tabriz, Chabahar, Konarak, hamwe na Bushehr, ahari ikigo kimwe kitarenga ntikirenguke ca nikleyere ca Irani.

    Irani, mu gihe ibandanya yihorera ku bihugu vy’incuti za Amerika mu Buseruko bwo Hagati, igabisha ko izokwihora, inyuma y'aho Donald Trump avugiye ko Amerika igiye gutera ikibanza ca nikleyere kiri munsi y'ubutaka hafi ya Natanz.

    Centcom ivuga ko ingabo za Amerika zateye ibigo vya gisirikare vya Iran, ibigo vy’ingabo zirwanira mu mazi, ububiko bw'indege z’intambara n’amadrone, hamwe n'ibikorwa remezo vya gisirikare.

    Yagirije kandi Iran ko, mu kiringo c’mezi atatu aheze, yateye “ubwato burenga 30 bw'ubudandaji” buca mu Muhora wa Hormuz.

    Mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu, igisirikare ca Koweit kirwanira mu kirere cavuze ko cari gihanganye n’ibitero vy'indege zitajamwo abadereva (drone) vya Irani. Bahrain na Yorodaniya navyo vyatangaje ko vyaburijemwo ibitero vya misile n’amadrone.

    Imbere y'aho, Perezida Donald Trump yari yavuze ko igitero gikurikira gishobora kwerekezwa ku kigo kizwi nka Pickaxe Mountain, ahakekwa ko Iran iriko yubaka mu mpisho ikigo co gutunganya uranium.

    Ari kumwe n’umukuru w’igihugu ca Libani, Joseph Aoun, muri Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru wa Amerika), Trump yagize ati: "Tuzohatera vuba tudatevye".

    Ubuyobozi bukuru bw’igisirikare ca Iran, Khatam al-Anbiya, buvuga ko buzofata ico gitero nk'ukwagura intambara mu karere, maze bukangisha gutera “ibibanza vyose vy’inyungu za Amerika, iz'incuti zayo n'iz'abayishigikiye”, nk’uko bitangazwa n’ikimenyeshamakuru ca reta ya Irani, IRIB.

    Trump yagabishije kandi ko Amerika izofatira ingingo ruhasha abarwanyi b'aba Houthi hamwe boshira mu ngiro umugambi wabo wo kuzibira ibivuko vya Arabia Sawudite.

    Imbere y’aho, umuvugizi w'aba Houthi yari yatangaje ko bagiye kuzibira ubwato buva canke buja muri Arabia Sawudite buciye mu muhora wa Bab al-Mandab ushikana ku Kiyaga Gitukura.

    Kuva intambara ya Amerika na Israel kuri Irani yadutse, igatuma Umuhora wa Hormuz wugarwa, Ikiyaga Gitukura ni inzira kirumara y’igitoro kivuye muri Arabia Sawudite.

    Muri Ruheshi (6), Iran na Amerika bari bateye umukono ku masezerano y’agahengwe no gusubira kwugurura Umuhora wa Hormuz, hamwe no gushika ku masezerano yo guhagarika intambara, mu kiringo c'iminsi 60.

    Ariko haciye indwi zitatu gusa ayo masezerano asinywe, Trump yatangaje ko amasezerano y’agahengwe “yahagaze”, inyuma y'ibitero vya Irani ku bwato bwariko buca muri Hormuz n'ibitero vya Amerika vyo kwishura vyakurikiye.

    Ayandi makuru hano:

    Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  2. Umukuru wa La Liga avuga ko Infantino akwiye gutanga imihoho ku burongozi bwa FIFA

    Tebbas

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Javier Tebas aranegura bikomeye Gianni Infantino, umukuru wa FIFA kuva mu 2016

    Umukuru wa La Liga, ihiganwa ry’umupira w’amaguru ryo muri Espagne, asaba umukuru wa FIFA Gianni Infantino gutanga imihoho, akavuga ko uru rwego rujejwe umupira w'amaguru kw’isi "ruriko rurica umupira w'amaguru”.

    Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru c'Ubutaliyano La Gazzetta dello Sport, Javier Tebas, umukuru wa La Liga, yabajijwe nimba Infantino akwiye gutanga imihoho, Tebas yishuye ati: "Ku bwanje, ego. Ndibaza ko igihe ciwe carangiye".

    Ariko rero, avuga ko uyu mutegetsi wa FIFA w’imyaka 56 ashigikiwe cane n'amashirahamwe y'umupira w'amaguru yo mu bihugu bitandukanye, yongerako ko uburyo bwo gutora umukuru wa FIFA "bwaboreye mu mizi."

    Ati: "Nta mukandida n’umwe amuhangara, kuko nta n'umwe yifuza guhiganwa azi neza ko zotsindwa.

    "Mu bisanzwe ntiyari akwiye kuguma muri ico kibanza, ariko uko ibintu vyifashe ubu bituma atazovaho".

    Tebas yari muri Amerika aho yagiye kwirabira ingene igihugu ciwe ca Espagne gitahukana Igikombe c'Isi c'umwaka wa 2026.

    Yagize ati: "Muri iyi misi nkiri hano muri Amerika, numvise abantu benshi bavuga ko batemera Infantino kandi badashigikiye ivyo ariko arakora.

    "Barabivuga ariko ntaco bari bukore. Sinzi ikintu kibi kurusha ikindi hagati yo kwinumira no gushigikira ikibi, kuko abinumiye bose barazi neza ibiriko birononekara mu mupira w’amaguru”.

    Vyitezwe ko Infantino atorerwa ikiringo kigira kane mw’ikoraniro rikuru rya Fifa ritegekanijwe mu kwa gatatu kw’umwaka uza, ariko Tebas yemeza ko ikibazo ca Balogun cari gushobora gutuma atakaza iki kibanza.

    Iki kibazo ca Balogun carababaje cane Tebas.

    Balogun w'imyaka 25 yarakuweko igihano cari gutuma adakina urukino rw’igice c’umunani gishira ica nyuma aho Amerika yahura n'Ububirigi, inyuma y'uko Perezida Donald Trump wa Amerika avyinjiyemwo.

    Tebas yavuze ati: "Gufuta igihano cari cahawe urya mukinyi wa Amerika cabaye ikintu gikomeye cane. Imana yose bagize ni uko Ububiligi bwatsinze Amerika, kuko iyo bitaba gutyo, vyari gushobora kuvamwo ikibazo cari gutuma Infantino atakaza akazi kiwe".

    "Barashoboye kuzimangana ico kibazo kubera Ububirigi bwatsinze. Ariko ibi bintu ni utuntu duto gusa tubonetse muri vyinshi cane".

    Iyo ngingo kandi yaraneguwe cane n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Bulaya, UEFA, aho ryavuze ko ari ikintu “kitari bwigere kibaho, kidashobora kwumvikana, kandi ata nsiguro gishobora kuronka”.

    Ico cemezo ni kimwe mu vyatumye mbere umukuru wa UEFA Aleksander Ceferin atitaba urukino rwa nyuma w'Igikombe c'Isi.

    Hampande y’ingingo avuga ko itabereye na gato kuri Balogun, umukuru wa La Liga yaraneguye cane akaruhuko abakinyi bahabwa mu Gikombe c'Isi ko kunywa amazi, umwanya muremure w'akaruhuko hagati y'igice ca mbere n'ica Kabiri mu rukino rwa nyuma, hamwe n'iciyumviro co kuzokwongereza igitigiri c’imirwi yemerewe gukina mu gikombe c’isi, gushika kuri 64.

    BBC Sport iracagerageza gusaba FIFA kugira ico ivuga kuri ibi bivugwa ku mukuru wayo.

    Ayandi makuru ku gikombe c'Isi:

    Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  3. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.