Ubushinwa n’Uburusiya bamaganye ibitero bya gisirikare ‘bya Amerika’

Uburusiya n’Ubushinwa bamaganye ibikorwa binyuranye bya gisirikare ahatandukanye ku isi, basa n’abavuga ibikorwa bya Amerika muri Iran na Venezuela mu mezi atandatu ashize.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana, Gildas Yihundimpundu, Gisèle Berwa na Samba Cyuzuzo

  1. Aha niho dusoreje aya makuru y'ikibiriraho. Wakoze kubana natwe, n'ahejo.

  2. Reba: Uko umupolisi yafashe umwana wajugunywaga kuva mu nzu yaka umuriro muri Amerika

    Insiguro ya video, Reba : uko umupolisi yafashe umwana wajugunywaga kuva mu nzu yaka umuriro

    Mu mashusho yashyizwe ahagaragara n’ishami ry’umutekano rusange rya Kalamazoo, aragaragaza umwana ujugunywe mu idirishya ry’inzu i Michigan, muri Amerika. Ababyeyi n'umwana bombi bameze neza kandi ntibakomeretse.

  3. Libani ivuga ko abantu 21, harimwo abana, bishwe mu bitero vy’indege vya Israel

    Umwotsi wabonetse i Nabatieh, mu bumanuko bwa Libani, inyuma y'ibitero vya Israel

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Umwotsi wabonetse i Nabatieh, mu bumanuko bwa Libani, inyuma y'ibitero vya Israel

    Ibitero vy’indege vya Isirayeli vyahitanye abantu n’imiburiburi 21 mu bumanuko bwa Libani ku wa kabiri, nk’uko vyatangajwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu hamwe n’ibimenyeshamakuru vy’ico gihugu.

    Muri abo, 12, harimwo abana batatu n’abagore batatu bishwe mu gitero kimwe cahitanye inzu yo mu gisagara ca Deir Qanoun al-Nahr, nk’uko vyatangajwe n'itororokanirizo ry'amakuru rya reta.

    Igisirikare ca Isirayeli ntaco kiravuga kuri ivyo, ariko cahora kivuga ko kiriko kiratera umugwi wa Hezbollah ushigikiwe na Iran, ugizwe n’Aba-Shia b’abarwanyi b’Aba isilamu. Umusirikare umwe wa Israel yishwe ku wa kabiri mu gihe Hezbollah yariko iratera igisirikare cari cafashe ibice vy’ubumanuko bwa Liban.

    Ivyo bishitse haciye igihe kitari kinini Leta Zunze Ubumwe za Amerika zitangaje ko Libani na Israel vyemeranije kwongereza agahengwe k’iminsi 45, ibiganiro bikaba bitegekanijwe kubandanya mu kwezi kuza.

    Libani yinjiye muri iyi ntambara hagati ya Iran, Israel na Amerika ku wa 2 Ntwarante, igihe Hezbollah yarasa ama roketi muri Israel nk’ukwihora ku gitero ca Israel cahitanye umukuru w’ikirenga wa Iran. Israel yaciye itangura ibitero vy’indege muri Libani yose hamwe n’igitero c’ingabo zo ku butaka.

    Israel na Hezbollah vyabandanije gushwana no kurasana kuva agahengwe k’intambara hagati ya Iran na Amerika gatanguye gukurikizwa hafi indwi zitanu ziheze.

    Ibitero vy'indege za Israel birabandanya ijoro n'umurango, na cane cane mu bumanuko bw'igihugu.

    Israel ivuga ko iriko iragaba ibitero ku mugwi witwaje ibirwanisho wa Hezbollah, ariko abasivile barishwe kenshi, harimwo abagore n'abana.

    Hezbollah yarashe ibisasu vya rokete n'indege zitajamwo umudereva (drones) mu bisagara vyo mu buraruko bwa Israel no ku basirikare ba Israel bigaruriye agace ko mu bumanuko bwa Libani kari ku birometero 10 uvuye ku rubibe rwayo.

    Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwa Libani bwavuze ku mugoroba wo ku wa kabiri, ko abantu 10 bishwe, abandi batatu barakomereka, harimwo umwana, mu gitero cabereye i Deir Qanoun al-Nahr mu karere ka Tyre.

    Mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, itororokanirizo ry'amakuru ry'igihugu ryavuze ko ibindi biziga bibiri vyatowe mu bihomoka vy'iyo nzu yononekaye. Yavuze ko abapfuye ari abantu 11 bo mu muryango umwe hamwe n'umunya Syria, ariko ntibavuze amazina.

    Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu buvuga ko abandi icenda bishwe abandi 29 barakomereka mu bitero vy'indege za Israel mu turere twa Nabatieh na Tiro.

    Abapfasoni babiri bari mu bantu bane baguye mu gitero cabereye mu gisagara ca Nabatieh, mu gihe ikindi gitero cabereye mu kigwati kiri hafi ya Kfar Sir cahitanye abantu batanu.

    BBC yarondeye igisirikare ca Isirayeli kugira kigire ico kibivugako ariko ntirabaronka.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Mu mafoto: Urugendo rwa Putin i Beijing mu Bushinwa

    Uyu musi wabaye umunsi ukomeye i Beijing/Pékin, aho Perezida Xi Jinping yakiriye Vladimir Putin mu rugendo rw’akazi.

    Perezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, yakiriwe n'igishika cinshi mu ngoro y'umukuru w'igihugu i Beijing

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Perezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, yakiriwe n'igishika cinshi mu ngoro y'umukuru w'igihugu i Beijing
    Putin yabonanye n'umushinwa Peng Pai, yafotowe ari kumwe na we akiri umwana

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Putin yabonanye n'umushinwa Peng Pai, yafotowe ari kumwe na we akiri umwana
    Ivyo bihugu vyompi vyamenyesheje urukurikirane rw'amasezerano arenga 20 yerekeye ubudandaji n'ubuhinga bwa none, hamwe n'itangazo ryerekeye "urutonde rw'isi yose"

    Ahavuye isanamu, EPA

    Insiguro y'isanamu, Ivyo bihugu vyompi vyamenyesheje urukurikirane rw'amasezerano arenga 20 yerekeye ubudandaji n'ubuhinga bwa none, hamwe n'itangazo ryerekeye "urutonde rw'isi yose"

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Igitabo kivuga ku rukundo rw’ibiryo, n’ingendo cyegukanye igihembo mpuzamahanga

    Yang Shuang-zi afite ymysatsi mugufi w'umukara yambaye utudarubinditwumukara kumpande yambaye numupira wo kwifubika wenda kuba umweru. ahagaze iruhande rwa Lin King ufite imisatsi y'umukara miremire ho gato igera ku rutugu, yambaye nishati y'umukara n'umweru

    Ahavuye isanamu, Adrian Dennis / AFP via Getty Images

    Igitabo Taiwan Travelogue kivuga ku rukundo rw'ibiryo n'ingendo z'ubushakashatsi cyegukanye igihembo cya International Booker Prize, kiba igitabo cya mbere cyahinduwe kivuye mu rurimi rwa Mandarin cyegukanye iki gihembo.

    Iki gitabo cyanditswe n'umwanditsi wo muri Taiwan Yang Shuang-zi ndetse gihindurwa mu Cyongereza n'umuhinduramyandiko w'Umunya-Taiwan n'Umunyamerika Lin King, gikurikira abagore babiri bari mu rugendo rwo gusura Taiwan banyura ahantu hatandukanye baryoherwa n'amafunguro yo muri icyo gihugu mu myaka ya 1930, igihe icyo kirwa cyari kiyobowe n'Ubuyapani.

    Iki gitabo cyanditswe mu buryo bwihariye bwo guhindura ururimi k'urwibutso rw'urugendo rwari rwaribagiranye, harimo n'inyandiko umwanditsi yiyongereyemo, ku buryo benshi mu basomyi batekerezaga ko ari amateka y'ukuri igihe cyasohokaga bwa mbere mu 2020.

    Natasha Brown, wari uyoboye akanama nkemurampaka, yavuze ati: "Ni igitabo gikurura cyane kandi cyanditswe mu buryo bw'ubwenge buhambaye kandi bwihishe."

    Taiwan Travelogue yibanda ku mwanditsi w'Umuyapanikazi witwa Aoyama Chizuko, uri mu rugendo rwatewe inkunga na leta mu gihugu cya Taiwan ari kumwe n'umuhinduramyandiko w'Umunya-Taiwan witwa O Chizuru, nyuma bakaza gukundana.

    Binyuze mu buryo aba bombi babona ibintu, iki gitabo kigaruka ku bibazo by'urukundo, umuco, amateka y'ubukoloni ndetse n'ubutegetsi.

    Yang yavuze mbere y'uko hatsindirwa iki gihembo ati: "Ubushakashatsi nakoze ku nsanganyamatsiko z'ingenzi z'iki gitabo zirimo ingendo n'ibiryo bwahinduye ubuzima bwanjye mu buryo bubiri bugaragara: amafaranga nari nizigamiye yaragabanutse, ariko ibiro byanjye byo byiyongera."

    Taiwan Travelogue yari isanzwe yaranegukanye ibihembo byinshi mbere y'iki gihembo Yang Shuang-zi w'imyaka 41 y'amavuko, yandika kandi inyandiko zisesengura ibintu, manga ndetse n'inkuru z'imikino y'amashusho.

    Iki gitabo cyandikwa bwa mbere cyanditswe mu rurimi rwa Mandarin rukoreshwa mu Bushinwa yegukanye igihembo gikomeye cyane mu buvanganzo bwa Taiwan kizwi nka Golden Tripod Award mu mwaka wa 2021.

    Gihindurwa mu cyongereza na Lin King wegukanye kurwego rw'igihugu igihembo k'Ubuvanganzo buhinduye ururimi (National Book Award for Translated Literature) mu 2024.

    Na mbere yo gutsindira International Booker Prize, King yari yavuze ko yashimishijwe n'uburyo Taiwan Travelogue yashoboye kugaragaza neza akababaro ndetse n'ibyishimo abaturage ba Taiwan banyuzemo igihe bayoborwaga n'Ubuyapani.

    Yagize ati: "Nubwo ibihe biba bikomeye gute, nemera ko abantu buri gihe babasha kubona uduce duto tw'ibyishimo ndetse n'urukundo rwinshi."Yakomeje avua ko: "Hari hakiri urwenya, ibiryo byiza, sinema, amashuri, amakimbirane mato ndetse n'urukundo. Kuvuga ibinyuranye n'ibyo ni ukugabanya umuco w'abantu ukawugira ihahamuka gusa."

    Mu kwegukana International Booker Prize, abari bagize akanama nkemurampaka bavuze mu itangazo ko "umurimo w'ingenzi wo guhindura ibitabo mu zindi ndimi" ukwiriye gushimwa, bongeraho ko amafaranga y'igihembo angana n'amadolari ibihumbi 67 azagabanywa kuburyo bungana hagati y'umwanditsi n'umuhinduramyandiko.

    Izindi nkuru wasoma:

  6. Ubushinwa n’Uburusiya bamaganye ibitero bya gisirikare ‘bya Amerika’

    Xi na Putin

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Xi na Putin

    Mu itangazo rihuriweho n’impande zombi ryasohowe n’ibiro bya Kremlin, Uburusiya n’Ubushinwa bamaganye ibikorwa binyuranye bya gisirikare ahatandukanye ku isi, basa n’abavuga ibikorwa bya Amerika muri Iran na Venezuela mu mezi atandatu ashize.

    Xi na Putin bamaganye;

    “Ibitero by’ubuhemu ku bindi bihugu, gukoresha uburyarya mu biganiro nk’uburyo bwo kwihisha ngo bategure ibitero, ubwicanyi bw’abategetsi b’ibihugu byigenga, guhungabanya amahoro muri ibyo bihugu, gushishikariza ihinduka ry’ubutegetsi mu bindi bihugu, no gushimuta guteye isoni abategetsi b’ibihugu ngo baburanishwe”.

    Ibikorwa nk’ibyo, nk’uko babivuga, “bigize guhonyora gukomeye intego y’amahame ya ONU, itegeko mpuzamahanga ku bubanyi bw’amahanga, no gusenya bikomeye imiterere y’ubutegetsi bw’isi yemeranyijweho nyuma y’intambara ya kabiri y’isi”.

    Xi na Putin barimo kwerekana ko bari imbere mu gutanga imimerere mishya y’ubutegetsi bw’isi, mu gihe ubu hari impungenge z’uko isi imeze kuri iyi manda ya kabiri ya Donald Trump.

  7. Ubushinwa bwemeje ko buzogura Boeing 200 inyuma y'urugendo rwa Trump

    Prezida Trump na Xi w'Ubushinwa bariko bararamukanya, inyuma yabo hari amadarapo y'ibihugu vyabo.

    Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Urugendo rwa Trump (i bubamfu) mu Bushinwa rwatumye ivyo bihugu rutura vyiyemeza ibitari bike mu gisata c’ubudandaji

    Ubushinwa bwemeje ko buzogura indege 200 zo mu bwoko bwa Boeing inyuma y’aho Perezida wa Amerika Donald Trump ahuriye na Perezida Xi Jinping i Beijing mu ndwi iheze.

    Mw’itangazo ryo kuri uwu wa gatatu, ubushikiranganji bw’ubudandaji bw’Ubushinwa bwamenyesheje ko mu masezerano ibihugu vyompi vyagiraniye, Leta Zunze Ubumwe za Amerika zizofasha Ubushinwa kuronka ivyuma (ibice n’ibikoresho) nkenerwa bikoreshwa ku moteri z’indege.

    Impande zompi kandi zizokora ziganisha ku kongereza ikiringo c’agahengwe k’amatagisi ku bicuruzwa vy'Amerika vyinjira mu Bushinwa no ku vy'Ubushinwa vyinjra muri Amerika, zumvikanyeko mu kwezi kwa cumi guheze.

    Vyongeye, ibihugu vyompi bizorondera kugabanya ayo matagisi ku bicuruzwa bifise agaciro ka miliyaridi 30 z’amadolari y’Abanyamerika canke karenga, kuri buri ruhande.

    Iryo tangazo ryashizwe ahabona mu gihe Xi yariko araganira na Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin, umubonano ubaye inyuma y’imisi mike Donald Trump agendeye Ubushinwa.

    Urugendo rwa Trump mu Bushinwa rwatumye haba ukwiyemeza kw’ivyo bihugu rutura kuguriranira ibidandazwa bitandukanye.

    Mu vyumvikanyweko, harimwo ko Ubushinwa buzogura indege zo mu bwoko bwa Boeing n’uko Amerika izokwongereza uburyo aborozi n’abarimyi b’Abanyamerika bashobora gushorera ibidandazwa vyabo kw’isoko ry’Ubushinwa.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. ‘Couple’ y’abongereza ifungiye muri Iran iri mu myigaragambyo yo ‘kwiyicisha inzara’

    Craig na Lindsay Foreman bakatiwe gufungwa imyaka 10 muri gereza ya Evin iri i Tehran

    Ahavuye isanamu, Facebook/ drlindsayforeman

    Insiguro y'isanamu, Craig na Lindsay Foreman bakatiwe gufungwa imyaka 10 muri gereza ya Evin iri i Tehran

    Umugabo n’umugore b’abongereza bafungiye muri Iran bashinjwa ubutasi barimo gukora imyigaragambyo yo kwiyicisha inzara mu kugerageza gusaba ko barekurwa.

    Lindsay na Craig Foreman batawe muri yombi muri Mutarama(1) umwaka ushize barimo kwambukiranya Iran mu rugendo barimo rwo kuzenguruka isi kuri moto zabo.

    Baje gukatirwa gufungwa imyaka 10 bahamijwe ibyaha birimo ubutasi, ibyaha bo bahakana.

    Bikekwa ko Craig Foreman iyi myigaragambyo ayimazemo iminsi 12, ko yayitangiye nyuma y’uko mu ntangiriro z’uku kwezi bakuriweho uburenganzira bwo kuvugana n’ababo kuri telephone.

    Amasoko y’amakuru avuga ko umugore we Lindsay Foreman w’imyaka 53, yari yabaye asubitse iyo myigaragambyo ubwo bamubwiraga ko agiye kongera kuvugisha umuryango we, ariko ko ubu yayisubukuye.

    Lindsay na Craig batangazaga ko bari mu rugendo rurere rwo kuzenguruka isi kuri moto zabo

    Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Lindsay na Craig batangazaga ko bari mu rugendo rurere rwo kuzenguruka isi kuri moto zabo

    Minisiteri y’ububanyi n’amahanga y’Ubwongereza ivuga ko ikomeje umuhate wo kugira ngo Iran ibarekure batahe. Ivuga ko ifungwa ryabo nta shingiro rifite.

    Hagati aho, umunya-Iran ufite uburenganzira bwo gutura muri Amerika bihoraho yarekuwe asubira muri Amerika nyuma y’imyaka 10 afungiye muri Iran.

    Shahab Dalili yari yarahamijwe ibyaha birimo gukorana na leta y’umwanzi.

  9. Burundi: Ndayishimiye yabogoje umukuru wa OBUHA inyuma yo kuboneka amukarira cane

    Prezida Evariste Ndayishimiye atambuka ari kumwe na Léonidas Nibigira, inyuma yabo hari abantu benshi harimwo n'umusirikare

    Ahavuye isanamu, Présidence Burundi/Facebook

    Insiguro y'isanamu, Prezida Evariste Ndayishimiye ariko atemberezwa na Léonidas Nibigira ahariko hubakwa ikigo co kurwiza inkwavu

    Prezida w’Uburundi Evariste Ndayishimiye yakuye mu mabanga Lieutnant-Colonel Ir. LéonidasNibigira yahora arongoye ikigo ca reta kijejwe inyubako.

    Iri bogozwa ribaye inyuma y’aho kuri uwu wa mbere Ndayishimiye agiye kugenzura ikibanza OBUHA iriko yubakamwo ikigo co kurwiza inkwavu muri komine Karusi, mu ntara ya Gitega, agasanga ibikorwa bimaze kurangurwa “ntibihuye n’amafaranga amaze gutangwa”.

    Prezida Evariste Ndayishimiye atunze urutoke ahantu hatagaragara, iruhande yiwe hari abantu benshi n'inyubakwa itaraherahezwa

    Ahavuye isanamu, Présidenc Burundi/Facebook

    Ama video yahanahanywe ku mbuga hwaniro na nyagiro, yerekana Evariste Ndayishimiye ariko arakarira cane umukuru w’ikigo OBUHA.

    Ku mafaranga agera hafi ku miriyaridi zibiri n’igice amaze guhabwa ico kigo, umukuru w’igihugu asa n’uwutangazwa n'uko n’impome zitaraheza kwubakwa, mu kiringo c’imyaka itatu.

    Muri ayo ma video, Ndayishimiye yumvikanye arakaye cane avuga ngo "Muri aho mushaka kurya gusa".

    Kuva ashitse ku butegetsi muri 2020, umwe mu migambi Ndayishimiye yashize imbere ujanye no kurwiza inkwavu mu banyagihugu batobato nk’imwe mu nzira inyaruka yo kubateza imbere.

    Ariko bamwe mu banenga ubutegetsi bwiwe bagiye banegura ko uwo mugambi utizwe neza kandi ko urangwamwo inyuruzwa ry’amafaranga.

    Izindi nkuru wosoma:

  10. Isesengura: Kuringaniza umubano n’Ibihugu by’Iburengerazuba

    Putin na Xi Jiping basa nabagendana intambwe kuyindi

    Ahavuye isanamu, EPA

    Perezida Xi ashaka kugaragara nk’uri hafi y’umuturanyi we ndetse n’umufatanyabikorwa we Putin, ariko atari cyane, kuko igitero cy'Uburusiya kuri Ukraine cyamushyize mu mwanya uteye impungenge.

    Ubushinwa bwanze kwamagana ibikorwa bya Putin, ariko nanone buragerageza gukomeza umubano wabwo n’ibihugu by’iburengerazuba byo birimo kurebera hafi uko umubano wabwo n'Uburusiya uhagaze.

    Uburusiya bwateye Ukraine mu 2022, nyuma y’ibyumweru bike Putin atangaje ko igihugu cye cyagiranye n’Ubushinwa ubufatanye “butagira imipaka”.

    Kuva intambara yatangira, umubano w’ubukungu hagati y’ibihugu byombi warushijeho gukomera, ubucuruzi hagati yabyo bwageze ku rwego rwo hejuru rutigeze rubaho.

    Ubushinwa bwanashinjwe guha Uburusiya ibice by’ibikoresho bishobora gukoreshwa muri iyo ntambara.

    Muri make, Ubushinwa bushobora kuba buri gufasha Moscow gukomeza ubukungu bwayo.

    Beijing ntiyifuza intambara ihungabanya u Burayi, kuko Xi ashaka ituze n’umutekano. Ariko kandi ntashaka kubona ubutegetsi bwa Putin busenyuka.

    Kandi ibyo bituma Beijing igira akazi gakomeye ko kuringaniza inyungu zayo.

    Izindi nkuru wasoma:

  11. Xi avuga ko intambara yo mu Burasirazuba bwo Hagati igeze 'ahakomeye'

    Perezida Putin na Perezida Xi bahanye ikiganza, inyuma yabo hari amabendera y'ibihugu byombi.

    Ahavuye isanamu, AFP

    Insiguro y'isanamu, Perezida Xi (iburyo) na Perezida Putin

    Perezida w’Ubushinwa Xi Jinping avuga ko ukuntu ibintu bimeze mu Burasirazuba bwo Hagati bigeze “ahakomeye” ndetse ko kuri ubu birimo kuva mu ntambara byerekeza ku mahoro, nkuko bivugwa n’ibitangazamakuru bya leta y’Ubushinwa.

    Perezida w’Ubushinwa yongeyeho ko irangira ry’imirwano ari “ngombwa” ndetse ko kongera gutangira intambara “ntibyakwihanganirwa”.

    Igitangazamakuru Xinhua cyasubiyemo amagambo ya Xi agira ati:

    “Icyifuzo cyanjye cy’ingingo enye cyo kubungabunga no guteza imbere ituze [umutekano] mu Burasirazuba bwo Hagati kigamije kubaka kurushaho ubwumvikane bw’amahanga no gutanga umusanzu mu koroshya [kudohora] ubushyamirane, kugabanya ubukana bw’intambara, no guteza imbere amahoro.”

    Icyo cyifuzo cya Xi gikubiye mu ngingo enye, yatangaje mu kwezi gushize mu nama yagiranye n’igikomangoma kizarangwa ingoma (ubwami) cya Abu Dhabi.

    Icyo cyifuzo gishyira imbere kubana mu mahoro, ubusugire bw’igihugu, ubutegetsi bugendera ku mategeko ku isi, ndetse n’uburyo buhuriweho bw’iterambere n’umutekano.

    Izindi nkuru wasoma:

  12. Russia - China: 'Imigenderanire irimwo ubusumbane bunini cane rwose'

      • Umwanditsi, Ankur Shah
      • Igikorwa, Editor, BBC Global China Unit
    Inzu yo mu Bushinwa idandarizwamwo ibikorerwa mu Burusiya, amajambo yanditswe mu rurimi rw'icongereza

    Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    Imigenderanire hagati y’Ubushinwa n’Uburusiya ntiringaniye na gato.

    Kandi birashoboka ko amasezerano yose ibihugu vyompi bishobora kugiranira azoba akurikije ivyo Ubushinwa bushaka.

    Ibi bivugwa na Alexander Gabuev, umukuru w’ikigo c’ubushakashatsi Carnegie Russia Eurasia cibanda ku Burusiya, Uburaya na Aziya.

    “Uburusiya buri mu minwe y’Ubushinwa rwose, kandi Ubushinwa bushobora gutegeka uko ibintu vyogenda muri ayo masezerano.”

    Kuva Uburusiya butanguje intambara yeruye kuri Ukraine mu mwaka wa 2022, bwakomeje kwishimikiza cane ku bikoresho biva mu Bushinwa kugira ibikorwa vyabwo vya gisirikare bishobore kubandanya.

    Imyaka y’ibihano vyafashwe n’ibihugu vyo mu Burengero na yo nyene yaratumye Moscou irushiriza kwinjira buhoro buhoro mu bucuruzi n’Ubushinwa.

    Ubushinwa ni co gihugu gifitaniye ubudandaji bwinshi n’Uburusiya, mu gihe Uburusiya bugize gusa ibice 4 kw’ijana vy’ubudandaji mpuzamakungu bw’Ubushinwa.

    Moscou nta mahitamwo menshi ifise uretse kwiyegereza Ubushinwa, busanzwe butanga urugero runini rw’ivyo ikeneye bukaba n’isoko ry’akamaro kanini ku kubaho kw’Uburusiya.

    Mu gihe Ubushinwa bwogabanya ubudandaji bwabwo n’Uburusiya, umuntu afatiye ku kuntu imigenderanire n’ibihugu vyo mu Burengero yononekaye, vyotuma Uburusuya butoroherwa na gato gushika ku ntumbero za bwo mu vya politike mpuzamakungu.

    Izindi nkuru wosoma:

  13. ‘Nimugaruka ku rugamba muzabona gutungurwa kwinshi’ – Araghchi asubiza Trump

    Abbas Araghchi

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Abbas Araghchi

    Minisitiri w’ububanyi n’amahanga wa Iran yasubije amagambo ya Perezida Donald Trump wakangishije ko bashobora kongera gutera Iran.

    Abbas Araghchiyagize ati: “Mumenye neza ko nimugaruka ku rugamba muzahura no gutungurana kwinshi kandi gushya”.

    Araqchi yanditse ku rubuga X ko nyuma y'amezi Amerika iteye Iran “Inteko ishinga amategeko ya Amerika yemeje iraswa ry’indege zirenga icumi z’agaciro ka miliyari z’amadorari”.

    Yongeraho ati: “Ubu byamaze kwemezwa ko igisirikare cyacu ari cyo cya mbere ku isi cyahanuye za ndege z’intambara zamamaye za F-35”.

    Mu gusoza ubutumwa bwe, yavuze ko: “Mu masomo twize n’ubumenyi twungutse, mumenye neza ko nimugaruka ku rugamba muzabona gutungurwa kwinshi gushya”.

    Trump ejo yavuze ko bahagaritse igitero kinini kuri Iran nyuma y’ubusabe bw’ibihugu byo mu Kigobe, ariko akangisha ko igihe hatagerwa ku kumvikana Washington ishaka igihe cyose biteguye guhita batera Iran.

    Izindi nkuru wasoma:

  14. Xi yabwiye Putin ko Beijing na Moscou bikwiye gufashanya, Putin amutumira kugendera Uburusiya

    Perezida Putin w'Uburusiya na Perezida Xi w'Ubushinwa bahagaze begeranye barimo kugenda, bambaye amakositimu yijimye, na karuvati ziganjemo ibara ritukura rijya kuba iroza.

    Ahavuye isanamu, EPA

    Intumwa z’Ubushinwa n’iz’Uburusiya ziriko zirabonana muri uwu mwanya mu Ngoro nkuru y’Abanyagihugu, mu Bushinwa.

    Ashikiriza ijambo ryo kwugurura iyi nama, Prezida w’Ubushinwa Xi Jinping yabwiye Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin ko ivyo bihugu bibiri bikwiye gufashanya mu bijanye n’iterambere no kongerera inguvu ubuzima bwiza bw’ibihugu vyompi, nk’uko ibimenyeshamakuru vya leta mu Bushinwa vyabitangaje.

    Prezida Putin yavuze ko imigenderanire hagati y’Uburusiya n’Ubushinwa iri ku rugero itari bwigere ishikako imbere y’aha.

    Putin yatumiye Xi kugendera Uburusiya mu mwaka uza. Yashimangiye ko imigenderanire hagati ya Beijing na Moscou “ifasha mu gutsimbataza ituze kw’isi yose”.

    Xi aheruka kugendera Uburusiya mu kwezi kwa gatanu mu mwaka uheze wa 2025.

    Izindi nkuru wosoma:

  15. Vladimir Putin na Xi Jinping bahuriye i Beijing nyuma y'iminsi Trump ahagiriye uruzinduko

    Xi Jinping na Vladimir Putin batambuka imbere y'ingabo zihagaze ku murongo zizamuye imbunda. Bambaye amakositimu yijimye hamwe na karuvati.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Vladimir Putin (imbere iburyo) na Xi Jinping (imbere ibumoso) bagenzura ingabo

    Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin ari mu nama i Beijing na Perezida w’Ubushinwa Xi Jinping, nyuma y’iminsi Perezida w’Amerika Donald Trump ahagiriye uruzinduko.

    Uru ni rwo ruzinduko rwa mbere Putin agiriye mu mahanga muri uyu mwaka – ibigaragaza ukuntu Ubushinwa bwahindutse ingenzi cyane ku Burusiya bwarushijeho gushyirwa mu kato, nyuma y’intambara bwashoje kuri Ukraine guhera mu 2022.

    Ubushinwa ni bwo bwa mbere mu kugura ibikomoka kuri peteroli byinshi cyane by’Uburusiya ndetse ni n’inshuti ikomeye y’Uburusiya nubwo Uburusiya bwafatiwe ibihano n’ibihugu byo mu burengerazuba bw’isi.

    Putin araba ashaka gushimangira umubano. Mu ngingo z’ingenzi ziganirwaho haraba harimo umuyoboro mushya ushobora kugeza mu Bushinwa umwuka (gaze) kamere ugera kuri metero kibe (m³) miliyari 50.

    Putin yiyongereye ku rutonde rurerure rw’abategetsi bamaze kwerekeza i Beijing muri aya mezi ya vuba aha ashize kugira ngo bakorane ubucuruzi kurushaho n’Ubushinwa.

    Izindi nkuru wasoma:

  16. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.