IKIBIRIRAHO, Israel ivuga ko umutegetsi mushya w'igisirikare cya Hamas yiciwe mu bitero byagabwe mu mujyi wa Gaza

Abantu nibura batatu biciwe muri icyo gitero cya Israel, cyabaye nubwo hari agahenge hagati yayo na Hamas.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana, Gildas Yihundimpundu na Gisèle Berwa

  1. DR Congo: Abategetsi bavuga ko guhagarika virusi ya Ebola Bundibugyo bishobora gushika ku mezi atandatu

    Abajejwe amagara mu myambaro ibakingira. Bariko baripompa imiti yica imikorobi inyuma yo kuva mu kibanza gitaramurirwanwo abanduye ku bitaro bikuru, ku wa 21 Rusama 2026, i Mongbwalu, muri RD Congo

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Abategetsi bavuga ko urugamba rukomeye ubu ari ugukurikirana abahuye canke bakoranyeko n'abanduye

    Abategetsi bajejwe amagara y’abantu muri Republika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) bavuga ko abantu bagera ku 1000 ari bo bagaragaza ibimenyetso bihuye n'ivya Ebola, ariko ko kugeza ubu abamaze kwemezwa n’ibipimo vyo muri laboratware ko bayanduye ari 101.

    Abo bategetsi bavuga ko ibipimo bikibandanya gukorwa, aho kuva ku bice 30 gushika ku 35 kw’ijana vy'ivyafashwe bigaragaza ko abo bantu banduye.

    Iki kiza kandi carateye impungenge ku bitigiri vy’abapfuye. Abategetsi bavuga ko abagera ku 220 bikekwa ko bishwe na co. Ariko 17 bonyene ni bo ibipimo vya laboratware bimaze kwemeza ko bapfuye bishwe na Ebola, ibi bikerekana ko hakiri igipfungu mu bitigiri.

    Urugamba rukomeye ubu ni ugukurikirana abahuye canke bakoranyeko n’abanduye. Abantu bagera ku 3600 bamaze kumenyekana ko bahuye n’abanduye, ubu bakaba bariko barakurikiranwa cane.

    Harimwo abari mu kaga gakomeye, nk’abo mu miryango yahaye indaro ikanitaho abarwayi, hamwe n’abandi bari mu kaga gasanzwe, nk’abahuye akanya gato n’abanduye.

    Nta n’umwe muri abo ubu aragaragaza ibimenyetso, ariko bose barakurikiranwa.

    Hambavu y’ivyo, abarwayi bagera hafi ku 230 bariko bavurirwa mu mavuriro, bagahabwa cane cane ubufasha bwo gupfupfahaza, kubera ko gushika ubu ata muti wihariye w’ubu bwoko bwa Ebola urashirwa ku rugero rwo gukoreshwa.

    Ariko abategetsi bavuga ko hari imiti iriko irageragezwa, harimwo umuti wo mu bwoko bwa ‘monoclonal antibody’ wakorewe muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ishobora gutangura gukoreshwa vuba mu bikorwa vyo kugeragerezwa ku barwayi.

    Ku bijanye n'aho giherereye, iki kiza kigaragara cane mu ntara zitatu za RDC: Ituri, Kivu ya Ruguru na Kivu y’Epfo. Abategetsi bashimangira ko ata bantu banduye bamaze kwemezwa n’ibipimo vyo muri laboratware hanze y’izo ntara, n’ubwo mu gihugu cose hari amakuru atandukanye y’abantu bikekwa kwandura.

    Mu kwirinda irandagata ry’iki kiza, utwigoro turiko turongerezwa cane. Udukoresho two gupima duharurwa mu bihumbi turiko turakwiragizwa, aho utugera ku 2000 tumaze gutangwa n’utundi 4000 turi mu nzira.

    Vyongeye, amatoni arenga 100 y’ibikoresho vya nkenerwa vyo kwa muganga ari mu nzira, mu gihe reta n’abafatanyabikorwa mpuzamakungu bariko barongereza umurindi mu bikorwa vyo guhangana n’ikwiragira ry’iki kiza.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Israel ivuga ko umutegetsi mushya w'igisirikare cya Hamas yiciwe mu bitero byagabwe mu mujyi wa Gaza

    Ifoto igaragaza inzu yasenyutse ndetse n'abantu benshi bayihagaze imbere mu ijoro.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Ikivunge cy'abantu bateraniye ahagabwe igitero cyasenye inzu yo muri rimwe mu masoko ahinda cyane mu mujyi wa Gaza

    Israel yatangaje ko yishe Mohammed Odeh, wari umukuru w’ishami rya gisirikare rya Hamas, mu gitero cyagabwe i Gaza ku wa kabiri, hari hashize iminsi micye gusa uwo yari yasimbuye na we apfiriye mu kindi gitero nk’icyo.

    Abanye-Palestine nibura batatu bishwe naho abandi benshi barakomereka muri icyo gitero gikomeye cyo ku wa kabiri, cyibasiye inyubako yo guturamo iri muri kamwe mu duce twa Gaza tubamo amasoko ahinda cyane, nk’uko abakora mu buvuzi hamwe n'ababibonye babivuze.

    Urwego rw'ubutasi bw'imbere mu gihugu rwa Israel ruzwi nka Shin Bet hamwe n’igisirikare cyayo basohoye itangazo bavuga ko inyubako zari ubwihisho bwa Mohammed Odeh zarashweho, nyuma y’amezi menshi ingendo ze zikurikiranwa n’inzego z’ubutasi.

    Iki ni cyo gitero cya vuba aha cyiciwemo abantu muri Gaza, nubwo hagati ya Israel na Hamas harimo agahenge k’intambara.

    Inzu yasenywe n'igitero cyishe Mohammed Odeh

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Reuters Ababonye ibyabaye bavuze ko inyubako yarashwe misile eshanu zituruka mu byerekezo bitandukanye

    Igitero cyibasiye amagorofa atatu yo hejuru mu nyubako ya al-Kayali iri rwagati mu mujyi wa Gaza, aho imihanda yari yuzuye abaguzi bitegura umunsi mukuru w’Abayisilamu wa Eid al-Adha.

    Igisirikare cya Israel (IDF) na Shin Bet byagize biti: “Nk'igikorwa gihuriweho cyo gukuraho umuterabwoba Muhammad Odeh, inyubako nyinshi zo hagati mu mujyi wa Gaza zari zimubereye ubuhungiro zagabweho ibitero, nyuma y’amezi menshi y’igenzura ry’ubutasi kugira ngo hakurikiranwe ingendo ze ndetse n’iz’abamufashaga muri uwo mutwe.”

    Bongeyeho ko banagabye igitero ku “icumbi riri hafi aho ry’umwe mu baterabwoba ba Hamas wateye [mu gitero cyo] ku itariki ya 7 Ukwakira (ukwa 10) [mu mwaka wa 2023] kandi akaba yari umwe mu bafashaga Odeh”.

    Abatabazi bihutiye kugera aho ibyo bitero byabereye, ariko bagorwa no kugera ku magorofa yo hejuru kubera ubukana bw’ibyangiritse ndetse n’umubyigano wari uri muri ako gace.

    Ababibonye bavuze ko nibura ibisasu bitanu bya misile byakubise iyo nyubako hafi icyarimwe, biturutse mu byerekezo bitandukanye.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Reba: Uko abanyamakuru bahunga urusaku rw'amasasu muri sena ya Philippines

    Insiguro ya video, Reba: Abanyamakuru bahunga ubwo urusaku rw'amasasu muri sena ya Philippines

    Sena ya Philippines yari ifunze, abasirikare bagaragaye binjira mu nyubako umusenateri washakishwaga n'Urukiko Mpuzamahanga Mpanabyaha (ICC) yari yarahungiyemo.

    Humvikanye urusaku rw'amasasu ariko abategetsi ntibaratangaza uwarashe.

    Bavuze ko nta wapfuye. Amashusho yerekanye abanyamakuru barimo kwirukanka mu gihe amasasu yavugaga.

  4. Ebola isaba inyishu yihuta kugira hirindwe akaga – Buramatari wo muri RD Congo

    Ifoto yerekana umutwe gusa w’umugore. Yapfunze igitambara ku mutwe kandi yambaye agapfukamunwa kirabura. Yashize ukuboko kwiwe kw’ibubamfu ku maso kugira ngo yikingire izuba.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Abantu bamwe bamwe baba mu duce twiziziwe na Ebola bambara udupfukamunwa kandi bakirinda kwegerana n’abandi kugira ngo birinde ikwirakwira ry’iyo ndwara

    Buramatari wa gisirikare wa Ituri, intara yiziziwe na Ebola muri iki gihe, muri Republika ya Demokarasi ya Kongo (DRC), yavuze ko urugamba rwo kugerageza kuzibira ikwiragira ry’iyo ndwara rumeze nk'"intambara", kandi ko babuze uburyo bukwiye bwo kuyirwanya.

    Johnny Luboya Nkashama yabwiye iradiyo y’Abafaransa RFI ati: “Abantu baba mu duce twiziziwe ntibaronka ibifungurwa bikwiye.”

    Yongeyeko ko bahanzwe kandi n’ingorane y'"izindi ndwara" n'"ubucucikirane bw’abantu".

    Yasavye ko habaho “inyishu yihuta”, harimwo gukomeza no kwongereza ubushobozi bw’abakozi kugira hirindwe akaga muri Ituri.

    Abategetsi bavuga ko kuva kw’itariki 15 z’ukwezi kwa gatanu, igihe Ebola yatangazwa, hamaze kuboneka abantu bashika ku 1,000 bikekwa ko bayanduye, hamwe n’abarenga 223 bikekwako bishwe na yo.

    Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS/WHO) ryavuze ko iyo ndwara ishobora kuba iriko ikwiragira ningoga kurusha uko vyari vyitezwe mu ntango. Ryatangaje kandi ko ari ikibazo c’amagara y’abantu gihangayikishije amakungu yose.

    Ku wa mbere, umuyobozi mukuru wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yavuze ko ikiza ca Ebola kiriko kirarengera kure utwigoro twihutirwa two guhangana na co, yongerako ko abagerageza kukirwanya bariko biruka inyuma ya co.

    Ebola imaze kwibonekeza kandi mu ntara za Kivu ya Ruguru na Kivu y’Epfo muri DRC (RDC), hamwe no mu gihugu ca Uganda gihana urubibe na DRC, ahamaze kwemezwa abantu indwi bayanduye.

    Asigura ivyo intara yiwe ikeneye, Nkashama yavuze ko hakwiye kurungikwa ningoga “abakozi babifisemwo ubumenyi”, kandi hagashirwaho “ibigo bikingiwe neza vyo kuvuriramwo”.

    Bamwe mu banyagihugu bari barakaye baragerageje gutwara ibiziga vy’ababo bivugwa ko bishwe na Ebola, mu kugaba ibitero ku bigo bibiri bivuriramwo abayigwaye.

    Nkashama yabwiye RFI ko uburyo bari basanzwe bafise bwari bwagenewe intambara imaze igihe igisibije mu ntara arongoye, aho yashimangiye ko Ebola ari intambara igira kabiri ibugarije, akavuga ko bisaba ubundi buryo bwiyongerako.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Iran iriyamiriza ibitero vya Amerika ivuga ko ari 'uguhonyanga bikabije' amasezerano y'agahengwe

    Amato ari mu muhora wa Hormuz, umuntu ayabona ahagaze ku nkengera za Iran

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Iran yavuze ko ibitero vya Amerika hafi y'umuhora wa Hormuz vyahonyanze amasezerano y'agahengwe yari asanzwe agoyagoya, yatanguye gushirwa mu ngiro mu kwezi kwa kane

    Iran yavuze ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika "zarenze bikabije" ku masezerano y'agahengwe, inyuma y'ibitero bishasha vyo mu kirere zagavye kuri ico gihugu.

    Bimwe mu biro bikuru vy'ingabo za Amerika (CENTCOM) vyavuze ko vyateye ibibanza Iran ikoresha mu gutera misire bikabamwo n'ububiko bwazo, hamwe n'amato yariko aragerageza gutega ibisasu mu mazi.

    Ivyo bitero Amerika ivuga ko vyari ivyo "kwivuna" ("kwikingira"), bikaba vyatumberejwe mu bumanuko bwa Iran ku wa mbere.

    Ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa Iran bwavuze ko Amerika ari yo ikwiye kubazwa ingaruka z'"ibikorwa vyayo vy'ubusotoranyi kandi bidafise ishingiro", vyatumberejwe mu ntara ya Hormozgan iri ku nkengera ya Hormuz, umuhora w'amazi uhambaye cane Iran yugaye bigatuma ibiciro vy'igitoro na gaz biduga cane.

    Ingaruka ivyo bitero bishobora kugira ku biganiro bigamije guhagarika intambara ntiziramenyekana.

    Itangazo Iran yasohoye rivuga ko Repubulika ya Kisilamu ya Iran itazokwigera ireka ikibi ico ari co cose kitishuwe kandi ko itazotinya gukingira ihanga rya Iran.

    Amerika hamwe na Israel zatanguje intambara kuri Iran kw'igenekerezo rya 28 ukwezi kwa kabiri, biciye mu bitero bikomeye vyishe abantu benshi harimwo n'Umuyobozi w'ikirenga w'ico gihugu.

    Inyuma y'indwi zitari nke z'intambara, habaye amasezerano y'agahengwe kw'igenekerezo rya 8 ukwezi kwa kane, kandi kuva ico gihe yarubahirijwe ku ruhande runini, kiretse uguhangana gukomeye kwabaye rimwe gusa mu ntango z'uku kwezi kwa gatanu.

    Mw'itangazo ryayo, CENTCOM yavuze ko ingabo za Amerika "zagavye ibitero vyo kwivuna mu bumanuko bwa Iran kugira zikingire abasirikare bacu ku ngorane z'umutekano zishobora guterwa n'ingabo za Iran".

    Ntiyatanze ido n'ido ry'aho ivyo bitero vyatumberejwe, ariko umwe mu bategetsi yabwiye ikinyamakuru the New York Times ko vyatumberejwe ku gace kari hafi y'igisagara co ku cambu ca Bandar Abbas mu bumanuko bw'igihugu, hakaba kandi ari ho hari ibirindiro vy'ingabo zo mu mazi za Iran biherereye ku muhora wa Hormuz.

    Ibinyamakuru vya reta ya Iran vyari vyabanje gutangaza ko abategetsi bo muri Bandar Abbas bariko barakora itohoza inyuma y'aho humvikanye ibiturika.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Abantu babarirwa muri za mirongo bishwe muri Liban mu gihe Israel yakajije ibitero

    Umwotsi uzamuka nyuma y’igitero cya Israel i Nabatieh, mu majyepfo ya Libani.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Abantu babarirwa muri za mirongo biciwe mu nkubiri y’ibitero bikaze bya Israel mu majyepfo no mu burasirazuba bwa Liban, nyuma yuko Minisitiri w’intebe wa Israel Benjamin Netanyahu asezeranyije kongera igikorwa cya gisirikare ku mutwe wa Hezbollah ufashwa na Iran.

    Minisiteri y’ubuzima ya Israel yavuze ko abantu nibura 31 biciwe muri ibi bitero bishya, barimo n’abana benshi.

    Ingabo za Israel zavuze ko zarashe ku bikorwa-remezo no ku barwanyi byose hamwe birenga 100 bya Hezbollah, muri rimwe mu majoro yamishwemo ibisasu byinshi cyane kuva agahenge kagizwemo uruhare n’Amerika gatangiye hagati muri Mata (4) uyu mwaka.

    Bibaye nyuma yuko ku wa mbere Netanyahu avuze ko yatanze amategeko yo “kongera umurego kurushaho” mu kurasa kuri Hezbollah.

    Mu ijambo yavugiye mu nama y’umutekano ya leta ku wa kabiri, yavuze ko Israel irimo “kongera cyane igikorwa cya gisirikare cyacu muri Liban”.

    Yagize ati: “IDF [ingabo za Israel] irimo gukoresha ingabo nyinshi ku butaka no gufata ahantu higiye hejuru.” Yongeyeho ko irimo “gukaza uburinzi bw’akarere k’umutekano” mu rwego rwo kurinda abaturage bo mu majyaruguru ya Israel ibitero bya Hezbollah.

    Agahenge kagiye karengwaho kenshi n’impande zombi, biteza inkeke ko byatesha umurongo ibiganiro bikomeje byo kurangiza intambara hagati y’Amerika, Israel na Iran.

    Ibitero byo mu kirere n'iby'intwaro za rutura bya Israel byarakomeje buri munsi, cyane cyane mu majyepfo ya Liban, mu gihe Hezbollah yakomeje kohereza ibisasu bya rokete n'indege nto z'intambara zitajyamo umupilote (drone) ku batuye mu majyaruguru ya Israel no ku ngabo za Israel zigaruriye ibice bimwe byo mu majyepfo ya Liban.

    Ibitangazamakuru byo muri Liban byatangaje ko ibitero byo mu kirere byibasiye icyaro cya Mashghara cyo mu kibaya cya Bekaa Valley hamwe n'i Burj al-Shamali mu majyepfo ya Liban.

    Izindi nkuru wasoma:

  7. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.