Kigali: Haribazwa icyabaye ngo leta igure iyi nzu nshya nyuma y’imyaka ibiri ifungwe ngo ‘ivugururwe’
Ahavuye isanamu, Rwanda Gov
Insiguro y'isanamu, Iyi nzu iri ku Kimihurura mu mujyi wa Kigali ikigo RDB n'ibindi bigo bya leta byayinjiyemo mu Ugushyingo(11) 2023
Inzu ya leta izwi cyane mu mujyi wa Kigali nka “RDB
Building” irimo kugarukwaho ku mbuga nkoranyambaga nyuma y’uko ikigo Rwanda
Development Board (RDB) cyemeje ko kigiye kuyivamo kugira ngo “ivugururwe”.
Umwe mu bakozi ba RDB, mu butumwa bwanditse,
yabwiye BBC ko mu cyumweru gishize bameneyshejwe ko bagomba kwimuka bakayivamo nyuma
y’uko ubugenzuzi bwemeje ko “iyi nzu ifite ibibazo by’ubuziranenge”.
Itangazo ry’ikigo Rwanda Development Board (RDB) ry’uyu
munsi rivuga ko iyi nyubako "ifungwa by’agateganyo ngo ikorerwe ivugurura
ryari riteguye".
Iyi nzu y’amagorofa 12 n’ane yo munsi y’ubutaka
(Under-ground) yubatswe n’umuntu ku giti cye igurwa na leta mu rwego rwo "kugabanya
ikiguzi itanga mu gukodeshereza ibigo byayo", nk’uko mu 2023 ubwo bayijyagamo byatangajwe
n’ikigo cya leta gishinzwe imyubakire.
Umukozi wa RDB utifuje gutangazwa yabwiye BBC ko kuva
mu myaka ibiri ishize iyi nzu “yatangiye kugaragaza ibibazo bitandukanye by’imyubakire”.
Ku mbuga nkoranyambaga bamwe barakemanga imigirire
idahwitse mu masoko ya leta mu kugura inyubako nshya nyuma y’igihe gito ikagaragaza
ibibazo bituma ifungwa ngo isanwe.
Igisirikare ca Iran kivuga ko kizotera Amerika niyagerageza kwinjira mu muhora wa Hormuz
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Ubwato bw'ibitoro buriko buca kw'izinga rya Qeshm muri Irani itariki 28 z'ukwezi kwa kane
Igisirikare ca Iran cavuze ko kizotera igisirikare ca Leta
Zunze Ubumwe za Amerika mu gihe cogerageza kwinjira mu muhora wa Hormuz, inyuma
y’uko Perezida Donald Trump atangaje igikorwa ca gisirikare kigamije gufasha ubwato gusohoka muri uwo
muhora.
Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umukuru w'ibiro bikuru vy’igisirikare ca Iran, Jenerali Majoro (Maj Gen) Ali Abdollahi, yavuze ko Iran izotera "igisirikare ico ari
co cose c'amahanga" kizogerageza
kwegera canke kwinjira muri uwo muhora, "na cane cane igisirikare gisotorana c'Amerika".
Yavuze kandi ko Iran “yama isubiramwo” ko uwo muhora uri “mu
minwe y’igisirikare ca Iran,” kandi ko ubwato bwose bushaka kuwucamwo butegerezwa
kubanza kurekurirwa na Iran “mu bihe vyose”.
Iryo tangazo ryasohowe n'imboneshakure IRIB y'igihugu ca Iran.
Ku ruhande rwa Amerika, igisirikare cavuze ko hazokoreshwa
ibikoresho bikomeye mu gikorwa ca gisirikare ciswe “Project Freedom,” birimwo ubwato bw’intambara busambura ibisasu, indege zirenga 100 zirimo iziri ku butaka no ku mazi, ibirwanisho binyuranye bitajamo ababikoresha (multi-domain unmanned platforms), hamwe n’abasirikare bashika 15,000 bazofasha muri ico gikorwa ca gisirikare.
Mu butumwa bwahanahanwe ku mbuga hwaniro bwashikirijwe abakozi b’ubuvuzi bw’ibitungwa, Dr Habarugira Chadrack, arongoye igisata kijejwe gukurikirana no kurwanya indwara
z’ibitungwa, yavuze ko igikorwa co gucandagira indwara y’uruhu ifata inka,
cari gitegekanijwe mu ndwi itangura uyu musi kw'igenekerezo rya 4 ukwezi kwa gatanu,
casibijwe.
Gusivya iki gikorwa, nk'uko ubwo butumwa bubandanya bubivuga, kubaye inyuma y'uko ubwo bushikiranganji
bubuze igitoro, cagize ingaruka ku gutwara inkingo n’ibindi
bikoresho vy’ingenzi bigenewe kuja mu bice bitandukanye vy’ico gihugu.
Umwe mu bategetsi bo mu bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi
n’ubworozi yavuganye na BBC, atashimye gutangazwa izina, yemeje ayo makuru, yongera avuga ko ico gikorwa cigijwe inyuma, ariko ntiyatanze insiguro
irambuye ku rugero ikibazo c’ibitoro kiriko muri ubwo bushikiranganji canke ingingo ziriko zirafatwa
kugira ico kibazo gitorerwe inyinshu.
Mu minsi iheze, umukuru w’igihugu c’Uburundi yavuze ko abaririra ibitoro ari abanya-Bujumbura, avuga ko ahubwo bari bakwiye gushima ko banafise
izo modoka.
Uburundi bumaze imyaka irenga itanu bufise ikibazo gikomeye c’igitoro, ivyo bikaba bikunze kugira ingaruka ku gutwara abantu n’ibintu, ku bucuruzi no ku bikorwa
vya Leta.
Naho abategetsi basavye imbabazi kuri izo ngorane, bavuga ko
vyari ibintu badashoboye kwirinda, kandi ko bariko barakora ibishoboka vyose
kugira ntihagire izindi ngorane zibandanya gutuma ibikorwa biteba.
Ivyo tuzi ku bijanye n'ikiza ca hantavirus cikekwa ko cadutse
Ahavuye isanamu, Getty Images
Abantu batatu barapfuye inyuma y’aho bikekwa ko hari umugera
wa hantavirus mu bwato butwara abantu.
Ng'ibi ivyo tuzi n'ivyo tutazi gushika ubu:
Ivyo tuzi
Abantu batatu bapfuye: Abantu batatu bapfuye, nk'uko bivugwa
n'ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu kw'isi, OMS. Muri abo
harimwo umugabo n'umugore bo mu Buholandi b'imyaka 70 na 69. Utwigoro two kubasubiza iwabo mu gihugu turiko turabandanya.
Ikiziga c'umuntu agira gatatu kiracari mu bwato.
Umwongereza ari mu bitaro: Umunyagihugu umwe
w'Ubwongereza w'imyaka 69 ari mu bitaro ahavurirwa indembe i Johannesburg muri Afirika y'Epfo - ni we
wenyene yemejwe ko arwaye hantavirus
Izina ry’ubwato: Ico kiza cabereye ku bwato butwara abantu bwitwa
MV Hondius, bwari butwaye abantu bashika
150 bavuye muri Argentine, ubu bukaba buri ku kivuko kiri ku mugwa mukuru wa
Cape-Vert.
Ivyo tutazi
Igitigiri cose c’abarwaye: Umuntu umwe yaremejwe ko arwaye, hari n’abandi batanu bakekwa ko banduye, nk’uko OMS yabibwiye BBC
Uko ico kiza catanguye: Ubwandu bw'uwo mugera buba iyo ushitse mu
kirere uvuye mu masobe y'imbeba, mu mwanda mukuru, canke mu mate, kandi rimwe rimwe
urakwiragira biciye mu kuribwa n'imbeba canke guharurwa – kwanduzwa n’abandi bantu
ni imbonekarimwe
Ibindi bimenyetso
vyoshobora guseruka: Umuhinga mu vy'imigera yabwiye BBC ko bifata kuva ku ndwi
imwe gushika ku ndwi umunani kugira ngo ibimenyetso biboneke, aca abaza ati: "Tuzobona
abantu benshi bandura iyo ndwara mu misi n'indwi ziri imbere?"
Perezida wa Taiwan, Lai Ching-te, yageze muri Eswatini, nyuma y'iminsi leta ayoboye ivuze ko urugendo rwe rwari rwarahagaritswe kubera ko Ubushinwa bwocyejeigitutu ibihugu byo muri Afurika ngo byime inzira indege ye ntinyure hejuru y'ikirere cyabyo.
Yavuze ko uruzinduko rwe muri Eswatini, igihugu rukumbi cy'Afurika gifitanye umubano wa dipolomasi na Taiwan, rwabaye nyuma y’“iminsi y’imyiteguro yitondewe yakozwe n'amatsinda ashinzwe dipolomasi n’umutekano w’igihugu”, ariko ntiyatangaje ibisobanuro birambuye ku buryo yagezeyo.
Ubushinwa bwasobanuye uru ruzinduko nk’“ikinamico yo kwinjira mu gihugu mu buryo bwo kwihishahisha”. Ubushinwa bufata Taiwan nk’igice cy’ubutaka bwabwo kidafite uburenganzira bwo kugirana umubano n’ibindi bihugu nk’igihugu cyigenga.
Umuvugizi wa minisiteri y’ububanyi n’amahanga w'Amerika yavuze ko urugendo rwa Lai ari “urusanzwe kandi rutagombye gushyirwa muri politiki”.
Amafoto yagaragaje Lai yakiriwe na Minisitiri w’intebe wa Eswatini, Russell Dlamini, ubwo yanyuraga imbere y’ingabo zari zihagaze mu kumuha icyubahiro.
Intumwa za Taiwan zirikumwe na we zirimo na Minisitiri w’ububanyi n’amahanga Lin Chia-lung hamwe n’Umujyanama w’inama y’umutekano w’igihugu, Alex Huang, nk’uko byatangajwe n’ibiro bya Perezida wa Taiwan.
Afrika y'Epfo: Umupolisi yamanutse mu ruzi rurimo ingona kugira ngo atore ibisigarira vy'umuntu
Ahavuye isanamu, South African Police Service
Polisi yo muri
Afirika y’Epfo yarashoboye kuronka ibisigarira vy’umuntu inyuma y’aho umupolisi
umwe amanuwe mu ndege ya kajugujugu aja mu ruzi rurimo ingona mu gikorwa co
kurondera umudandaza yari yatwawe n’amazi y'imyuzure mu ndwi imwe irenga iheze.
Ingona bikekwa ko yariye
uwo muntu yari yaramaze kwicwa, ariko Kapiteni Johan “Pottie” Potgieter yavuze
ko naho biri uko, vyari ibintu biteye ubwoba cane.
Yabwiye urubuga
rwa News24 ati: “Aho umutwe w’ingona uri si ho hantu heza ho kuja.”
Ubu hagiye
gukorwa isuzuma rya ADN kugira bamenye neza ko ivyo bisigarira vy’umubiri ari
ivy’uwo muntu yari yabuze.
Imodoka yiwe yari
yafashwe n’amazi igihe yariko aragerageza kurenga ikiraro kiri asubira hasi kiri ku ruzi
rwari rwuzuye mu ndwi irenga iheze. Abapolisi bashitse aho vyabereye basanga imodoka iragaragara (irimo ubusa), bituma bikeka ko yatwawe n’amazi, nk’uko vyavuzwe na Koloneli Mavela Masondo,
avugira abapolisi bo mu ntara ya Mpumalanga, abwira iradiyo y’igihugu SABC.
Abategetsi
bakoresheje indege nto zitajamo abapilote (zizwi nka drone) n’indege zitwara abantu, mu gikorwa co
kurondera, babona akazinga gatoyi aho ingona zitari nke zariko zirota izuba, nk’uko
vyasiguwe na Potgieter, arongoye igice c’abapolisi bo kwibira mu mazi.
Yavuze ko, kubera
uburambe afise bw’imyaka myinshi, we na bagenzi be bashoboye kubona ko imwe muri izo ngona yari
iherutse kurya.
Trump avuga ko Amerika igiye 'kuyobora' amato yaheze mu muhora wa Hormuz akahava
Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Perezida w’Amerika
Donald Trump yavuze ko Amerika izafasha mu kuyobora amato yaheze mu muhora wa
Hormuz akahava guhera kuri uyu wa mbere.
Perezida Trump yatangaje ku mbuga nkoranyambaga ati: “Ku neza ya
Iran, Uburasirazuba bwo Hagati, na Leta Zunze Ubumwe [z’Amerika], twabwiye ibi
Bihugu ko tuzayobora Amato yabyo mu mutekano akava muri Nzira zo mu mazi zabujijwe,
kugira ngo ashobore gukomeza mu bwisanzure kandi mu buryo ashoboye imirimo yayo.” Ntiyasobanuye ibyo bihugu ibyo ari byo.
Trump yavuze ko
ukwivanga uko ari ko kose muri icyo gikorwa cya gisirikare (operation), yise “Project Freedom”, cyangwa “Umushinga
w’Ubwisanzure” ugenekereje mu Kinyarwanda, “kugomba guhashywa n’imbaraga”.
Iran yagabanyije cyane
ingendo z’amato anyura muri iyo nzira yo mu mazi y’ingenzi cyane, kuva intambara
n’Amerika itangiye muri Gashyantare (2) uyu mwaka. Amerika na yo yakumiriye amato
mu mazi ku byambu bya Iran.
Ebrahim Azizi, Depite
ukomeye mu nteko ishingamategeko ya Iran, wahoze ari umukuru w’umutwe wihariye
wo mu ngabo za Iran witwa ‘Islamic Revolutionary Guards
Corps’, yanditse ku mbuga nkoranyambaga ko “ukwivanga uko ari ko kose kw’Amerika”
kuzafatwa ko ari “ihonyora ry’agahenge”.
Mu butumwa bwe, Trump yanavuze ko abahagarariye Amerika barimo kugirana ibiganiro “byiza cyane”
na Iran, kandi ko ibyo biganiro “bishobora kugeza ku kintu cyiza cyane kuri
bose”.
Trump yongeyeho ko
icyo gikorwa kizaba ari “ikimenyetso cy’ubumuntu” gikozwe mu izina ry’Amerika,
Iran n’ibindi bihugu byo mu Burasirazuba bwo Hagati, ariko ntiyabirondora. Nta
yandi makuru yatanze ku kuntu ubufatanye na Iran buzakorwa.
Rumwe mu nzego nkuru z'imirwano z’ingabo
z’Amerika (US Central Command) rwavuze ko abasirikare 15,000,
amato y’intambara ashwanyaguza ibisasu bya misile hamwe n’indege zirenga 100 ari
byo bizakoreshwa muri “Project Freedom”.
Mu cyumweru gishize, Arsenio Dominguez, umukuru w’umuryango
mpuzamahanga w’ubwikorezi bwo mu mazi magari (IMO), yavuze ko amato 2,000 n’abagenzi 20,000 baheze mu muhora wa Hormuz.