Umukuru wa OMS asaba Uganda gusubira gusuzuma ingingo yo kwugara urubibe bihana na RD Congo kubera Ebola

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS/WHO) yavuze ko Uganda ikwiye gusubira gusuzuma ingingo yafashe yo kwugara umupaka ico gihugu gihana na Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC), kubera ikiza ca Ebola.
Tedros Adhanom Ghebreyesus yabishikirije ku wa mbere igihe yariko agendera ikigo kivurirwamo abarwaye Ebola kiri ku bitaro vya Mulago i Kampala, umurwa mukuru wa Uganda, nk’uko vyanditswe n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters.
Mu yandi majambo yavuze, Tedros yashimiye ico gihugu ku kungene cahanganye na Ebola, akavuga ko cabikoze ningoga kandi neza.
Ariko, abajijwe n’umumenyeshamakuru wa Reuters ku ngingo yo kwugara urubibe Uganda ihana na DRC yafashwe n’abategetsi mu mpera z’ukwezi guheze, mu ntumbero yo kugabanya irandagata ry’ico kiza, Tedros yishuye ko ukwugara imipaka yose bidakora.
Ati: "Rero nizeye ko [abategetsi ba Uganda] bazoyisubiramwo."
WHO yatangaje ko ubu bwoko budakunze kuboneka bwa Ebola bwitwa Bundibugyo ari ikibazo c’amagara cihutirwa gihanze isi yose.
Abategetsi bajejwe amagara muri DRC bamenyesha ko gushika kw’itariki ya 7 Ruheshi (6) 2026, igihugu cari kimaze kwandika abantu 550 bemejwe ko banduye Ebola. Ni ukuvuga ko abayanduye biyongereyeko 35 mu masaha 24 aheze.
Ico kiza kimaze guhitana abantu 101, mu gihe abantu 309 bakiri mu bitaro canke mu bibanza bataramuriwemwo.
Ebola imaze gukwiragira mu turere tw’ubuvuzi 25 two mu ntara zitatu za DRC: Ituri (uturere 17), Kivu ya Ruguru (uturere 7) na Kivu y’Epfo (akarere 1).
Urugero rw’abahitanwa n’iyo ndwara ruri kuri 18,4%, mu gihe igikorwa co gukurikirana abahuye n’abanduye kigeze ku 64,4%.
Uganda imaze kutangaza abantu 19 bemejwe ko banduye Ebola, benshi muri bo bakaba ari abinjiye muri ico gihugu baturutse muri Congo nyene.
Izindi nkuru wosoma:




