Isesangura: Itegeko ryo kwimuka muri Tyre ni ubutumwa Netanyahu yarungikiye Trump

Ahavuye isanamu, Getty Images
Itegeko ryo kwimuka ryatanzwe na Israel ku gisagara ca Tyre kiri mu bumanuko bwa Liban rifise insiguro ikomeye kubera, ku ncuro ya mbere, riraraba n’agace kabamwo abakirisu bo muri ico gisagara, nk'uko vyihwezwa n'umwanditsi mukuru wa BBC ku makuru mpuzamakungu Jeremy Bowen.
Nk'uko bigaragara kw’ikarata yasohowe n’igisirikare ca Israel, iryo gabisha rifata ico gisagara nka cose.
Kubera iki ibi bibaye ubu? Bisa n’aho ari ubutumwa umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, n’igisirikare ca Israel, barungikiye Perezida wa Amerika Donald Trump ko naho ashobora kuba yarabujije ibindi bitero ku murwa mukuru wa Liban, Beirut, Israel igifise ubushobozi bwo kurasa bikomeye mu bumanuko bw’ico gihugu.
Iran ibandanya ishimangira ko ibiriko biraba muri Liban bifitaniye isano n’amasezerano ayo ari yo yose yoshobora gushikwako mu karere k’ikigobe c’Abarabu.
Netanyahu ariyamiriza ico ciyumviro, avuga ko kidashoboka.
Yamara, ubiravye, Trump ariko aremera ko iryo sano rihari, kuko aripfuza cane ko haboneka amasezerano, umuhora wa Hormuz ugasubira kwugururwa, gutyo akabona kwitaho ibindi bibazo bihambaye.
Biragoye kwiyumvira ko Israel yokwemera, ataco ikoze, ico ibona nk'umukenyuro mushasha w'uko ibintu bimeze ukaguma ukwo Iran n’abayishigikiye bariko baravyipfuza.
Birashoboka ko Israel izorwanya iciyumviro cose c'uko Iran ishobora kuyikumira mu buryo bwa gisirikare.
Ikigenda cigaragaza ni uko iyi ntambara iriko irahindura isura y’uko ibintu vyahora vyifashe mu buseruko bwo hagati, ariko bigahinduka mu buryo Israel na Amerika batari biteze igihe batanguza intambara kuri Iran kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma (2).
Izindi nkuru wosoma:







