Ubucuti n'Ubushinwa buguma ari co kintu kiza imbere ya vyose – Kim

Ahavuye isanamu, Xinhua
Mu biganiro bagiranye ku wa mbere, umukuru wa Koreya ya Ruguru Kim Jong Un yavuze ko igihugu ciwe kizobandanya gufata ubucuti gifitaniye n’Ubushinwa nk’ikintu gikomeye kurusha ibindi, nk’uko vyatangajwe mu ncamake y’ivyo baganiriye yashizwe ahabona n’ikinyamakuru ca reta KCNA mu masaha make aheze.
Kim yavuze kandi ko kuba Perezida w'Ubushinwa, Xi Jinping, yahisemwo Pyongyang nk’aho agirira urugendo rwiwe rwa mbere rw’akazi muri uyu mwaka, vyerekana ingene imigenderanire hagati y’ibihugu vyompi yahawe agaciro kanini cane.
Yavuze ko urwo rugendo rwibutsa inguvu z’ubu bucuti, n’igihe haba hari “ihungabana rikomeye mu migenderanire y’ibihugu” ku rwego rw’isi.
Kim yemeje kandi ko ashigikiye politike ya Beijing yitwa “One China” – politike ivuga ko Ubushimwa ari bumwe gusa kw’isi, kandi ko Taiwan ari intara yabwo, ko atari igihugu cigenga – n’ingingo hamwe n’imigambi y’umugambwe w’Abakomunista uri ku butegetsi mu Bushinwa.
Izindi nkuru wosoma:



