Israel yategetse kwimuka mu gisagara ca Tyre muri Liban n’ubwo Iran yari yagabishije ko ishobora gusubira kugaba ibitero
Igisirikare ca Israel (IDF) catanze itegeko ryihutirwa risaba abanyagihugu kuva mu gisagara ca Tyre, mu bumanuko bwa Liban.
Iryo tegeko rije umusi umwe gusa inyuma y’aho Iran ivugiye ko ihagaritse kugaba ibitero kuri Israel, ariko ikagabisha ko izotanga inyishu ikomeye hamwe igisirikare ca Israel cobandanya kugaba ibitero mu bumanuko bwa Liban.
Ku wa mbere, umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, yavuze ko igihugu ciwe kibaye kirahagarika kugaba ibitero kuri Iran “muri aka kanya”, ariko yongerako ko “hamwe Iran yogira ikosa igasubira kudutera - tuzoyishura n’inguvu nyinshi.”
Ku wa Mungu, Iran yararashe urukurikirane rw’amamisire kuri Israel, bukaba bwabaye ubwa mbere kuva bumvikanye ku gahengwe muri Ndamukiza (4).
Israel yaciye yihora, aho yavuze ko yagavye ibitero ku bibanza vya gisirikare biri mu burengero no hagati muri Iran.
Ku wa mbere kandi, Perezida wa Amerika Donald Trump yavuze ko Israel na Iran bikwiye guhagarika “kurasana” ubwo nyene.
Yongeyeko ko ibiganiro vya nyuma bigamije gushika ku mahoro – hagati ya Amerika na Iran – biriko biratera imbere, ariko ko bishobora kunanizwa n’ico yise “ubujuju n’ukutamenya”.
Izindi nkuru wosoma: