IS yigamvye igitero ciciwemo abantu 29 muri Nigeria

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Abantu bitwaje ibirwanisho bishe n'imiburiburi abantu 29 mu gitero cagabwe mu gace ko mu ntara ya Adamawa iri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria, nk'uko bivugwa n'abategetsi bo muri ako karere hamwe n'ababibonye.
Abategetsi hamwe n’abanyagihugu bavuga ko abo bateye binjiye ku kibuga c’umupira w’amaguru, aho abantu bari bakoraniye, baca batangura kurasa ata kurobanura, imbere yo guturira amazu, ibibanza vy’amasengesho n’amapikipiki.
Umurwi wiyita Reta ya Kisilamu (Islamic State, IS) wavuze ko ari wo wagavye ico gitero, naho utasobanuye neza ico wari ugamije.
Inyuma yo kugendera ahabereye ico gitero, Buramatari w'iyo ntara, Ahmadu Umaru Fintiri, yavuze ko ico gitero ari "igitutsi ku bumuntu bwacu".
Ibiro vyiwe vyo kumenyesha amakuru vyavuze ko ico gitero camaze amasaha atari make, gisiga abanyagihugu mu gahundwe n'ubwoba.

Abantu benshi barakomerekeye muri ico gitero, bamwe muri bo bariko baravurirwa mu mavuriro yo muri ako karere. Abategetsi bavuga ko igikorwa co gutabara no kurondera aboba bakiri mu kaga kiriko kirabandanya, mu gihe abasirikare n’abapolisi barungitswe mu karere kugira bongereze umutekano.
Ako karere kari hafi y’umupaka wa Cameroun kamaze imyaka kabamwo umutekano muke, aho imigwi y’abagizi ba nabi hamwe n’iyifitaniye isano n'umurwi wa IS ikora ibitero vyisubiriza.
Mbere muri uku kwezi, abantu bashika hafi 400 baraciriwe imanza zo mu kivunga bagirizwa gukorana n'imigwi y'intagondwa igendera ku vyiyumviro vyiyitirira idini rya Islam, nka Boko Haram, mw'ishami ryayo ryo muri Afrika y'uburengero (ISWAP).
Kuva bitanguye mu 2009, ibitero vya Boko Haram bimaze guhitana abantu ibihumbi biharurwa muri za mirongo, abarenga imiliyoni zibiri bata izabo, nk'uko bivugwa n'amashirahamwe atanga imfashanyo.
Ibitero vy'imitwe nk'iyo vyarageze no mu bihugu bibanyi vya Niger, Tchad na Cameroun.
Reta ya Nigeria iriko iragerageza guhangana n'ikibazo c'umutekano muke muri gihugu.
Izindi nkuru wosoma:




