Imvo n'Imvano: Kuki bishobora kugorana ko Afrika ironka intebe mu nama ya ONU ijejwe umutekano

Insiguro y'amajwi, Imvo n'Imvano:Afrika yoshobora kwumvikana ku gihugu coyiserukira mu nama ijejwe umutekano ya ONU?
Imvo n'Imvano: Kuki bishobora kugorana ko Afrika ironka intebe mu nama ya ONU ijejwe umutekano
Yatangajwe

Ikaze mu kiganiro c'imvo n'imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 10 ukwezi kwa 10 mu 2026. Uyu musi tuganira ku cipfuzo ibihugu vya Afrika vyashikirije mu nama ya bose y'ishirahamwe mpuzamakungu Onu yarangiye mu ndwi iheze, co guhabwa ibibanza mu rwego rwa Onu rujejwe umutekano kw'isi.

Ivyo vyagiye bishimangirwa n'ibihugu bitandukanye biva kuri uwo mugabane, hamwe n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika. Hari n'abindi bihugu vyo ku yindi migabane bimaze gushigikira iyo ngingo.

Inyuma y'intambara ya mbere n'iya kabiri z'isi, abantu benshi baripfuje ko hoshirwaho urwego mpuzamakungu rwo kubungabunga amahoro. Ico gihe haciye hashirwaho ishirahamwe mpuzamakungu SDN (Societe Des Nations), mu 1919, mu nama yabereye i Paris.

Amasezerano yo mu kwezi kw'umunani mu 1941, yashiriweko umukono mw'ibahari ya Atlantique na Reta zunze Ubumwe za Amerika n'Ubwongereza, asa n'uko ari yo yaciye inzira ko hashingwa ishirahamwe mpuzamakungu ONU tuzi uyu musi.

Mu kwezi kwa mbere mu 1942 ni ho ibihugu vya rutura vya Amerika, Ubwongerza, Uburusiya n'Ubushinwa vyashira umukono ku nyandiko nto cane yiswe 'Declaration des Nations Unies.' mu kirundi umuntu yovuga ko ari 'Amasezerano y'ibihugu vyunze ubumwe.'

Inama nyezina yo gushiraho ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yabereye i San Francisco muri Amerika yitabwa n'ibihugu 50, imara amezi abiri. Ikibazo catwaye umwanya muremure n'ico ububasha bwo kugira ijwi rirya ayandi (veto) ku bihugu bigize urwego rwa ONU ruhoraho rujejwe umutekano. Ico gihe ivyo bihugu vyari Ubushinwa, Amerika, Ubwongereza, Ubufaransa n'Uburusiya.

Ibihugu bitobito vyatinze vyemera iyo Veto yokoreshwa n'ivyo bihugu kugira ishirahamwe mpuzamakungu ONU rishobore kuvuka. Uyu musi Afrika ibona ko idaserukiwe bikwiye mu nzego zose za Onu, ikaba itanguye gusemerera ko yoshirwa mu nzego zose zifata ingingo muri iryo shirahamwe, ntizokwame ifatirwa ingingo gusa itagizemwo uruhara. Ariko haracari ibibazo: Ingingo zose zifatirwa mu nama nkuru ya Onu ziratorwa.

Afrika ishobora kuronka amajwi akwiye ayemerera gusasa muri izo nzego utiyibagije ko hari na ya majwi y'ibihugu vya rutura arya ayandi?

Ese izi mpinduka zirashoboka amategeko atabanje guhindurwa?

Afrika ubwayo izoshobora kwumvikana ku bihugu vyoserukira uwo mugabane muri ONU?

N'iyihe mpamvu Afrika yahagurukiye iki kibazo ubu gusumba ibindi bihe vyose?

Ibi ni bimwe mu bibazo tuza gushimikirako muri iki kiganiro c'imvo n'imvano mwateguriwe kandi mugiye gushikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.

Muri iki kiganiro turi kumwe na Dr. Zenon Ndayisenga yigisha ivyigwa bijanye na politique muri kaminuza ya Pretoria muri Afrika y'Epfo.

Turi kumwe kandi na Prof Guy Bucumi, umwigisha w'ivyigwa vy'ibibazo mpuzamakungu muri Kaminuza ya Gisirikare ya Saint-jean muri Canada.