Imvo n'Imvano: Mbega mu Rwanda abagore bategerezwa kwambara gute?
Ikaze mu kiganiro c'Imvo n'Imvano co kuri uyu wa gatandatu, itariki 5 ukwezi kw'icenda mu 2026.
Mbega mu Rwanda, abagore bategerezwa kwambara gute?
Ikiganiro c'uyu musi kiri ku mpari ziri muri ico gihugu c'Urwanda ku kungene umugore w'Umunyarwandakazi ategerezwa kwambara.
Iki kibazo kiriko kiravugwa cane ku mbuga hwaniro, inyuma y'aho bamwe mu bari bitabiriye igiteramo c'abaririmvyi Diamond na Bruce Melodie i Kigali bankiwe kukijamwo bagasubizwa inyuma kubera ngo batikwije/bambaye ubusa.
Mu nyuma hazungurutse kandi amasanamu y'abapolisi bo muri ico gihugu, mu karere ka Rubavu, buriza umukobwa mu mudoka y'igipolisi. Uwo mukobwa agaragara yambaye ikanzu igera haruguru y'amavi, abapolisi bamwagiriza ko atikwije.
Ku mbuga hwaniro bamwe barashigikira ico gikorwa c'abapolisi, abandi bakaciyamiriza. Ibi vyatumye igipolisi gisohora itangazo ryiyamiriza abapolisi bamuhagaritse, mbere rinavuga ko bose baciye bapfungwa.
Ariko n'ubu haracibazwa ico itegeko rivuga ku kwikwiza no kutikwiza mu Rwanda.
Ibwirizwa shingiro ry'ico gihugu ryo mu 2023, ntirivuga neza ico bisigura kwambara ukikwiza.
Rivuga gusa ko ari ukwambara mu rupfasoni.
None abajejwe kwubahiriza iryo tegeko bafise ikihe gipimo bafatirako ngo bavuge ko umuntu yikwije canke atikwije?
N'ubwo ico gipimo atakiriho, kwambara ntiwikwize birahanwa. Bihanishwa igipfungo kiva ku mezi atandatu gushika ku myaka ibiri.
Ariko itegeko ntirisobanura neza uko uwo muntu atikwije aba yambaye, igice c'umubiri aba yerekanye no ku ruhe rugero aba yacerekanye. Aha ni ho rero impari zihagaze.
None ni ryari bifatwa ko umuntu atikwije canke yambaye ubusa? Aba yambaye gute? Hehe?
Ibi ni bimwe mu bibazo tuza guca hirya no hino muri kino kiganiro mwateguriwe kandi mugiye gushikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.
Muri kino kiganiro turi kumwe n'umunyamategeko Jean Paul Ibambe.
Turi kumwe kandi na Joseph Hakuzwumuremyi ashigikiye ko abantu bategerezwa kwambara bakikwiza.
Turi kumwe kandi na Peace Tumwesigire arongoye ikinyamakuru Family Media avuga ko ari uburenganzira bwa muntu kwambara uko ashatse.
Twari rero twanatumiye abo mu rwego rw'umuco n'ururimi kugira badufashe gutahura uko umuco nyarwanda utomora uko abantu bakwiye kwambara muri ico gihugu, ariko ntibitavye ubutumire bwacu.


