Ni bande abagwanyi bacengetera Uburusiya bavuye muri Ukraine?

Ahavuye isanamu, Liberty of Russia Legion
Abagwanya ubutegetsi bwâUburusiya bwita "abatovyi" bajabutse urubibe bava muri Ukraine binjira mu ntara ya Belgorod bituma Uburusiya bukora igikorwa co "kurwanya iterabwoba".
Inyuma yâiminsi ibiri yâintambara, Uburusiya buvuga ko bwazungurutse abo bagumutsi hanyuma bwica abarenga 70 muri bo, abandi bubasubiza inyuma muri Ukraine.
Uburusiya buvuga ko ari abanya-Ukraine ariko reta ya Ukraine yo ivuga ko bavuye mu migwi ibiri yitwara bwa gisirikare igwanya ubutegetsi bwâUburusiya.
Abategetsi ba Ukraine bavuga ko ari Abarusiya bo muri Liberty of Russia Legion na Russian Volunteer Corps (RVC) barondera gushinga "akarere gatekanye" ku banya-Ukraine.
Iyo migwi yompi muri kahise yaravuzwe nkâiyigize ingabo bitumwako mpuzamakungu (lĂ©gion internationale) ziri mu bafasha kurwanira ubutaka bwa Ukraine.
Andriy Yusov wo mu kigo câigendereza ca Ukraine avuga ko imigwi yompi ikorera "yigenga ku butaka bwâUburusiya kandi ko abanya-Ukraine batarimwo mu gihe tereviziyo ya Ukraine yavuze ko ari abantu bitwaje ibigwanisho nâââabakorerabushake bâAbarusiya".
Russia Volunteer Corps (RVC) batanguye kumenyekana muri Ntwarante (3) mu 2023, bagira uruhara mu bitero vyo hakurya yâurubibe mu ntara ya Bryansk yo mu Burusiya yavuze ko bari bagizwe nâabantu 45.
Inkuru zitarahinyuzwa zo mu Burusiya zavuze ko habaye kurasa, abahaguye nâabakomeretse hamwe nâabagizwe imbohe mu gihe RVC yavuze ko yajabutse urubibe guhamagarira Abarusiya kugarariza reta yabo. Uwo mugwi wavuze ko ata bantu wagize imbohe hanyuma usubira inyuma mu mutekano muri Ukraine.

Ahavuye isanamu, Reuters
Indongozi yawo izwi nka Denis Kapustin canke Denis Nikitin, Umurusiya ashira imbere umurongo ukaze ku nyungu zâigihugu (nationaliste), hamwe nâuwo mugwi, bafise ivyiyumviro vyâUburusiya bugizwe nâubwoko bumwe.
Mu 2020, urubuga rwo muri Ukraine rukora amatohoza yimbitse rwavuze ko afise isano nâimigwi yâaba-neo-Nazi kandi Nikitin muri kahise yaravuze ko ari mu mugwi wâabateza akaguma mu mupira wâamaguru (hooligans).
Umugwi wiwe wa RVC wagiriza abasanzwe bazwi ko batavuga rumwe na reta mu Burusiya kurera amaboko ku bijanye nâintambara yo muri Ukraine.
Uwundi wo muri uwo mugwi, yiswe Fatouma, yabwiye ibinyamakuru vyo muri Ukraine mu kwezi kwa Munyonyo (11) guheze ko bashika abantu 120, ati: "Turi akagwi kâabakorerabushake, ntitwatumweko mu ngabo canke ngo tube abagwanyi babifitiye amasezerano nkâabanyagihugu ba Ukraine''.
Liberty of Russia Legion (FRL) ni umugwi utandukanye nâuwo cane uri kumwe nâingabo za Ukraine mu kugwanya ingabo zâUburusiya.
Ukoresha ibendera ryera-ubururu-ryera, ribonwa na bamwe mu batavuga rumwe na reta yâUburusiya nkâibendera ry'"Uburusiya bwigenga".
Umukuru wâabakorerabushake Denis Nikitin avuga ko mu gihe imigwi yompi irondera gutembagaza ubutegetsi bwa Putin, abo muri uwo mugwi bo bifata nkâabari hagati na hagati [muri poritike].
Ariko ku wa 22 Rusama (5), uwo mugwi wamenyesheje ko "wabohoje" ikigwati ca Kozinka co mu Burusiya hakurya yâurubibe rwa Ukraine mu bumanuko bushira uburengero bwa Belgorod.
Wavuze ko "babandanya kubohora" intara ya Belgorod.
"Ubundi kandi, umugani wâuko Abarusiya batekanye kandi ko Uburusiya bukomeye waraheze," nkâuko wabandanije uvuga.
Waciye ushira ku mbuga hwaniro ibipurizo biriko ibendera ryawo mu kirere ca Moscou.
Ingene uwo mugwi ungana ntibizwi ariko ku bwâurubuga rwawo, uvuga ko ukora "ufashanya vyuzuye nâingabo za Ukraine ku burongozi bwâabategetsi bâingabo za Ukraine".
Umwe mu bawurimwo, azwi nka Caesar, ashobora kuba ari umwe mu basirikare bawo bazwi cane, yashimitse avuga ko "ata bantu bahatirwa kwinjira" kandi ko bose ari abasirikare bafitaniye amasezerano nâumugwi bitumwako mpuzamakungu wa Ukraine.
Nâubwo avuga ko igitigiri gito ari basirikare bâAbarusiya bishikanye ku ngabo za Ukraine, babikoze nyene kugira bahindure uruhande [bwarwanira].
Ugira ico uvuze ku kuba Uburusiya bwahisemwo kuwita "umugwi wâiterabwoba", wavuze ko imbere yâaho wari wavuzwe ko utabaho.
Hari amakenga ku kuba iyo migwi ibiri hari ico imaze ku rwego rwa gisirikare. Umusesenguzi wâumunya-Ukraine Volodymyr Fesenko avuga ko hari utugwi twinshi akenshi dusa nâutwimenyekanisha cane kurusha kuba hari ikintu gifadika dukora.
Uwahoze ari umushingamateka mu Burusiya, Ilya Ponomarev, ubu asigaye ari umunya-Ukraine, yavuze kuri Facebook muri Myandagaro (8) mu 2022 ko iyo migwi ibiri nâuwundi wiyita National Republican Army, yateye umukono kwâitangazo yemeranya intego imwe yo kubohora Uburusiya ibukura mu minwe yâUbutegetsi bwa Vladimir Putin.
Inkuru ya BBC Monitoring.










